ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • km 8/11 rup. 8
  • Ingene twotanguza ibiyago

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ingene twotanguza ibiyago
  • Igikorwa dukorera Ubwami—2011
  • Ivyo bijanye
  • Ingene twotanguza ibiyago
    Igikorwa dukorera Ubwami—2012
  • Ingene twotanguza ibiyago
    Igikorwa dukorera Ubwami—2012
  • Ingene twotanguza ibiyago
    Igikorwa dukorera Ubwami—2011
  • Ingene twotanguza ibiyago
    Igikorwa dukorera Ubwami—2014
Ibindi
Igikorwa dukorera Ubwami—2011
km 8/11 rup. 8

Ingene twotanguza ibiyago

Gutanguza inyigisho za Bibiliya ku wa gatandatu wa mbere wa Nyakanga

“Abantu bo mu bihugu bitandukanye no mu madini atandukanye barasenga imisi yose. Woba wibaza ko Imana yumviriza amasengesho yose kandi ikayishura?” Rindira yishure. Nuce umuha Umunara w’Inderetsi wo ku wa 1 Nyakanga, maze murabire hamwe ibivugwa munsi y’agatwe ka mbere kari ku rupapuro rwa 16 mwongere muganire n’imiburiburi kuri kimwe mu vyanditswe vyatanzwe. Numuhe ibinyamakuru maze muvugane ivyo kuzogaruka kugira mwihweze inyishu y’ikibazo gikurikira.

Umunara w’Inderetsi 1 Mukakaro

“Kubera ko ubuzima ari bugufi kandi bukaba bwuzuye ingorane, benshi baribaza nimba bufise intumbero. Wari bwigere uvyiyumvira? [Rindira yishure.] Bibiliya idusezeranira yuko ubuzima butazokwama bumeze uku. [Soma Ivyahishuwe 21:4.] Iki kinyamakuru kirasigura umugambi Imana ifitiye isi, kikavuga n’ibintu bimwebimwe twokora kugira ubuzima bwacu bugire intumbero koko no muri iki gihe.”

Be maso! Mukakaro–Nyakanga

“Woba uzi ukuntu gukurikiza iyi ngingo ngenderwako dusanga mu Migani 15:1 vyogirira akamaro abantu muri iyi si igoye cane? [Hasome uce urindira yishure.] Iki kiganiro kirerekana akamaro ko guhitamwo neza amajambo dukoresha kugira ntitwirirwe turatuma haba ukutumvikana hagati yacu n’abandi.” Niwerekane ikiganiro kiri ku rupapuro rwa 24 n’urwa 25.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika