Ingene twotanguza ibiyago
Gutanguza inyigisho za Bibiliya ku wa gatandatu wa mbere wa Nyakanga
“Abantu benshi baremera yuko umusi uri izina Imana izobacira urubanza ifatiye ku vyo bakoze. Ku bwawe, Umusi w’Urubanza coba ari ikintu tworindirana igishika canke ubwoba? [Rindira yishure.] Raba ivyo iki kinyamakuru kivuga.” Nuce umuha Umunara w’Inderetsi wo ku wa 1 Nyakanga maze murabire hamwe ibivugwa munsi y’agatwe ka mbere ku rupapuro rwa 16 mwongere musome n’imiburiburi kimwe mu vyanditswe vyatanzwe. Numushikirize ibinyamakuru hanyuma muvugane umusi wogaruka kugira muganire ikibazo gikurikira.
Umunara w’Inderetsi 1 Mukakaro
Soma Zaburi 65:2, uce uvuga uti: “Nk’uko tubisomye, abantu benshi baremera yuko Imana ari yo ‘yumva amasengesho’, kandi usanga basenga imisi yose. Ariko hariho abandi bibaza bati: ‘Nimba Imana iriho, kubera iki isi yuzuyemwo ingorane ukuraho?’ Wewe uvyibazako iki? Hoba hariho Imana yumva amasengesho dutura? [Rindira yishure.] Iki kinyamakuru kirerekana inyishu Bibiliya itanga kuri iki kibazo kivuga ngo: ‘Kubera iki Umwe yumva amasengesho areka hakabaho imibabaro?’ ”
Be maso! Mukakaro
“Nka hamwe woba ushoboye kugira ico uhinduye muri iyi si yacu, ni igiki wohindura? [Rindira yishure.] Bibiliya irerekana igituma abantu hari ivyo badashoboye gushikako. [Soma Yeremiya 10:23.] Iki kinyamakuru kirasigura ivyo Imana itegekanya kuzohindura.”