Nutanguze ibiyago mu buryo ngirakamaro
1. Ni igiki twokwigira ku kuntu abakirisu bo mu ntango batanguza ibiyago mu buryo butandukanye?
1 Abakirisu bo mu ntango bamamaza inkuru nziza mu bantu bo mu mico kama itandukanye n’amadini atandukanye. (Kol. 1:23) Naho bamamaza ubutumwa bumwe, ni ukuvuga Ubwami bw’Imana, uburyo bakoresha mu gutanguza ibiyago bwari butandukanye bivanye n’abo baba bariko barayaga. Nk’akarorero igihe Petero yariko arayaga n’Abayuda bubaha cane Ivyanditswe, yatanguje ikiyago mu gusubiramwo amajambo y’umuhanuzi Yoweli. (Ivyak. 2:14-17) Ariko rero, raba ukuntu Paulo na we yazirikanye hamwe n’Abagiriki, nk’uko bivugwa mu Vyakozwe 17:22-31. Muri iki gihe, abantu bo mu vyibare bimwebimwe usanga bubaha Ivyanditswe, kandi turashobora gukoresha Bibiliya ata kwitinya igihe tuba turiko turamamaza inzu ku nzu. Yamara, twoshobora gukenera kurushiriza kwiyubara igihe tuyaga n’abantu badashimishwa na Bibiliya canke badashimishwa n’ivy’idini kibure batari mw’idini rya gikirisu.
2. Twokoresha gute ibisohokayandikiro vyo gushikiriza kugira dufashe abantu baha agaciro Bibiliya be n’abatayiha agaciro?
2 Nukoreshe neza ibisohokayandikiro vyo gushikiriza: Ibisohokayandikiro vyo gushikiriza mu ndimiro muri uno mwaka w’umurimo bizoza birahinduka uko haciye amezi abiri, bikaba bizoba ahanini bigizwe n’ibinyamakuru, udupapuro tw’inkuru nziza hamwe n’udutabu. Naho abantu bo mu cibare cacu boba muri rusangi badashimishwa na Bibiliya, tuzoshobora kubashikiriza igisohokayandikiro cobashimisha. Hari aho tutosoma icanditswe igihe tugendeye umuntu ari bwo bwa mbere, canke ntitwerekeze kuri Bibiliya mu buryo budomako, ariko igihe agaragaje ugushimishwa twoshobora gusubira kumugendera dufise intumbero yo kumufasha kurushiriza kwizera Umuremyi be n’Ijambo ryiwe ryahumetswe. Ku rundi ruhande, igihe twoba turiko turamamaza mu cibare kirimwo abantu baha agaciro Bibiliya, twoshobora gukoresha ibisohokayandikiro hamwe n’uburyo bwo kwamamaza bihuye n’ukwo kuntu abo bantu bameze. Nk’akarorero, twoshobora gushikiriza igitabu Ivyo Bibiliya yigisha canke agatabu Niwumvirize Imana kibure agatabu Niwumvirize Imana maze ubeho ibihe bidahera igihe ico ari co cose, tutaravye ivyagenewe gushikirizwa muri ukwo kwezi. Igihambaye ni uko dutanguza ibiyago mu buryo ngirakamaro.
3. Ni mu buryo ki imitima y’abantu bo mu cibare cacu imeze nk’ivu?
3 Nutegure ivu: Umutima w’umuntu umeze neza na neza nk’ivu. (Luka 8:15) Ubwoko bumwebumwe bw’ivu usanga bukeneye gutegurwa cane imbere y’uko imbuto z’ukuri kwo muri Bibiliya zishinga imizi maze zikabona gukura. Abamamazanjili bo mu kinjana ca mbere barateye imbuto mu bwoko bwose bw’ivu kandi bararoranirwa, ivyo bikaba vyaratumye bumva bashize akanyota kandi banezerewe. (Ivyak. 13:48, 52) Na twebwe twitwararitse uburyo dukoresha mu gutanguza ibiyago, turashobora kuroranirwa.