Kwama ushira abantu ibinyamakuru birafasha gutanguza inyigisho za Bibiliya
1. Ni kubera iki ishirahamwe rya Yehova rimaze igihe riremesha abamamaji kuza barashira abantu ibinyamakuru?
1 Abantu benshi ntibakunda ko twiga Bibiliya, ariko barahimbarwa no gusoma ibinyamakuru vyacu. Ku bw’ivyo, ishirahamwe rya Yehova riramaze igihe riremesha abamamaji kuza barashira abantu ibinyamakuru. Uko abantu babandanya basoma ibinyamakuru vyacu, akenshi bararondera gucambirwa Ijambo ry’Imana. (1 Pet. 2:2) Amaherezo, ibintu basoma vyoshobora kubakwegera bigatuma bemera kugirirwa inyigisho ya Bibiliya.
2. Ni gute wotsimbataza ugushimishwa kw’abo wama ushira ibinyamakuru?
2 ‘Nuvomere’ imbuto z’ukuri: Aho gupfa guha umunyamuhana ibinyamakuru, nutume agira uruhara mu kiyago kandi ugerageze gutuma muba abagenzi. Ivyo bizogufasha kumenya uko ivyiwe vyifashe, ibimushimisha be n’ivyo yemera, bino bikaba bizogufasha kuvugana ugutahura kwimbitse. (Imig. 16:23) Niwitegure igihe cose ugomba kugendera umuntu uhora uha ibinyamakuru. Nimba bishoboka, numubwire muri make iciyumviro kanaka be n’icanditswe kiri muri ivyo binyamakuru, uvomere imbuto z’ukuri ziri mu mutima wiwe. (1 Kor. 3:6) Nuze urandika itariki umugendeye, ibisohokayandikiro umuhaye, ibintu mwaganiriyeko be n’ivyanditswe mwasomye.
3. Wogendera kangahe abantu wama ushira ibinyamakuru?
3 Wobagendera kangahe? Ukwiye kugendera abo wama ushira ibinyamakuru rimwe mu kwezi ubashiriye ibinyamakuru biheruka gusohoka. Yamara, bivanye n’ukuntu ivyawe vyifashe be n’ukuntu uwo muntu ashimishwa, woshobora guhitamwo kumugendera kenshi. Nk’akarorero, haciye indwi imwe canke zibiri umusigiye ibinyamakuru, woshobora gusubirayo maze ukamubwira uti: “Nciye ng’aha gatoyi kugira ndakwereke ikintu kimwe kiri muri vya binyamakuru nagusigira.” Ivyo bizotuma uwo muntu yipfuza gusoma ico kiganiro kirimwo ico ciyumviro. Usanze yaramaze kugisoma, woshobora kumubaza ico yiyumvira kuri ico kiganiro maze mukakiganirako gatoyi. Canke naho nimba uwo muntu asanzwe akunda gusoma ibisohokayandikiro vyacu, woshobora kumugendera ukamuha agapapuro k’inkuru nziza, agatabu canke igitabu turiko turashikiriza muri ukwo kwezi.
4. Rimwe na rimwe, ni igiki wokora kugira ngo umenye nimba abo wama ushira ibinyamakuru boshima kwiga Bibiliya?
4 Nturindire ko umunyamuhana aba ari we agusaba ko mwokwiga. Niwibwirize. Naho yoba yaranse kwiga Bibiliya, rimwe na rimwe woshobora kuza uramwereka ca kiganiro co mu Munara w’Inderetsi kivuga ngo “Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya” maze ukaraba ko yoshima kukiganira nawe. Kumbure woshobora gutanguza inyigisho uhagaze imbere y’umuryango. Ariko ntiwumve, nimba bidashoboka ko utanguza inyigisho, urashobora kubandanya kumuzanira ibinyamakuru kugira ngo utsimbataze ugushimishwa kwiwe.