ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • wp22 no. 1 rup. 6-7
  • 1 | Nube umuntu atagira nkunzi

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • 1 | Nube umuntu atagira nkunzi
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro ya bose)—2022
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Bibiliya ivuga iti:
  • Ico bisigura:
  • Ivyo wokora:
  • 3 | Nukure urwanko mu mutima wawe
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro ya bose)—2022
  • Bibiliya irahindura ubuzima bw’abantu
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2009
  • Ingene wotsinda urwanko
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro ya bose)—2022
  • Yehova ‘ntagira nkunzi’
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2013
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro ya bose)—2022
wp22 no. 1 rup. 6-7
Umwirabure afashe ifoto y’umuzungu ariko aramwenyura, be n’umuzungu afashe ifoto y’umwirabure ariko aramwenyura. Inyuma yabo hari amafoto y’abantu barakaye.

INGENE WOTSINDA URWANKO

1 | Nube Umuntu Atagira Nkunzi

Bibiliya ivuga iti:

“Imana [ntigira] nkunzi, mugabo mw’ihanga iryo ari ryo ryose umuntu ayitinya kandi agakora ivy’ubugororotsi iramwemera.”​—IVYAKOZWE 10:34, 35.

Ico bisigura:

Yehovaa Imana ntatwemera afatiye ku gihugu tuvamwo, ku bwoko bwacu, kw’ibara ryacu ry’urukoba canke ku mico yacu. Ahubwo afatira ku kuntu tumeze imbere muri twebwe. Nkako, “umuntu buntu abona ibiboneka ku maso, mugabo Yehova we, abona ico umutima uri.”​—1 Samweli 16:7.

Ivyo wokora:

Naho tudashobora kumenya ibiri mu mitima y’abantu, turashobora kwihatira kwigana Imana mu kubona abandi nk’uko ibabona. Niwirinde gufatira abantu mu kivunga. Nimba wumva ko hari ukuntu utiyumvamwo abandi, kumbure abo mudasangiye ubwoko canke igihugu, nusenge Imana uyisaba ngo igufashe kwikuramwo ivyo vyiyumviro. (Zaburi 139:23, 24) Niwasaba Yehova ata buryarya ngo agufashe kuba umuntu atagira nkunzi, nta nkeka ko azokwumviriza isengesho ryawe akagufasha.​—1 Petero 3:12.

a Yehova ni izina ry’uruharo ry’Imana.​—Yesaya 12:2.

“Sinari bwigere nicarana mu mahoro n’umuzungu . . . Ico gihe naza naba mu bagize umuryango nyakuri w’abavukanyi ukwiye kw’isi yose.”​—TITUS

Inkuru y’ivyabaye​—TITUS

Yaratsinze urwanko

Titus.

Titus yari mu mugwi w’inkozi z’ikibi zari zarashegeshwe n’amategeko yavangura abantu. Avuga ati: “Twarashobora kuja mu bibanza vyo mu gisagara abirabure batari bemerewe guhonyoramwo, nko mu mahoteli no mu bubare, kugira ngo gusa tuje gusomborotsa intambara.” Titus ariyemerera ko yari yuzuye urwanko. Yongerako ati: “Bishitse tugaharira n’umuntu uwo ari we wese, yaba umugabo canke umugore, ni jewe namubanza ingumu.”

Igihe Titus yatangura kwiga Bibiliya n’Ivyabona vya Yehova yaciye atangura guhinduka. Igihe yasoma Bibiliya, yaratanguye guhindura ivyiyumviro. Yarakozwe ku mutima canecane n’umuhango w’uko hagiye kuzobaho isi, aho ‘urupfu, ikigandaro, amaborogo n’ububabare bitazoba bikiriho.’​—Ivyahishuwe 21:3, 4.

Mu ntango, Titus ntivyamworoheye kwikuramwo urwanko. Avuga ati: “Vyari bigoye cane guhindura ivyiyumviro vyanje be n’ivyo nakora.” Ariko ivyo yize mu Vyakozwe n’intumwa 10:34, 35, ahavuga ko Imana itagira nkunzi, vyaramufashije.

None vyahavuye bigenda gute? Titus avuga ati: “Igihe nabona ingene Ivyabona vya Yehova bakundana naho baba badasangiye ubwoko canke ibara ry’urukoba, naciye njijuka ko bari mw’idini ry’ukuri. Mbere n’imbere y’uko mbatizwa ngacika Icabona, hari umuzungu umwe wo mu bagize ishengero yantumiye i muhira iwe kugira ngo dusangire akajumbu. Ivyo vyari nk’indoto. Sinari bwigere nicarana mu mahoro n’umuzungu, ikitovugwa co ni ugusangira na we akajumbu turi mu rugo iwe. Ico gihe naza naba mu bagize umuryango nyakuri w’abavukanyi ukwiye kw’isi yose.”

Ushaka kumenya n’ibindi ku nkuru ya Titus, nusome Umunara w’Inderetsi wo ku wa 1 Myandagaro 2009, urupapuro rwa 28-29.

[Akajambo gasigura ifoto ku rup. 7]

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika