ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w24 Ndamukiza rup. 31
  • Wari ubizi?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Wari ubizi?
  • Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2024
  • Ivyo bijanye
  • Twigane ukudahemuka kwa Itayi
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2009
  • “Nyigisha gukora ukugomba kwawe”
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2012
  • Niwiheke ku mpwemu y’Imana uko uhangana n’ibihinduka mu buzima
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2004
  • Yehova yarabaye “umurokozi” mu bihe vya Bibiliya
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2008
Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2024
w24 Ndamukiza rup. 31

Wari ubizi?

Kubera iki mu ngabo z’umwami Dawidi harimwo abanyamahanga?

MU NGABO za Dawidi harimwo abanyamahanga. Muri bo twovuga nka Zeleki Umwamoni, Uriya Umuheti na Itima Umunyamowabu.a (1 Ngo. 11:​39, 41, 46) Harimwo ‘n’Abakereti, Abapeleti, n’Abanyegati.’ (2 Sam. 15:18) Biboneka ko Abakereti n’Abapeleti bari bafitaniye ubucuti budasanzwe n’Abafilisitiya. (Ezk. 25:16) Abanyegati na bo bava mu gisagara c’Abafilisitiya citwa Gati.—Yos. 13:​2, 3; 1 Sam. 6:​17, 18.

Kubera iki none Dawidi yemeye ko abanyamahanga baja mu ngabo ziwe? Ni uko yari azi neza ko batari kumuhemukira, na canecane kubera ko bari intahemuka kuri Yehova. Nk’akarorero, ku bijanye n’Abakereti n’Abapeleti, igitabu kimwe (The New Interpreter’s Dictionary of the Bible) kigira giti: «Bagumye bumiye kuri Dawidi mu bihe bigoye cane vy’intwaro yiwe.» Uti gute? Igihe «Abisirayeli bose» bata umwami Dawidi bagakurikira «umugumutsi yitwa Sheba», Abakereti n’Abapeleti bobo bagumye inyuma ya Dawidi, bongera baramufasha guhasha ubugumutsi bwa Sheba. (2 Sam. 20:​1, 2, 7) Ikindi gihe, Adoniya umuhungu wa Dawidi yaragerageje kwigira umwami. Ariko Abakereti n’Abapeleti bagumye ari intahemuka kuri Dawidi, bongera barafasha mu bijanye no kwimika Salomo, uwo Yehova yari yaratoye ngo azosubirire se ku ngoma.—1 Abm. 1:​24-27, 38, 39.

Uwundi munyamahanga yumiye cane kuri Dawidi yari Itayi Umunyegati. Itayi n’ingabo ziwe 600 barashigikiye umwami Dawidi igihe umuhungu wiwe Abusalomu yarondera kumukura ku butegetsi abanje kwigarurira imitima y’Abisirayeli. Kubera ko Itayi atari Umwisirayeli, Dawidi yamubwiye ko bitari ngombwa ko amufasha urugamba. Mugabo Itayi yamwishuye ati: «Ndakurahiye Yehova Imana nzima, nawe ubwawe ndakurahiye mwami: ari ugupfa ari ugukira, tuzojana aho uzoja hose!»—2 Sam. 15:​6, 18-21.

Itayi n’umwami Dawidi bariko barayaga banezerewe.

Itayi yarabaye intahemuka kuri Dawidi, umwami yari yararobanuwe na Yehova

Naho Abakereti, Abapeleti n’Abanyegati batari Abisirayeli, baremera ko Yehova ari we Mana y’ukuri be n’uko Dawidi yarobanuwe na Yehova. Ese ukuntu Dawidi ategerezwa kuba yarakenguruka gukorana n’izo ngabo z’intahemuka!

a Itegeko ry’Imana dusanga mu Gusubira mu vyagezwe 23:​3-6, ryavuga ko ata Mwamoni canke Umunyamowabu akwiye kuba mu bagize ishengero ry’Abisirayeli. Ivyo bisobanura ko batashobora kuronka ubwenegihugu bubaha uburenganzira bukwiye nk’ubw’Umwisirayeli w’imvukira. Ariko barashobora kwifatanya n’abasavyi b’Imana canke kuba muri bo baramutse bemeye gusenga Yehova. Raba Étude perspicace, igitabu ca 1, rup. 100.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika