Urubanza rwa Yehova ruzoshika ku banyakibi
“Itegure guhwana n’Imana yawe”.—AMOSI 4:12.
1, 2. Ni kubera iki dushobora kwizigira yuko Imana izokuraho ubukozi bw’ikibi?
YEHOVA yoba azokwigera akura kuri iyi si ubukozi bw’ikibi n’ugucumukura? Muri iyi ntango y’ikinjana ca 21, ico kibazo kiraraje ishinga abantu kuruta ikindi gihe cose. Bisa n’uko ahantu hose dutereje amaso, tubona ikimenyamenya c’uko umuntu afata uwundi bunyamaswa. Si twe tuzobona isi iravuyeko ubukozi bw’ikibi, iterabwoba n’ibiturire!
2 Ikintu ceza umutima ni uko dushobora kwizigira n’umutima wacu wose yuko Yehova azokuraho ubukozi bw’ikibi. Kamere z’Imana ziradukura amazinda yuko izohagurukira abanyakibi. Yehova ni umugororotsi kandi akoresha ubutungane. Muri Zaburi 33:5, Ijambo ryiwe ritubwira riti: “Akunda kugororoka n’imanza zibereye”. Hari iyindi zaburi ivuga iti: “Ūkunda umuryano, umutima [“wa Yehova”, NW] ura[mw]anka” (Zaburi 11:5). Nta mazinda, Yehova we Mana y’ububasha bwose kandi ikunda ubugororotsi n’ubutungane, ntazoreka ngo ivyo yanka bibandanye gukorwa ibihe bidahera.
3. Ni ibiki biza gushimikwako mu kwongera kwihweza ubuhanuzi bwa Amosi?
3 Rimbura iyindi mvo ituma dushobora guhera amazinda yuko Yehova azokuraho ubukozi bw’ikibi. Inkuru zerekeye ivyo yakoze muri kahise ziravyemeza. Uburorero bukora ku mutima bw’ukuntu Yehova yamye afata abanyakibi, turabusanga mu gitabu ca Bibiliya ca Amosi. Kwongera kwihweza ubuhanuzi bwa Amosi, biraza gushimika ku bintu bitatu bijanye n’urubanza rw’Imana. Ica mbere: ntirwigera rurenganya. Ica kabiri: ntiruhungwa. Ica gatatu na co: ntirujaniranya, kubera ko Yehova ashitsa urubanza rwiwe ku banyakibi mugabo akagirira ikigongwe abantu bigaya be n’abafise umutima ugororotse.—Abaroma 9:17-26.
Urubanza rw’Imana ntirwigera rurenganya
4. Yehova yarungitse hehe Amosi, kandi ku bw’iyihe ntumbero?
4 Mu gihe ca Amosi, Abisirayeli bari baramaze kwigaburamwo ubwami bubiri. Bumwe bwari ubwami bw’i Buyuda bwo mu Bumanuko bugizwe n’imiryango ibiri. Ubundi bwari ubwami bwa Isirayeli bwo mu Buraruko bugizwe n’imiryango cumi. Yehova yashinze Amosi igikorwa co kuba umumenyeshakazoza, amubwira kuva mu gisagara ciwe c’amavukiro co mu Buyuda ngo aje muri Isirayeli. Ngaho Imana yari kumukoresha mu gutangaza urubanza rwayo.
5. Amosi yatanguriye ku gutangaza urubanza rwari gushikira ayahe mahanga, kandi imvo imwe yatumye ayo mahanga aba ayakwiriye gucirwa n’Imana urubanza rubi yari iyihe?
5 Amosi ntiyatanguye igikorwa ciwe mu gutangaza urubanza Yehova yari yaciriye ubwami bwa Isirayeli bwo mu Buraruko bwigira ibiro biteze. Ahubwo riho, yatanguriye ku gutangaza urubanza rubi Imana yari yaciriye amahanga atandatu yari akikuje Isirayeli. Ayo mahanga yari Siriya, Ubufilisitiya, Tiro, Edomu, Amoni na Mowabu. Ariko none ayo mahanga yari akwiriye vy’ukuri gucirwa n’Imana urubanza rubi? Cane nyene! Imvo imwe, ni uko bari abansi katwa b’abasavyi b’Imana.
6. Ni kubera iki Imana yari igiye guteza ivyago Siriya, Ubufilisitiya na Tiro?
6 Nk’akarorero, Yehova yaraciriye urubanza Abanyasiriya “kuko bāhūraguje i Gileyadi ibibando” (Amosi 1:3). Abanyasiriya barigaruriye akarere kuri Gileyadi, Gileyadi ikaba yari intara ya Isirayeli yari mu Buseruko bw’Uruzi Yorodani, bongera bagirira nabi cane abantu b’Imana baba muri iyo ntara. Tuvuge iki ku vyerekeye Ubufilisitiya na Tiro? Abafilisitiya bagirwa n’uko batwaye Abisirayeli mu bunyagano, bakabagurisha ku Banyedomu, Abisirayeli bamwebamwe na bo bakigarurirwa n’abantu bo muri Tiro badandaza abaja (Amosi 1:6, 9). Iyumvire yemwe ico kintu: kugurisha abasavyi b’Imana bakaba abaja! Ntibitangaje kubona Yehova yari agiye guteza ivyago Siriya, Ubufilisitiya na Tiro?
7. Amahanga ya Edomu, Amoni na Mowabu yari ahuriye ku ki na Isirayeli, mugabo yafashe gute Abisirayeli?
7 Amahanga ya Edomu, Amoni na Mowabu yari afise ikintu ahuriyeko na Isirayeli akongera akagira ikintu ahuriyeko hagati yayo. Yose uko ari atatu yari afitaniye ubucuti n’Abisirayeli. Abanyedomu bakomoka kuri Aburahamu biciye kuri Esau uwavukana na Yakobo ari amahasa. Rero mu buryo bumwe, baravukana n’Abisirayeli. Abamoni n’Abanyamowabu bakomoka kuri Loti, umuhungwabo wa Aburahamu. Ariko none Abanyedomu, Abamoni n’Abanyamowabu boba barafashe kivukanyi Abisirayeli bari incuti zabo? Nta na gato! Edomu yakinagije “mwene nyina” n’inkota ata kagongwe, Abamoni na bo bakaba bafata bunyamaswa Abisirayeli bari bagizwe inyagano (Amosi 1:11, 13). Naho nyene Amosi adashoka atomora yuko Mowabu yafashe nabi abasavyi b’Imana, Abanyamowabu bari bamaze igihe kirekire barwanya Abisirayeli. Igihano c’ayo mahanga atatu avukana cobaye igikomeye. Yehova yasezeranye ko yobasanganguye bimwe bikomeye.
Urubanza rw’Imana ntiruhungwa
8. Ni kubera iki imanza Imana yaciriye ya mahanga atandatu yari akikuje Isirayeli ata wari gushobora kuzihunga?
8 Biragaragara yuko ayo mahanga atandatu yavuzwe mu ntango mu buhanuzi bwa Amosi yari akwiriye gucirwa rubi n’Imana. Vyongeye, nta buryo na bumwe bari gushobora guhunga urwo rubanza. Kuva kuri Amosi ikigabane ca 1, umurongo wa 3 gushika ku kigabane ca 2, umurongo wa 1, Yehova avuga incuro zitandatu ati: “Sinzovyirengagiza”. Mu buryo buhuye n’ivyo yavumereye, ntiyigeze areka gushitsa urubanza kuri ayo mahanga. Ivyabaye muri kahise birerekana yuko mu nyuma rimwerimwe ryose muri ayo mahanga ryashikiwe n’ivyago. Kanatsinda, n’imiburiburi ane muri ayo mahanga, ni ukuvuga Ubufilisitiya, Mowabu, Amoni na Edomu, amaherezo yarazimaganye!
9. Ababa i Buyuda bari bakwiriye iki, kandi kubera iki?
9 Ubukurikira, ubuhanuzi bwa Amosi bwibanze kw’ihanga rigira indwi, ni ukuvuga akarere akomokamwo k’Ubuyuda. Abamwumviriza bo mu bwami bwo mu Buraruko bwa Isirayeli bashobora kuba baratangajwe no kwumva Amosi atangaza urubanza rubi rwaciriwe ubwami bw’Ubuyuda. Ni kubera iki ababa mu Buyuda bari bakwiriye gucirwa rubi? ‘Kubera bataye Ivyagezwe vya Yehova’. Ukwo ni ko muri Amosi 2:4 havuga. Yehova ntiyafashe minenegwe ukwo kwirengagiza n’ibigirankana Ivyagezwe vyiwe. Twisunze Amosi 2:5, yabuye ati: “Nzokwanda umuriro i Buyuda, utongore ingoro z’i Yerusalemu”.
10. Ni kubera iki Ubuyuda butashobora guhunga amakuba?
10 Ubuyuda bwahemutse ntibwari gushobora guhunga amakuba yari agiye kuza. Yehova yavuze ubugira indwi ati: “Sinzovyirengagiza” (Amosi 2:4). Ubuyuda bwarahawe nya gihano cari carabuwe, igihe Abanyababiloni babusiga ari umusaka mu mwaka wa 607 B.G.C. Turasubiye kubona yuko abanyakibi badashobora guhunga urubanza rw’Imana.
11-13. Amosi canecane yatangaje urubanza rwari gushikira irihe hanga, kandi ni agacinyizo bwoko ki kari muri iryo hanga?
11 Umumenyeshakazoza Amosi yari yamaze gutangaza urubanza Yehova yaciriye amahanga indwi. Ariko rero, umuntu uwo ari we wese yiyumvira ko Amosi yari yaramaze kurangiza igikorwa ciwe co kumenyesha kazoza, yari yihenze. Amosi ntiyari bwaganye kurangiza! Ahanini yari yashinzwe gutangaza ubutumwa bukaze bw’urubanza rwaciriwe bwa bwami bwa Isirayeli bwo mu Buraruko. Kandi Isirayeli yari ikwiriye gucirwa rubi n’Imana kubera yuko iryo hanga ryari ryononekaye bimwe biteye agahinda mu vy’inyifato runtu no mu vyo gusenga.
12 Ukumenyesha kazoza kwa Amosi kwarashize ku kabarore agacinyizo kari keze mu bwami bwa Isirayeli. Ku bijanye n’ivyo, muri Amosi 2:6, 7 havuga hati: “Uku ni k’Uhoraho agize, ati Kubg’ibicumuro bitatu vy’Abisirayeli, mbere ni bine, sinzovyirengagiza; kuko bāguze umugororotsi amahera, n’umukene bakamugura inkweto. Basiribangira imitwe ya ba nyarucari mu mukungugu wo hasi, bakagoreka inzira z’abicisha bugufi”.
13 Abagororotsi bariko baragurishwa “amahera”, bikaba bishobora kuba bisobanura yuko abacamanza baba bemeye guhabwa igiturire baca bakubita intahe mu gahanga abatagira ikibagira. Ababa bafitiwe imyenda, baragurisha abakene mu buja, bakabagurisha ku giciro c’“inkweto”, kumbure kugira abo bakene bishure utudeni dutoduto. Abagabo b’imburakigongwe ‘barasiribanga ba nyarucari’, ni ukuvuga ko baronderana umushasharo kubashira hasi gushika n’aho abo bakene bisurirako umukungugu ku mutwe mu kwerekana ko bari mu magorwa, bagandaye canke bakengerewe. Ibiturire vyari vyarimonogoje gushika n’aho abantu “bicisha bugufi” badashobora kwizigira na gato ko bogirirwa ubutungane.
14. Ni bande bariko bafatwa nabi muri bwa bwami bwa Isirayeli bugizwe n’imiryango cumi?
14 Ehe raba abariko bafatwa nabi. Bari abanyagihugu b’abagororotsi, b’abakene be n’abicisha bugufi bo muri ico gihugu. Isezerano rishingiye ku Vyagezwe Yehova yagiranye n’Abisirayeli ryasaba yuko ba nyarucari na ba ntahonikora bumvirwa akagongwe. Ariko rero, ku bantu mwene abo baba muri bwa bwami bwa Isirayeli bwari bugizwe n’imiryango cumi, ivyabo vyari vyarunyutse buhere.
“Itegure guhwana n’Imana yawe”
15, 16. (a) Ni kubera iki Abisirayeli baburiwe ngo: “Itegure guhwana n’Imana yawe”? (b) Muri Amosi 9:1, 2 herekana gute yuko ababisha batari gushobora guhunga ishitswa ry’urubanza rw’Imana? (c) Ni igiki cashikiye bwa bwami bwa Isirayeli bwari bugizwe n’imiryango cumi mu mwaka wa 740 B.G.C.?
15 Kubera ko ubushegabo be n’ibindi vyaha vyari vyimonogoje muri Isirayeli, umumenyeshakazoza Amosi yari afise imvo yumvikana yo kuburira iryo hanga rigarariji ati: “Itegure guhwana n’Imana yawe” (Amosi 4:12). Isirayeli yahemutse ntiyari gushobora guhunga ishitswa ryari ryimirije ry’urubanza Imana yari yayiciriye kubera ko Yehova yongeye kuvuga incuro igira umunani ati: “Sinzovyirengagiza” (Amosi 2:6). Ku vyerekeye abanyakibi bogerageje kwinyegeza, Imana yavuze iti: “Nta n’umwe muri bo azoshobora guhunga, nta n’umwe muri bo azokwikiza. Naho bokwiyimbira bakaja i kuzimu, na ho ukuboko kwanje kwobakūrayo; naho bokwūrira bakaja mw ijuru, na ho nyene nzobamanurayo”.—Amosi 9:1, 2.
16 Abanyakibi ntibari gushobora guhunga urubanza Yehova yari kubashitsako mu kwimba “i kuzimu” mu mvugo ngereranyo, bikaba bisobanura kugerageza kwinyegeza mu bice biri hasi cane vy’isi. Ntibari no gushobora guhunga urubanza Imana yari yabaciriye mu kuduga “mw ijuru”, ni ukuvuga kugerageza guhungira ku misozi miremire. Imburizi ya Yehova yari itomoye: Nta hantu na hamwe umuntu yokwinyegeza ngo Yehova ntashobore kuhashika. Ubutungane bw’Imana bwasaba yuko ubwami bwa Isirayeli bubazwa ibibi bwakoze. Kandi ico gihe carashitse koko. Mu mwaka wa 740 B.G.C., haheze nk’imyaka 60 Amosi yanditse ubuhanuzi bwiwe, ubwami bwa Isirayeli bwarigaruriwe n’Abashuri.
Urubanza rw’Imana ntirujaniranya
17, 18. Muri Amosi ikigabane ca 9 hahishura iki ku vyerekeye ikigongwe c’Imana?
17 Ubuhanuzi bwa Amosi bwadufashije kubona yuko urubanza rw’Imana rutigera rurenganya be n’uko rudahungwa. Mugabo igitabu ca Amosi kirerekana kandi yuko urubanza rwa Yehova rutajaniranya. Imana irashobora kuvundurura abanyakibi aho hose binyegeje igatako ikabashitsako urubanza. Irashobora kandi gutora abigaya be n’abagororotse, abo bakaba ari abo ibona ko bakwiriye kugirirwa ikigongwe. Ivyo birashirwa ahabona mu buryo bw’akaroruhore mu kigabane ca nyuma c’igitabu ca Amosi.
18 Dukurikije Amosi ikigabane ca 9, umurongo wa 8, Yehova yavuze ati: “Sinzorandura inzu ya Yakobo rwose”. Nk’uko bivugwa guhera ku murongo wa 13 gushika ku wa 15, Yehova yasezeranye yuko “[y]ogarukan[ye] abantu [biwe] . . . bājanywe ar’inyagano”. Bogiriwe ikigongwe maze bakironkera umutekano, bagatunga bagatunganirwa. Yehova yasezeranye ati: “Umurimyi azogerekerana n’umwimbuzi”. Iyumvire ntuze ico kintu: Ivyimburwa vyobaye umusesekara gushika n’aho irima rikurikira rishika hari bimwebimwe bitaraheza kwimburwa!
19. Ni ibiki vyashikiye abasigaye bo muri Isirayeli no mu Buyuda?
19 Vyoshobora kuvugwa yuko urubanza Yehova yaciriye abanyakibi mu Buyuda no muri Isirayeli rutajaniranije mu buryo bw’uko abantu bigaye kandi bari bafise imitima igororotse bagiriwe ikigongwe. Mw’iranguka ry’ubuhanuzi bwo gusubizwa umutamana bwanditswe muri Amosi ikigabane ca 9, abasigaye bigaye bo muri Isirayeli no mu Buyuda baravuye mu bunyagano bw’i Babiloni mu 537 B.G.C. Igihe basubira mu gihugu cabo c’amavukiro bakunda, barasubijeho ugusenga gutyoroye. Barasubiye kandi kwubaka amazu yabo, baratera n’inzabibu be n’ubusitani ata kibakomakoma.
Urubanza rubi Yehova yaciye ruzoshika!
20. Umwihwezo twagize werekeye ubutumwa bw’urubanza bwashikirijwe na Amosi ukwiye kudukura amazinda ku biki?
20 Umwihwezo twariko turagira werekeye ubutumwa bw’urubanza rw’Imana bwashikirijwe na Amosi, ukwiye kudukura amazinda yuko Yehova azokuraho ubukozi bw’ikibi muri iki gihe turimwo. Ni kubera iki ivyo twovyemera? Ubwa mbere, ubwo burorero bwerekeye ivyo Yehova yakoreye abanyakibi kera burerekana ingene azovyifatamwo muri iki gihe turimwo. Ubugira kabiri, ishitswa ry’urubanza rw’Imana kuri bwa bwami bwahunye bwa Isirayeli riremeza yuko Imana izosangangura abiyita abakirisu, ari na wo muce wagirwa n’icaha kuruta wa ‘Babiloni Hahambaye’, ya nganji y’isi yose y’idini y’ikinyoma.—Ivyahishuriwe 18:2.
21. Ni kubera iki abiyita abakirisu bakwiriye gushikwako n’urubanza rubi rw’Imana?
21 Nta wokekeranya ku vy’uko abiyita abakirisu bakwiriye gucirwa urubanza rubi n’Imana. Ivy’ugusenga n’ivy’ukwigenza runtu vyabo bigeze ahatemba ubwavyo birivugira. Urubanza Yehova yaciriye abiyita abakirisu be n’abasigaye bo mw’isi ya Shetani, bararukwiriye. Kandi na rwo nyene nta n’umwe ashobora kuruhunga, kubera ko igihe co gushitsa urubanza nicagera, amajambo yo muri Amosi ikigabane ca 9, umurongo wa 1 azoranguka. Havuga hati: “Nta n’umwe muri bo azoshobora guhunga, nta n’umwe muri bo azokwikiza”. Emwe, naho abanyakibi bokwinyegeza hehe Yehova azobasokororayo.
22. Ni ivyiyumviro ibihe bijanye n’urubanza rw’Imana bitomorwa mu 2 B’i Tesalonike 1:6-8?
22 Urubanza rw’Imana ntirwigera rurenganya, nta woruhunga kandi ntirujaniranya. Ivyo birashobora kugaragarira mu majambo y’intumwa Paulo agira ati: “[Ni] ibigororotse ku Mana kwishura amarushwa abayabatera, no kwishura mwebge abayaterwa kuruhukana natwe, ah’Umwami Yesu azohishurirwa, ava mw ijuru, azananye n’abamarayika b’ubushobozi bgiwe, hagati mu muriro waka, yishure guhōrwa abatāmenye Imana n’abatumvira ubutumwa bgiza bg’Umwami wacu Yesu” (2 Ab’i Tesalonike 1:6-8). “[Ni] ibigororotse ku Mana” kwishura abakwiriye gushitswako urubanza rubi kubera yuko bateza amarushwa abasizwe bayo. Urwo rubanza nta wuzoruhunga, kubera ko abanyakibi batazorokoka ‘ihishurwa rya Yezu azananye n’abamarayika biwe b’ubushobozi, hagati mu muriro waka’. N’ico gihe nyene, urubanza rw’Imana ntiruzojaniranya mu buryo bw’uko Yezu azozana uguhora ku “batāmenye Imana n’abatumvira ubutumwa bgiza”. Vyongeye, ishitswa ry’urubanza rw’Imana rizozanira impumurizo abibanda ku Mana bashikirwa n’amarushwa.
Icizigiro ku bagororotsi
23. Ni icizigiro ikihe be n’impumurizo iyihe dushobora gukura mu gitabu ca Amosi?
23 Ubuhanuzi bwa Amosi burimwo ubutumwa bwiza igitangaza bw’icizigiro n’impumurizo ku bantu bafise imitima igororotse. Nk’uko vyabuwe mu gitabu ca Amosi, Yehova ntiyaherengeteje abasavyi biwe bo mu bihe vya kera. Amaherezo yaratororokanije abari bajanywe mu bunyagano bo muri Isirayeli no mu Buyuda, arabasubiza mu gihugu cabo c’amavukiro yongera arabahezagira mu kubaronsa umutekano ntangere, baratunga baratunganirwa. Ivyo none bisobanura iki ku bijanye n’iki gihe turimwo? Biradukura amazinda yuko mu gihe c’ishitswa ry’urubanza rw’Imana, Yehova azosanga abanyakibi ahantu hose bazokwinyegeza yongere atore abantu abona ko babereye ikigongwe ciwe, aho ari ho hose boba baba kuri iyi si.
24. Ni mu buryo butandukanye ubuhe abasavyi ba Yehova bo muri iki gihe bahezagiwe?
24 Mu gihe tukirindiriye igihe Yehova azoshitsa urubanza rwiwe ku banyakibi, ni ibiki twironkera bwa basavyi biwe b’abizerwa? Urabona, Yehova ariko araduhezagira mu gutuma turoranirwa rwose mu vy’impwemu! Ugusenga kwacu ntikubazwamwo ibinyoma canke ibintu bigoretse vyavuye mu nyigisho z’ikinyoma z’abiyita abakirisu. Yehova yaraduhezagiye kandi mu kuturonsa ibifungurwa umusesekara vyo mu vy’impwemu. Ariko rero, uribuka yuko iyo mihezagiro myinshi iva kuri Yehova izanana n’ibanga rihambaye. Imana yiteze yuko tuburira abandi ku biraba urubanza ruriko ruraza. Dushaka gukora uko dushoboye kwose kugira ngo turondere “abari mu mero nziza y’umutima ituma baronka ubuzima budahera” (Ivyakozwe 13:48, NW). Ego cane, twipfuza gufasha benshi bashoboka ngo na bo basangire natwe ukwo gutunganirwa kwo mu vy’impwemu turimwo muri iki gihe. Vyongeye, dushaka yuko borokoka ishitswa ryegereje ry’urubanza Imana yaciriye abanyakibi. Ariko ntiwumve, kugira ngo turonke iyo mihezagiro, dutegerezwa kugira umutima ugororotse. Nk’uko tubibona mu kiganiro gikurikira, ivyo na vyo nyene birashirwa ahabona mu buhanuzi bwa Amosi.
Wokwishura gute?
• Ubuhanuzi bwa Amosi bwerekana gute yuko imanza z’uguhana za Yehova zitigera zirenganya?
• Ni ikimenyamenya ikihe Amosi atanga kugira ngo yerekane yuko urubanza rw’Imana rudahungwa?
• Igitabu ca Amosi cerekana gute yuko ishitswa ry’urubanza rw’Imana ritajaniranya?
[Ifoto ku rup. 16, 17]
Bwa bwami bwa Isirayeli ntibwahunze urubanza rw’Imana
[Ifoto ku rup. 18]
Mu mwaka wa 537 B.G.C., abasigaye bo muri Isirayeli no mu Buyuda baravuye mu bunyagano bw’i Babiloni