Abamarayika bariko baradufasha
1 “Umve, ndi kumwe namwe imisi yose, gushitsa ku muhero w’isi”. Ese ukuntu ayo majambo ari ayaremesha ku bantu bose bumvira itegeko rya Yezu rigira riti: “Nuko ni mugende, muhindure [abantu] abigishwa” (Mat. 28:18-20)! Uburyo bumwe buhambaye Yezu aba kumwe n’abakirisu b’ukuri, ni mu gukoresha abamarayika biwe (Mat. 13:36-43). Ese ukuntu vyeza umutima gutangaza “ubutumwa bgiza butazoshira” dufatanije n’ivyo biremwa vy’impwemu b’abizerwa!—Ivyah. 14:6, 7.
2 Mu busuku bwacu: Bibiliya irahishura yuko abamarayika batumwa “gukora igikorwa kubg’abazoragwa agakiza” (Heb. 1:14). Mu kinjana ca mbere, abamarayika baragira uruhara mu kuyobora abayoboke ba Yezu baberekeza ku bantu babereye (Ivyak. 8:26). Muri iki gihe, abasavyi b’Imana barabandanya kubona ikimenyamenya c’uko abamarayika babayobora. Akatari gake, abanyamihana baravuze yuko baba bariko barasenga basaba imfashanyo, igihe baza babona Icabona abagendeye. Ese ukuntu twe n’abamarayika tunezerwa igihe mwene abo bantu bakiriye ubutumwa bw’Ubwami!—Luka 15:10.
3 Igihe bariko baraturwanya: Daniyeli, ba bagenzi biwe batatu b’Abaheburayo b’imisore, intumwa Petero be n’abandi benshi baciye mu bigeragezo bikaze, bariboneye ukuntu Yehova abakingira akoresheje abamarayika ‘bafise inkomezi nyinshi’ (Zab. 103:20; Dan. 3:28; 6:21, 22; Ivyak. 12:11). Naho rimwe na rimwe twoshobora kwumva tutagira gitabara igihe bariko baraturwanya, turashobora kuremeshwa n’ivyashikiye wa musuku wa Elisa, igihe yamenya yuko “abo turi kumwe ari benshi kuruta abari kumwe na bo” (2 Abm. 6:15-17). Naho twohatirwa gutandukana n’abavukanyi bacu bakirisu, si ngombwa ngo duce twihebura. Ijambo ry’Imana ridukura amazinda riti: “Umumarayika w’Uhoraho ashagaje impande zose z’abamwubaha”.—Zab. 34:7.
4 Ubu bwa vuba, ingabo z’abamarayika zizogira ku mafarasi kugira zikureho abarwanya Ubwami bwa Kirisitu bose (Ivyah. 19:11,14, 15). Mu gihe tukirindiriye uwo musi, nimuze tubandanye gushemeza Yehova dushize amanga, twizigiye bimwe vyuzuye yuko dushigikiwe mu buryo bw’ububasha n’ingabo zo mw’ijuru ziyobowe na Kirisitu.—1 Pet. 3:22.