Urutonde rw’amakoraniro y’umurimo
Ibimenyeshejwe: Igikorwa dukorera Ubwami kizoba kirimwo urutonde rw’Ikoraniro ry’umurimo ry’indwi imwimwe yose yo mu mezi aberamwo ihwaniro. Amashengero yoshobora kugira ivyo ahinduye uko bizoba bikenewe kugira ngo bifashe kuzokwitaba Ihwaniro ry’Intara ryataziriwe ngo: “Gendana n’Imana”. Aho bibereye, nimufate iminuta 15 kw’Ikoraniro ry’umurimo rya nyuma imbere y’uko mwitaba ihwaniro, kugira musubiremwo impanuro kanaka zatanzwe mu nyongera y’uku kwezi zishobora gukora aho iwanyu. Muri Gitugutu, Ikoraniro ry’umurimo ryose uko ringana rizoheberwa isubiramwo ry’ivyiyumviro bikurubikuru vya porogarama y’iryo hwaniro. Mu kwitegurira ico kiganiro, twese turashobora kwandika ivyiyumviro ngirakamaro kuri iryo hwaniro, harimwo n’urutonde rw’ivyiyumviro binaka twipfuza gushira mu ngiro mu buzima bwacu bwite no mu busuku bwo mu ndimiro. Maze tuzoshobora kuremesha abandi mu gusigura ingene twashize mu ngiro izo nama twagiriwe.
Indwi itangura ku wa 14 Ruheshi
Ururirimbo rwa 11 (85)
Imin. 10: Amatangazo y’iwanyu. Amatangazo arobanuwe mu yo mu Gikorwa dukorera Ubwami. Nimukoreshe inama zatanzwe ku rupapuro rwa 4 (nimba zibereye mu cibare canyu) kugira mwerekane ingene umuntu yoshikiriza Umunara w’Inderetsi wo ku wa 15 Rusama na Be maso! (mu gifaransa) yo ku wa 22 Rusama. Muri umwe muri iyo myerekano, niherekanwe umwamamaji ariko arashinga intahe mu cibare gikorerwamwo ubucuruzi. Ubundi buryo bwo gutanguza ikiyago bushingiye ku bintu bibaho koko bwoshobora gukoreshwa.
Imin. 20: “Yehova arafasha abamwizigira”.a Igihe muganira ku ngingo ya 4, nushiremwo insasanuro ukuye mu Gikorwa dukorera Ubwami co muri Kigarama 1999, urupapuro rwa 3-4, ingingo ya 8-9, be no mu gitabu Ishure ry’Ubusuku, urupapuro rwa 67, ingingo ya 1.
Imin. 15: “Dushirane hejuru izina ryiwe”.b Gishikirizwe n’umunyamabanga w’ishengero akoresheje ibibazo vyatanzwe. Nuvuge ihwaniro ishengero ryanyu rizokwitaba. Ibihe porogarama izoberako biratondetse mu nyongera y’Igikorwa dukorera Ubwami co muri Kigarama 2003. Nimba bikenewe, ibindi vyiyumviro bivuye muri iyo nyongera vyoshobora gushimikwako. Nusozere mu kubaza ibibazo bibiri canke bitatu vyo mu kiganiro kivuga ngo “Imfungurwa zo mu vy’impwemu mu gihe kibereye”, kizorimburwa kw’Ikoraniro ry’umurimo ryo mu ndwi iza.
Ururirimbo rwa 6 (45) n’isengesho ryo gusozera.
Indwi itangura ku wa 21 Ruheshi
Ururirimbo rwa 12 (113)
Imin. 10: Amatangazo y’iwanyu n’Udukuru twa gitewokarasi.
Imin. 15: “Abamarayika bariko baradufasha”.c Nusabe abumviriza bagire ico bavuze ku vyanditswe vyatanzwe, nimba akanya kabonetse.
Imin. 20: “Imfungurwa zo mu vy’impwemu mu gihe kibereye”.d Nukoreshe ibibazo vyatanzwe. Igihe muganira ku ngingo ya 2, nusabe umuntu umwe canke babiri bari mu bumviriza bagire ico bavuze muri make kw’ihwaniro ry’intibagirwa bitavye. Nusozere mu kubaza ibibazo bibiri canke bitatu vyo mu kiganiro kivuga ngo “Mube abera mu ngeso zanyu zose”, kizorimburwa kw’Ikoraniro ry’umurimo ryo mu ndwi iza.
Ururirimbo rwa 8 (53) n’isengesho ryo gusozera.
Indwi itangura ku wa 28 Ruheshi
Ururirimbo rwa 18 (162)
Imin. 9: Amatangazo y’iwanyu. Raporo y’ivy’amakonte. Niwibutse abamamaji gutanga raporo y’umurimo wo mu ndimiro yo muri Ruheshi.
Imin. 18: “Mube abera mu ngeso zanyu zose”.e Nukoreshe ibibazo vyatanzwe. Nusabe abumviriza bagire ico bavuze ku kuntu biboneye yuko kugira ingeso nziza ku mahwaniro bituma Yehova ashemagizwa. Nusozere mu kubaza ibibazo bibiri canke bitatu vyo mu kiganiro kivuga ngo “Kuboneka mu buryo butyoroye kandi bukwiriye gushimwa”, kizorimburwa kw’Ikoraniro ry’umurimo ryo mu ndwi iza.
Imin. 18: “Igituma dukeneye Inyigisho y’igitabu y’ishengero”.f Nukoreshe ibibazo vyatanzwe. Nushiremwo insasanuro ukuye mu kiganiro kivuga ngo “Nusahirize umucungezi wanyu w’Inyigisho y’igitabu y’ishengero”, kiri ku rupapuro rwa 1 mu Gikorwa dukorera Ubwami co muri Munyonyo 2002.
Ururirimbo rwa 9 (37) n’isengesho ryo gusozera.
Indwi itangura ku wa 5 Mukakaro
Ururirimbo rwa 21 (191)
Imin. 5: Amatangazo y’iwanyu.
Imin. 20: “Kuboneka mu buryo butyoroye kandi bukwiriye gushimwa”.g Nukoreshe ibibazo vyatanzwe. Nimba habonetse akanya, nimusome mwongere muganire ku vyanditswe vyatanzwe.
Imin. 20: Ivyo abana bakeneye ku bavyeyi babo. Insiguro n’ikiganiro co guhana ijambo n’abumviriza bishingiye ku gitabu Igira kuri wa Mwigisha Ahambaye, urupapuro rwa 6-7. Birahambaye ko abana biga ingingo ngenderwako za Bibiliya zigenga ugusenga kw’ukuri be n’uko batahura uruhara ruhambaye abavyeyi bafise mu vyo kubamenyereza. Nimuganire ku nama zatanzwe zo kwiga ico gitabu. Nusabe abavyeyi bagire ico bavuze ku kuntu bakoresheje ico gikoresho gifasha kwiga. Nusabe umwana umwe canke babiri bavuge igituma bakunda ico gisohokayandikiro.
Ururirimbo rwa 19 (164) n’isengesho ryo gusozera.
[Utujambo tw’epfo]
a Amajambo y’intangamarara nuyashikirize mu mwanya udashika umunuta umwe, hanyuma hakurikire ikiganiro c’ibibazo n’inyishu.
b Amajambo y’intangamarara nuyashikirize mu mwanya udashika umunuta umwe, hanyuma hakurikire ikiganiro c’ibibazo n’inyishu.
c Amajambo y’intangamarara nuyashikirize mu mwanya udashika umunuta umwe, hanyuma hakurikire ikiganiro c’ibibazo n’inyishu.
d Amajambo y’intangamarara nuyashikirize mu mwanya udashika umunuta umwe, hanyuma hakurikire ikiganiro c’ibibazo n’inyishu.
e Amajambo y’intangamarara nuyashikirize mu mwanya udashika umunuta umwe, hanyuma hakurikire ikiganiro c’ibibazo n’inyishu.
f Amajambo y’intangamarara nuyashikirize mu mwanya udashika umunuta umwe, hanyuma hakurikire ikiganiro c’ibibazo n’inyishu.
g Amajambo y’intangamarara nuyashikirize mu mwanya udashika umunuta umwe, hanyuma hakurikire ikiganiro c’ibibazo n’inyishu.