Ijambo rya Yehova ni rizima
Ibikurubikuru vyo mu Gitabu ca Gatatu n’ica Kane vya Zaburi
MW’ISENGESHO umwanditsi wa Zaburi atura Imana, abaza ati: “Mbeg’imbabazi zawe zizovugirwa mu mva? Canke k’ur’umwizigirwa bizovugirwa mu mahonero?” (Zaburi 88:11). Ihibambewe. Ntidushobora gushemeza Yehova tutari bazima. Kumushemeza ni imvo nziza ituma twipfuza kubandanya kubaho, kandi kuba turi bazima ni imvo nziza ituma tumushemeza.
Igitabu ca Gatatu n’ica Kane vya Zaburi, ibigizwe na Zaburi ya 73 gushika ku ya 106, biratwereka imvo nyinshi zotuma dushemeza Umuremyi tukongera tugahezagira izina ryiwe. Kuzirikana kuri ayo mazaburi ntibiza kubura gutuma turushiriza gukenguruka “ijambo ry’Imana” vyongere bituvyurire umutima wo kurushiriza kuyishemeza no kuryohora amajambo dukoresha mu kuyishemeza (Abaheburayo 4:12). Nimuze tubanze twihweze twitonze Igitabu ca Gatatu ca Zaburi.
“KWĒGĒRA IMANA NI KWO KUMBEREYE AMAHIRWE”
Zaburi 11 za mbere zo muri ico gice ca gatatu zatunganijwe na Asafu canke bamwe mu bo mu rugo rwiwe. Indirimbo itangura ico gice irasigura ikintu catumye Asafu atazimizwa n’ukubona ibintu mu buryo butari bwo, maze agashika ku kubona ibintu mu buryo bubereye. Aririmba ati: “Jeho kwēgēra Imana ni kwo kumbereye amahirwe” (Zaburi 73:28). Haca hakurikira Zaburi ya 74 irimwo amajambo yo gucura intimba kubera ko i Yeruzalemu hasanganguwe. Zaburi ya 75, iya 76 be n’iya 77 zidondora Yehova ko ari Umucamanza agororotse, Umukiza w’abagwaneza be n’uko ari Uwumva ivyo asabwa. Zaburi ya 78 irasubiramwo kahise ka Isirayeli uhereye mu gihe ca Musa ugashika mu gihe ca Dawidi. Zaburi ya 79 irimwo amajambo yo gucura intimba kubera urusengero rwasanganguwe. Iyikurikira irimwo isengesho ryo gusaba ko igisata c’Imana cosubizwa umutamana. Zaburi ya 81 irimwo amajambo aduhimiriza kugamburukira Yehova. Zaburi ya 82 igizwe n’amajambo yo gusaba ko Imana yoshitsa urubanza rwayo ku bacamanza bononekaye, iya 83 na yo ikaba igizwe n’amajambo yo gusaba ko Imana yoshitsa urubanza rwayo ku bansi bayo.
Ururirimbo rw’abahungu ba Kora rugira ruti: “Ubugingo bganje buri n’umuvuro, mbere budendebuwe no kwifuza inyubakwa z’Uhoraho” (Zaburi 84:2). Zaburi ya 85 igizwe n’amajambo yo gusabira umuhezagiro w’Imana abatahutse bavuye mu bunyagano. Iyo Zaburi irashimika ku kuntu imihezagiro yo mu buryo bw’impwemu iruta kure n’iyo imihezagiro yo mu buryo bw’umubiri. Muri Zaburi ya 86, Dawidi asaba Imana ngo imuzigame yongere imwigishe. Zaburi ya 87, iyigizwe n’ururirimbo rwerekeye Siyoni be n’abahavukiye, ikurikirwa n’isengesho riturwa Yehova dusanga muri Zaburi ya 88. Ubuntu-mvarukundo bwa Yehova buserurwa mw’isezerano yagiraniye na Dawidi burashimikwako muri Zaburi ya 89, iyatunganijwe na Etani, uno bikaba bishoboka ko yari umwe muri ba bagabo bane b’inkerebutsi bo mu gihe ca Salomo.—1 Abami 4:31.
Inyishu z’ibibazo bishingiye ku Vyanditswe:
73:9—Ni mu buryo ki abanyakibi “bashize akanwa kabo mw ijuru, ururimi rwabo ru[ka]yerera mw isi yose”? Kubera yuko abanyakibi ata we bibanga, haba mw’ijuru canke kw’isi, ntibatinya kurogota ku Mana n’akanwa kabo. Vyongeye, ntibatinya kwambika ibara abantu n’akarimi kabo.
74:13, 14—Ni ryari Yehova ‘yameneye mu mazi imitwe y’ibikoko yongera amenagura imitwe y’ingona’, ari zo Lewiyatani (Bibiliya Yera, akajambo k’epfo)? “Farawo umwami wa Egiputa” yitwa “ingona ihambaye, yigaramangira hagati y’inzūzi zayo”, ni ukuvuga hagati y’imigende ya Nili (Ezekiyeli 29:3). Lewiyatani ishobora kuba igereranya abahizi ba Farawo. Biboneka yuko ukumenagura imitwe yabo kwerekeza ku kuntu Farawo be n’ingabo ziwe baneshejwe bimwe bibi igihe Yehova yarokora Abisirayeli akabakura mu buja barimwo mu Misiri.
75:4, 5, 10—Ijambo “ihembe” rivugwa ng’aho risigura iki? Amahembe y’igikoko ni ibirwanisho bikomeye gifise. Ni co gituma iryo jambo “ihembe” rigereranya ububasha canke inkomezi. Yehova aravyura amahembe y’abasavyi biwe, agatuma bashirwa hejuru, ariko ‘amahembe y’abanyakibi arayakondora’. Tugabishwa ‘kutavyura ihembe ryacu ngo turitunge kw’ijuru’, ivyo bikaba bisobanura ko tudakwiye kwishima canke kwishira hejuru. Kubera yuko Yehova ari we atuma umuntu ashirwa hejuru, dutegerezwa kubona ko igihe hari uwushinzwe ibanga mw’ishengero, aba ari we arimushinze.—Zaburi 75:7.
76:10—“Uburake bg’abantu” bushobora gute gushimagiza Yehova? Igihe Imana iretse abantu bakaturakira baduhora kuba turi abasavyi bayo, harashobora kuvamwo iciza. Ikintu cose kigoye codushikira kirashobora kugira ico kitwigishije. Yehova arareka tugacumukura gushika ku rugero abona ko twamaze kumenyerezwa (1 Petero 5:10). ‘Uburake bw’abantu buba busigaye, Imana ubwayo irabukenyera’. Vyogenda gute mu gihe twobabazwa gushika n’aho twicwa? N’ivyo nyene birashobora gushimagiza Yehova kubera yuko ababona ingene twihangana tudahemuka boshobora na bo nyene gutangura kuninahaza Imana.
78:24, 25—Ni kubera iki manu yitwa “imihūre yo mw ijuru” ikitwa kandi “umutsima w’abahambaye [canke, w’“abamarayika”, NW, akajambo k’epfo]”? Muri izo mvugo zompi, nta n’imwe isobanura ko manu yari imfungurwa z’abamarayika. Yitwa “imihūre yo mw ijuru” kubera yuko yava mw’ijuru (Zaburi 105:40). Kubera yuko abamarayika, ari bo kandi biswe “abahambaye”, baba mw’ijuru, imvugo ngo “umutsima w’abahambaye” yoshobora kuba isobanura gusa ko manu yatangwa n’Imana, iyisanzwe iba mw’ijuru (Zaburi 11:4). Yehova kandi ashobora kuba yarakoresheje abamarayika mu kuronsa Abisirayeli iyo manu.
82:1, 6—Ni bande bitwa “imana” bakongera bakitwa “abana b’Īsumba vyose”? Izo mvugo zompi zerekeza ku bacamanza bo muri Isirayeli. Birabereye ko bitwa ukwo kubera yuko bari abavugizi b’Imana bakaba n’abaserukizi bayo.—Yohana 10:33-36.
83:2—‘Ukuvyutsa umutwe’ kuvugwa ngaha gusobanura iki? Ukwo kuvyutsa umutwe gusobanura ko umuntu aba yiteguriye gukoresha ububasha bwiwe canke kugira ikintu gikomeye akoze, akenshi arondera kurwanya abantu kanaka, kurwana na bo canke kubacura bufuni na buhoro.
Ivyigwa tuhigira:
73:2-5, 18-20, 25, 28. Dukwiye kutagirira ishari abanyakibi igihe baguwe neza maze ngo dukurikire inzira zabo z’ukutubaha Imana. Abanyakibi bari ahanyerera. Nta nkeka ko ‘bazokororerwa mu mahonero’. N’ikindi kandi, kubera yuko ubukozi bw’ikibi budashobora gukurwaho mu gihe hagitegeka abantu b’abanyagasembwa, utwigoro twose twogira turondera kubukuraho twoba impfagusa. Nka kurya kwa Asafu, vyoba biranga ubukerebutsi twihanganiye ubwo bukozi bw’ikibi mu “kwēgēra Imana” no mu kugiranira na yo ubucuti bwa hafi.
73:3, 6, 8, 27. Dutegerezwa kwirinda ubwibone, ugucokora abandi be n’ukuba abanyarwenge. Dutegerezwa kwirinda kugira izo ngeso mbi naho zoba zisa n’izishobora kutuzanira inyungu zinaka.
73:15-17. Bishitse hakagira ivyiyumviro bidutesha umutwe, turakwiye kwirinda kubikwiza agahinga. Kuvuga “inkuru nk’iyo” (NW) nta kindi vyomara atari uguca intege abandi. Turakwiye kuzirikana dutekanye kuri ivyo bintu bituraje ishinga hanyuma tukarondera kubitorera umuti twifatanije n’abo dusangiye ukwizera.—Imigani 18:1.
73:21-24. Kugira ‘umutima ubabaye’ bitewe n’ukubona umengo abanyakibi baguwe neza, bigereranywa n’ukuba nk’ibikoko bitigera vyiyumvira. Igihe umuntu ababaye mu mutima kubera iyo mpamvu ntaba yabanje kwiyumvira, ahubwo aba yatwawe n’inyiyumvo ziwe gusa. Aho gutwarwa n’inyiyumvo, dukwiye nyabuna kwama tuyoborwa n’impanuro Yehova atanga, tukizigira tudakekeranya ko ‘azodufata ukuboko kw’iburyo’ akadushigikira. Ikigeretse kuri ivyo, Yehova ‘azotwakirana icubahiro’, ivyo bikaba bisobanura yuko azotugira abagenzi somambike biwe.
77:6. Kugira ngo twiteho ukuri kwo mu vy’impwemu bimwe bivuye ku mutima no kugira ngo dusese muri ukwo kuri tubigiranye umwete, bisaba ko turondera umwanya wo kwiyigisha no kuzirikana. Ese ukuntu bihambaye cane ko mu buzima bwacu twoza turarondera umwanya wo kuba turi twenyene!
79:9. Yehova arumviriza amasengesho tumutura, na canecane igihe aba ajanye n’ivy’uko izina ryiwe ryezwa.
81:13, 16. Igihe umuntu yumvira Yehova akongera akagendera mu nzira ziwe, bituma aronka imihezagiro myinshi.—Imigani 10:22.
82:2, 5. Ibikorwa vy’akarenganyo bituma ‘amatanguriro y’isi’ anyiganyiga, ivyo bikaba bisobanura yuko bituma ikibano c’abantu gihungabana.
84:1-4, 10-12. Kuba abanditsi ba Zaburi baraha agaciro ikibanza co gusengeramwo Yehova kandi bakamarwa akanyota n’uduteka tw’umurimo baharangurira, birakwiye kutubera akarorero.
86:5. Ese ukuntu dukenguruka kuba Yehova “[a]gabirije guharira”! Yehova yama ariko araraba ko umuntu yakoze ikibi hanyuma akigaya hogira ikintu kinaka agaragaza yofatirako kugira ngo amugirire ikigongwe.
87:5, 6. Abazoba kw’isi izoba yahindutse Iparadizo, boba bazokwigera bamenya amazina y’abazoba bazukiye kuba mw’ijuru? Ico canditswe cerekana ko ivyo hari aho bizoshoboka.
88:13, 14. Igihe Yehova adashatse kwishura ivyo twamusavye mw’isengesho ku bijanye n’ingorane yinaka dufise, hari aho yoba ashaka yuko twerekana ko tumwibandako vy’ukuri.
“MUMUKENGURUKIRE, MUSHEMAGIZE IZINA RYIWE”
Ubu na ho, rimbura imvo zitandukanye zotuma duhayagiza Yehova, izo dusanga mu gice ca kane c’amazaburi. Muri Zaburi ya 90, Musa arerekana itandukaniro riri hagati y’ukubaho kw’“Umwami ahoraho” be n’ubuzima bw’umuntu bumara igihe gito nk’urume (1 Timoteyo 1:17). Nk’uko muri Zaburi 91:2 havyerekana, Musa avuga yuko Yehova ari we ‘buhungiro bwiwe n’igihome kimukingira’, ivyo bikaba bisobanura yuko Yehova ari we azigako ugutekanirwa. Zaburi nkeyi zikurikira ziravuga ivyerekeye kamere nziza igitangaza z’Imana, ivyiyumviro vyayo biruta ibindi vyose be n’ibikorwa vyayo bitangaje rwose. Ico gice kirimwo indirimbo zitatu zitanguzwa n’iyi mvugo ngo “Uhoraho arahangamye” (Zaburi 93:1; 97:1; 99:1). Umwanditsi wa Zaburi ahejeje kwerekana yuko Yehova ari we Muremyi wacu, aca aduhimiriza ‘kumukengurukira no gushemagiza izina ryiwe’.—Zaburi 100:4.
Umutegetsi atinya Yehova akwiye gutegeka gute? Zaburi ya 101, iyatunganijwe n’Umwami Dawidi, irishura ico kibazo. Zaburi ikurikira iratubwira ko Yehova ‘azoshira umutima ku gusenga kw’abatagira shinge na rugero, kandi ko atazokengera ugusenga kwabo’ (Zaburi 102:17). Zaburi ya 103 iratubwira ivyerekeye ubuntu-mvarukundo bwa Yehova be n’ikigongwe ciwe. Mu kwerekeza ku bintu vyinshi vyo kw’isi Imana yaremye, umwanditsi wa Zaburi avugana ugutangara ati: “Uhoraho we, ereg’ibikorwa vyawe n’ivy’uburyo bginshi! Vyose wabikoresheje ubgenge” (Zaburi 104:24). Indirimbo zibiri za nyuma z’ico Gitabu ca Kane zirahayagiza Yehova kubera ibikorwa vyiwe bitangaje rwose.—Zaburi 105:2, 5; 106:7, 22.
Inyishu z’ibibazo bishingiye ku Vyanditswe:
91:1, 2—“Ubgigobeko bg’Īsumba vyose” ni iki, kandi dushobora gute ‘kububamwo’? Ni ahantu h’ikigereranyo hatagira inkomanzi kandi hakingiwe mu buryo bw’impwemu, hakaba hagereranya ukuba umuntu akingiwe kugira ngo ntagirirwe nabi mu vy’impwemu. Aho hantu ni mu bwigobeko kubera yuko abatizigira Imana badashobora kuhamenya. Yehova tumugira ho hantu twibera, mu kuba ari we turonderako ubuhungiro akaba ari na we tugira igihome kidukingira, mu kumuhayagiza kuko ari we Mutegetsi Segaba w’ibiriho vyose be no mu kwamamaza inkuru nziza y’Ubwami. Turumva dutekaniwe mu buryo bw’impwemu kubera yuko tuzi ko Yehova yama yiteguriye kudufasha.—Zaburi 90:1.
92:12—Ni mu buryo ki umugororotsi ‘atotahara nk’ikigazi’? Birazwi ko ikigazi cama cane. Umugororotsi ameze nk’ikigazi mu buryo bw’uko agororotse mu nyonga za Yehova akaba kandi aguma yama “ivyiza”.—Matayo 7:17-20.
Ivyigwa tuhigira:
90:7, 8, 13, 14. Igihe cose dukoze ibibi, ubucuti dufitaniye n’Imana y’ukuri buca bwononekara. Kandi ntanyegezwa ivyaha vyo mu mpisho. Ariko rero, twigaye vy’ukuri tukongera tugaheba ingendo yacu itabereye, Yehova araheza agasubira kudutonesha, ‘akaduhaza imbabazi ziwe’.
90:10, 12. Kubera yuko ubuzima bwacu bumara igihe gito, turakwiye “guharūra imisi yacu”. Uti twoyiharura gute? Mu gutunga “imitima y’ubgenge”, ni ukuvuga mu gukoresha ubukerebutsi kugira ngo imisi dusigaje ntituyikoreshe nabi, ahubwo tuyikoreshe mu buryo buhimbara Yehova. Ivyo bisaba ko ivy’impwemu biba ari vyo dushira imbere tukongera tugakoresha neza umwanya wacu.—Abanyefeso 5:15, 16; Ab’i Filipi 1:10.
90:17. Birabereye ko dusenga dusaba yuko Yehova ‘ashimangira ibikorwa vy’intoke zacu’ akongera agahezagira utwigoro tugira mu busuku.
92:14, 15. Mu gihe abageze mu zabukuru batohoza n’umwete Ijambo ry’Imana bakongera bakaguma bifatanya n’abasavyi ba Yehova, barabandanya kugira “ubukame bginshi n’itōto”, ni ukuvuga bakaguma bakomeye mu vy’impwemu, maze bakabera ishengero kirumara.
94:19, NW. Naho icotuma tugira “ivyiyumviro bidurumbanya” coba ari ikihe, gusoma amajambo ‘ahumuriza’ yo muri Bibiliya no kuyazirikanako bizoduhumuriza.
95:7, 8. Kwumviriza impanuro zo mu Vyanditswe, kuzifata nka nkama be no kuzikurikiza n’umutima ukunze bizoturinda gukomantaza imitima yacu.—Abaheburayo 3:7, 8.
106:36, 37. Ico canditswe kirerekana ko gusenga ibigirwamana bifitaniye isano no gushikanira ibimazi amadayimoni. Ivyo vyerekana rero ko umuntu akoresha ibigirwamana ashobora gukoreshwa n’amadayimoni. Bibiliya iduhimiriza iti: “Mwirinde ibigirwamana”.—1 Yohana 5:21.
“Shemeze Ya, mwa bantu!”
Indirimbo zitatu za nyuma z’ico Gitabu ca Kane ca Zaburi zisozerwa n’amajambo yo kuduhimiriza agira ati: “Shemeze Ya, mwa bantu!” (NW). Zaburi ya nyuma y’ico Gitabu na yo nyene itanguzwa n’ayo majambo (Zaburi 104:35; 105:45; 106:1, 48). Mu bisanzwe, iyo mvugo “Shemeze Ya, mwa bantu!” iboneka incuro zitari nke muri ico Gitabu ca Kane ca Zaburi.
Vy’ukuri, turafise imvo zumvikana zo gushemeza Yehova. Zaburi ya 73 gushika ku ya 106 zatumye tugira ibintu vyinshi tuzirikanako, maze bituma dukengurukira cane bivuye ku mutima Data wa twese wo mw’ijuru. Igihe tuzirikanye ku bintu vyose amaze kutugirira be n’ivyo azotugirira, ntiduca none twumva tuvyuriwe umutima wo ‘gushemeza Ya’ n’inkomezi zacu zose?
[Ifoto ku rup. 10]
Nka kumwe kwa Asafu, turashobora kwihanganira ubukozi bw’ikibi mu “kwēgēra Imana”
[Ifoto ku rup. 11]
Farawo anesherezwa mu Kiyaga Gitukura
[Ifoto ku rup. 11]
Woba uzi igituma manu yitwa “umutsima w’abahambaye”?
[Ifoto ku rup. 13]
Ni igiki kidufasha kwikuramwo “ivyiyumviro bidurumbanya”?