ICIGWA CA 4
Gucira inzira neza ivyanditswe
Matayo 22:41-45
INCAMAKE: Nutegure ubwenge bw’abakwumviriza imbere yo gusoma icanditswe.
UKO WOBIGIRA:
Numenye igituma ugomba gusoma ico canditswe. Igihe cose ugira usome icanditswe, nugicire inzira ku buryo abakwumviriza babona iciyumviro nyamukuru ugomba gushira ahabona muri uwo murongo.
Nutume abantu baha agaciro Bibiliya. Igihe uganira n’abantu bemera Imana, ntiwitinye kuvuga ko Bibiliya ari Ijambo ry’Imana. Gutyo, uba werekanye ko ivyo wigisha biva ku Mana.
Nutume bumva bashashaye gusoma ico canditswe. Nubaze ikibazo cishurwa n’ico canditswe. Nuvuge ingorane ico canditswe cofasha gutorera umuti canke uvuge ingingo ngenderwako ico canditswe kiza kubafasha gutahura.