Amarabiro yo mu gatabu k’ikoraniro ry’Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu
2-8 RUSAMA
UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA | 1 SAMWELI 27-29
“Ubuhinga Dawidi yakoresha mu ntambara”
it-1 71
Akishi
Igihe Dawidi yariko arahunga Sauli yahungiye mu karere k’Umwami Akishi incuro zibiri. Ubwa mbere, igihe Umwami Akishi yikeka ko Dawidi ari umwansi, Dawidi yaciye yigira umusazi maze aramureka arigira. (1Sm 21:10-15; Zb 34:Akajambo k’intangamarara; 56:Akajambo k’intangamarara) Ubwa kabiri, Dawidi yagiye ari kumwe n’abarwanyi 600 n’imiryango yabo, Akishi aca abaha akarere ka Zikulagi ngo babeyo. Mu mwaka n’amezi ane bamazeyo, Akishi yiyumvira ko Dawidi n’abantu biwe baja kugaba ibitero mu bisagara vya Yuda, ariko mu vy’ukuri Dawidi yaja kugaba ibitero mu Bageshuri, mu Bagiruzi n’Abamaleki. (1Sm 27:1-12) Ayo mayeri ya Dawidi yararoraniwe ku buryo Akishi yahavuye amugira uwumucungera ubuzima igihe Abafilisitiya bagira baje gutera Umwami Sauli. Ariko Dawidi n’abantu biwe bahavuye basubira inyuma i Zikulagi kubera ko abandi “batware b’urunani” b’Abafilisitiya basavye bashimitse ko bosubira inyuma. (1Sm 28:2; 29:1-11) Igihe Dawidi yari amaze kuba umwami maze akaja gutera i Gati, biboneka ko Akishi atishwe. Yari akiriho no ku ngoma ya Salomo.—1Bm 2:39-41.
Bavukanyi mukiri bato, mwokora iki ngo abandi babizigire?
Rimbura iyindi ngorane yashikiye Dawidi. Inyuma y’aho arobanuriwe ngo abe umwami, vyabaye ngombwa ko arindira imyaka myinshi, kugira ngo yimikwe aganze Yuda. (1 Sam. 16:13; 2 Sam. 2:3, 4) None muri ico kiringo cose, ni igiki camufashije kurindira yihanganye? Aho gucika intege, Dawidi yagumye akora ivyo yari ashoboye. Nk’akarorero, igihe yahungira mu karere k’Abafilisitiya, yaciye akoresha ako karyo mu kurwanya abansi b’ihanga rya Isirayeli. Ivyo vyatumye akingira imbibe z’akarere ka Yuda.—1 Sam. 27:1-12.
it-2 255 ing. 6
Kubesha
Naho kubesha Bibiliya ivyiyamiriza, ivyo ntibisigura ko umuntu ategerezwa guhishurira amakuru y’ukuri abantu bitabereye ko bayamenya. Yezu Kristu yatanze impanuro igita iti: “Ibintu vyeranda ntimukabihe imbwa, n’imaragarita zanyu ntimukaziterere imbere y’ingurube, kugira ntizihave zizihonyangira munsi y’ibinono vyazo hanyuma zigahindukira zikabakakagura.” (Mt 7:6) Ni co gituma rimwe na rimwe Yezu yirinda gutanga amakuru yose canke gutanga inyishu zidomako ku bibazo bimwebimwe mu gihe kubigenza gutyo vyari gushobora guteza ingorane zidakenewe. (Mt 15:1-6; 21:23-27; Yoh 7:3-10) Biboneka ko ico nyene ari co catumye na Aburahamu, Izahaki, Rahabu na Elisha bahuvya abantu batasenga Yehova canke birinda kubaha amakuru yose.—It 12:10-19; ikig. 20; 26:1-10; Yos 2:1-6; Yak 2:25; 2Bm 6:11-23.
Ducukure ubutunzi bwo muri Bibiliya
Abapfuye boba bashobora gufasha abazima?
Iyumvire ico kintu. Bibiliya ivuga yuko igihe umuntu apfuye ‘asubira mw’ivu ryiwe’ be n’uko ‘imigabo yiwe ica ishira.’ (Zaburi 146:4) Sauli na Samweli bompi bari bazi yuko Imana yiyamiriza ivyo kuja ku bapfumu. Kukaba nkako, imbere y’aho Sauli ni we yari yagiye imbere abandi mu guherengeteza mu gihugu imigenzo y’ubupfumu!—Abalewi 19:31.
Zirikana kuri ico kintu. Iyo umwizigirwa Samweli aza kuba akiri muzima ari ikiremwa c’impwemu, yoba yari guhonyanga itegeko ry’Imana hanyuma akifatanya n’umupfumu kugira ngo abonane na Sauli? Yehova yari yanse kuvugana na Sauli. None vy’ukuri umupfumu yoba yari gushobora kugondoza Imana Mushoboravyose ngo ivugane na Sauli biciye kuri Samweli yari yarapfuye? Uwokubesha. Biragaragara ko uwo yiswe ngo ni Samweli atari na gato wa muhanuzi w’umwizigirwa w’Imana. Cari ikiremwa c’impwemu, ni ukuvuga idayimoni mbi yigira ngo ni Samweli uwari yarapfuye.
9-15 RUSAMA
UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA | 1 SAMWELI 30-31
“Niwikomeze biciye kuri Yehova Imana yawe”
Tinya Yehova maze wironkere agahimbare!
Ugutinya Yehova kwa Dawidi ntikwamufashije gusa kwirinda gukora ibitabereye. Kwaranamukomeje kuratuma ahaguruka aragira ico akoze abigiranye ubukerebutsi igihe yari mu bintu bigoye. Dawidi, ari kumwe n’abantu biwe, yarahunze Sauli, amara umwaka n’amezi ane i Sikulagi hagati mu gihugu c’Abafilisitiya (1 Samweli 27:5-7). Igihe kimwe, abagabo badahari, Abamaleki barateye ico gisagara baragiturira maze batwara abagore babo bose, abana babo bose be n’amasho yabo yose. Dawidi n’abantu biwe bagarutse bakabona ivyabaye, baciye baturikisha bararira. Intuntu abo bantu ba Dawidi bari bafise yaciye ihindukamwo ishavu, maze batangura kuja inama yo kumutera amabuye. Naho Dawidi yari afise intuntu, ntiyihebuye (Imigani 24:10). Ugutinya Imana kwiwe kwaramuvyuriye umutima wo kwitura Yehova, maze ‘ariremesha amwisunze’, ni ukuvuga arikomeza biciye kuri Yehova. Dawidi n’abantu biwe, bafashijwe n’Imana, barakurikiye nya Bamaleki barabashikira, maze baragarukana ibintu vyose bari batwaye.—1 Samweli 30:1-20.
Yehova aratuzigama ku bw’ubukiriro
Dawidi yarashikiwe n’ibintu vyinshi bibabaje mu buzima bwiwe. (1 Sam. 30:3-6) Amajambo yiwe yahumetswe arerekana ko Yehova yari azi ukuntu yiyumva. (Soma Zaburi 34:18; 56:8.) Imana irazi n’ukuntu twiyumva. Igihe dufise “umutima umenetse” canke “[tu]janjaguritse mu mutima,” iratwiyegereza. Ivyo ubwavyo vyoshobora kuduhoza ku rugero runaka, nk’uko vyahojeje Dawidi, uwaririmvye ati: “Nzonezererwa ubuntu bwuzuye urukundo bwawe, bumpimbare, kuko wabonye amarushwa yanje; wamenye amagorwa y’umutima wanje.” (Zab. 31:7) Mugabo Yehova arakora n’ibindi uretse gusa kubona umubabaro turimwo. Aradukomeza mu kuduhoza no mu kuturemesha. Amakoraniro ya gikirisu ni uburyo bumwe akoresha mu kubigira.
Ducukure ubutunzi bwo muri Bibiliya
Ibikurubikuru vyo mu gitabu ca Samweli wa Mbere
30:23, 24. Iyo ngingo, iyishingiye ku Guharūra 31:27, yerekana yuko Yehova aha agaciro abakora ibikorwa vyo gushigikira ibindi mw’ishengero. Ivyo dukora vyose rero, nimuze ‘tubikore bivuye ku mutima nk’abakorera Yehova, ntitube nk’abakorera abantu’.—Ab’i Kolosayi 3:23.
16-22 RUSAMA
UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA | 2 SAMWELI 1-3
“Twigira iki ku ‘Karirimbo k’intimba k’Umuheto’?”
w00 1/7 9 ing. 9
Mutere iteka abahawe ubukuru kuri mwebwe
Dawidi yoba yaratuntuye igihe yariko arafatwa nabi? Yaborogeye Yehova ati: “Abantu b’ibirara barondeye ubugingo bganje.” (Zaburi 54:3) Yararundumuriye Yehova umutima wiwe ati: “Mana yanje, unkize abansi banje . . . Abahizi barankoraniye, atari kubg’icanje gicumuro cank’icanje caha, Uhoraho. Barirukanga bakitegura, batagira ico bampōra. Vyukuruka unsanganire, uvyitegereze.” (Zaburi 59:1-4) Woba umaze kwiyumva umerewe gutyo nyene, yuko ata kibi wakoreye umuntu afise ubukuru, yamara akaguma akuburabuza? Dawidi ntiyananiwe kugaragariza Sauli icubahiro. Sauli akimara gupfa, aho gutamba agatarika n’akanyamuneza, Dawidi yacuze intimba ati: “Ewe kuntu Sauli na Yonatani bākundwa, kand’ar’abanyagikundiro! . . . Bārusha inkukuma kunyaruka, bārusha n’intambge gukomera. Yemwe bakobga b’Abisirayeli, ni muririre Sauli.” (2 Samweli 1:23, 24) Ese ukuntu ari akarorero keza k’icubahiro nyakuri kigaragarijwe uwasizwe wa Yehova, naho nyene Dawidi yari yaragiriwe nabi na Sauli!
Ubuhemu ni kimwe mu biranga imisi ya nyuma!
Bibiliya iravuga kandi abantu benshi babaye intahemuka. Nimuze twihweze babiri muri bo maze turabe ico twobigirako, duhereye ku muntu yabaye intahemuka kuri Dawidi. Yonatani, umuhungu w’imfura w’Umwami Sauli, birashoboka ko yari kuragwa intebe y’ubwami ya Isirayeli. Mugabo Yehova yacaguye Dawidi ngo abe ari we azoba umwami wa Isirayeli akurikira. Yonatani yarubahirije iyo ngingo Imana yari yafashe. Ntiyagiriye ishari Dawidi ngo amubone nk’umukeba. Ahubwo, “umutima wa Yonatani [warafatanye] n’uwa Dawidi” igihe yamusezeranira ko atazomuhemukira. Mbere yarahaye Dawidi impuzu ziwe, inkota yiwe, umuheto wiwe be n’umukaba wiwe, gutyo aba amuhaye icubahiro nk’igihabwa umwami. (1 Sam. 18:1-4) Yonatani yarakoze uko ashoboye kwose kugira ‘akomeze ukuboko kwa Dawidi,’ gushika n’aho ahakwa kuhasiga ubuzima arondera kuvugira Dawidi kuri Sauli. Yonatani abigiranye ukudahemuka, yabwiye Dawidi ati: “Wewe ubwawe uzoba umwami wa Isirayeli, nanje ubwanje nzoba uwa kabiri kuri wewe.” (1 Sam. 20:30-34; 23:16, 17) Ntibitangaje kubona igihe Yonatani yapfa, Dawidi yaraseruye mu ruririmbo rwo kugandara intuntu yari afise be n’urukundo yamukunda.—2 Sam. 1:17, 26.
Ducukure ubutunzi bwo muri Bibiliya
it-1 928 ing. 9
Mwene wacu
Ijambo “Mwene wacu” rirerekezwa kandi ku bantu bunze ubumwe muri rusangi, bafise intumbero imwe n’imigambi imwe. Nk’akarorero, Umwami Hiramu wa Tiro yise Umwami Salomo mwene wabo, atari kubera gusa bose bari abami ariko kandi birashoboka ko ari kubera bakorera hamwe ivyo kuzana ibiti n’ibindi bintu vyo kwubaka urusengero. (1Bm 9:13; 5:1-12) Dawidi yanditse ati: “Raba! Ese ukuntu ari vyiza kandi bihimbaye ko abavukana babana mu bumwe!” (Zb 133:1) Ivyo birerekana ko ubucuti bw’amaraso atari bwo bwonyene butuma abantu babana mu mahoro no mu bumwe. Nkako, naho Dawidi na Yonatani batari basangiye ubucuti bw’amararo, barakundana, umwe wese akarondera ineza y’uwundi, ivyo bikaba vyatumye Dawidi yita Yonatani mwene wabo. (2Sm 1:26) Abagenzi bameze kumwe kandi bafise ivyo bahuriyeko, naho vyoba ari bibi, barashobora kwitwa abavukana.—Img 18:9.
23-29 RUSAMA
UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA | 2 SAMWELI 4-6
“Nugume utinya gukora ibidahimbara Yehova”
Ibikurubikuru vyo mu gitabu ca Samweli wa Kabiri
6:1-7. Naho Dawidi yari afise imigabo myiza, kuba yaragerageje kwimura Isandugu ayitwaye mu mukogote vyari biteye kubiri n’itegeko ry’Imana, kandi ntivyagenze neza (Kuvayo 25:13, 14; Guharura 4:15, 19; 7:7-9). Kuba Uza yaratumye ukuboko ngo asame iyo Sandugu na vyo nyene birerekana yuko imigabo myiza idahindura ivyo Imana idusaba.
Yehova yama nantaryo akora ibigororotse
Urama wibuka yuko Uza ategerezwa kuba yari azi ivyavugwa mu Vyagezwe. Isandugu yagereranya ukuhaba kwa Yehova. Ivyagezwe vyaratomora yuko itari gukorwako n’abantu batabifitiye uburenganzira, bikagabisha bidakikiriza yuko abari kurenga kuri iryo tegeko boronse igihano co gupfa (Guharūra 4:18-20; 7:89). Gutyo rero, kwimura iyo sandugu nyeranda nticari igikorwa co gufata minenegwe. Biboneka ko Uza yari Umulewi (naho atari umuherezi), ari co gituma yari akwiye kuba azi ibivugwa mu Vyagezwe. Vyongeye, imyaka nk’ingahe imbere y’aho, iryo Sandugu ryari ryarimuriwe mu rugo kwa se kugira ngo rikingirwe (1 Samweli 6:20–7:1). Ryamazeyo imyaka nka 70, gushika igihe Dawidi yashima kuryimura. Kuva mu bwana rero, biboneka ko Uza yari azi amabwirizwa yerekeye iryo Sandugu.
Yehova yama nantaryo akora ibigororotse
Nk’uko twabibonye mu ntango, Yehova arabona ibiri mu mutima. Kubera ko Ijambo ryiwe ryita ivyo Uza yakoze “igicumuro” canke igikorwa c’agasuzuguro, Yehova ashobora kuba yarabonye imvo yinaka irimwo ubwikunzi idahishurwa mu buryo butomoye muri iyo nkuru. Uza yoba yari umugabo w’umunyabwibone, afise impengamiro yo kurenga uturimbi twashinzwe (Imigani 11:2)? Gutwara ku mugaragaro iryo Sandugu umuryango wiwe wari warazigamye ahadashikwa vyoba vyatumye yiyumva ko ari agakomeye (Imigani 8:13)? Uza yoba yarabuze ukwizera gushika n’aho yiyumvira yuko ukuboko kwa Yehova ari kugufi ku buryo kudashobora kubogora iyo sandugu nyeranda yagereranya ukuhaba kwiwe? Icoba carabimutumye cose, turashobora guhera amazinda yuko Yehova yakoze ibigororotse. Ashobora rwose kuba yarabonye ikintu kinaka mu mutima wa Uza catumye aca urubanza adatebaganye.—Imigani 21:2.
Ducukure ubutunzi bwo muri Bibiliya
w96 1/4 29 ing. 1
Niwame uterera umuzigo wawe kuri Yehova
Kubera ko Dawidi yari umwami, ni we yari kubazwa bimwebimwe mu vyabaye. Ukuntu yavyifashemwo birerekana ko n’abafitaniye ubucuti bwiza na Yehova bishobora gushika bakavyifatamwo nabi mu bihe vy’ingorane. Mu ntango Dawidi yarashavuye, mu nyuma na ho aragira ubwoba. (2 Samweli 6:8, 9) Ubucuti yari afitaniye na Yehova bwarageragejwe bimwe bikomeye. Bisa n’uko Dawidi atatereye umuzigo wiwe kuri Yehova kubera ko atakurikije amategeko yiwe. Mu bihe bimwebimwe ibintu nk’ivyo vyoba vyodushikira? Vyoba bishika tugata amakosa kuri Yehova kubera ingorane zavuye ku kuba twirengagije ubuyobozi atanga?—Imigani 19:3.
30 RUSAMA–5 RUHESHI
UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA | 2 SAMWELI 7-8
“Yehova agiranira isezerano na Dawidi”
‘Ubwami bwawe buzohora buhamye’
Yehova arakorwa ku mutima n’icipfuzo kivuye ku mutima Dawidi afise. Kubera yuko Dawidi yari yarihebeye Imana no kugira ngo bihuze n’ubuhanuzi, Imana iragiranira na Dawidi isezerano ry’uko izohagurutsa umuntu wo mu muryango wa cami wa Dawidi azotegeka ibihe vyose. Natani arashikiriza umuhango Imana yahaye Dawidi icese iti: “Inzu yawe n’ubgami bgawe bizohora bihamye imbere yiwe, . . . n’ingoma yawe izokwama ihangamye na ntaryo.” (Umurongo wa 16) None ni nde ari Samuragwa w’ibihe vyose w’iryo sezerano, ni ukuvuga uwuzotegeka ibihe vyose?—Zaburi 89:20, 29, 34-36.
‘Ubwami bwawe buzohora buhamye’
Yezu w’i Nazareti yakomoka kuri Dawidi. Igihe umumarayika yariko aramenyesha ibijanye n’ivuka rya Yezu, yavuze ati: “Yehova Imana azomuha intebe y’ubwami ya Dawidi se wiwe, kandi azoganza inzu ya Yakobo ibihe vyose, kandi ubwami bwiwe ntibuzogira iherezo.” (Luka 1:32, 33) Iryo sezerano rero Imana yagiranye na Dawidi rirangukira kuri Yezu Kristu. Ku bw’ivyo, ntategeka kubera yuko yatowe n’abantu, ariko ategeka bivuye ku muhango Imana yatanze icese umuha uburenganzira bwo gutegeka ibihe vyose. Nitwibuke yuko imihango y’Imana yama nantaryo iranguka.—Yesaya 55:10, 11.
Niwizere Ubwami utanyiganyiga
Rimbura ivyo Yehova yasezeraniye Umwami Dawidi wa Isirayeli ya kera biciye kw’isezerano Imana yagiraniye na Dawidi. (Soma 2 Samweli 7:12, 16.) Yehova yagiraniye na we iryo sezerano igihe Dawidi yaganza i Yeruzalemu, akaba yamusezeraniye ko Mesiya yokomotse kuri we. (Luka 1:30-33) Yehova rero yararushirije gutanga amakuru adomako yerekana umuryango rwa ruvyaro rwokomotsemwo. Yavuze ko samuragwa wa Dawidi yobaye ‘afise uburenganzira’ bwo kuja ku ntebe y’Ubwami bwa Mesiya. (Ezk. 21:25-27) Biciye kuri Yezu, ingoma ya Dawidi “izoshimangirwa igihe kitagira urugero.” Nkako, uruvyaro rwa Dawidi “ruzokwamaho mbere gushika igihe kitagira urugero, intebe yiwe y’ubwami na yo nk’izuba.” (Zab. 89:34-37) Ubutegetsi bwa Mesiya ntibuzokwigera bwononekara, kandi ivyo buzorangura bizokwamaho ibihe bidahera.
Ducukure ubutunzi bwo muri Bibiliya
it-1 623 ing. 2
Imisi ya nyuma
Ubuhanuzi bwa Balamu. Imbera y’uko Abisirayeli binjira mu Gihugu c’isezerano, umuhanuzi Balamu yabwiye Umwami Balaki wa Mowabu ati: “Enda nuze, ndakugire inama y’ivyo aba bantu [Abisirayeli] bazokorera abantu bawe mu nyuma, kw’iherezo ry’imisi. . . . Inyenyeri izova muri Yakobo koko, kandi agakoni k’ubutware kazohaguruka koko kavuye muri Isirayeli. Kandi azomenagura imisaya y’umutwe wa Mowabu n’agahanga k’abahungu bose b’uruhagarara rw’intambara.” (Gh 24:14-17) Mw’iranguka rya mbere ry’ubwo buhanuzi, “inyenyeri” yabaye Umwami Dawidi, uwatsinze Abanyamowabu. (2Sm 8:2) Rero, biragaragara ko muri iryo ranguka ry’ubwo buhanuzi “iherezo ry’imisi” ryatanguye igihe Dawidi yaba umwami. Kubera ko Dawidi yagereranya Yezu Umwami w’Ubwami bw’Imana, ubwo buhanuzi bworangukiye no kuri Yezu igihe yotsinze abansi biwe.—Yes 9:7; Zb 2:8, 9.
6-12 RUHESHI
UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA | 2 SAMWELI 9-10
“Dawidi yaragaragaje urukundo rudahemuka”
Urashobora vy’ukuri kuronka agahimbare
Dawidi yanditse ati: “Hahirwa ūbabara umurushwa”. Yongeyeko ati: “Uhoraho azomurokora ku musi w’ivyago. Uhoraho azomuzigama amukize, kand’azogira amahirwe” (Zaburi 41:1, 2). Ukuntu Dawidi yitwararikanye urukundo Mefibosheti, wa muhungu w’ikimuga wa wa mugenzi wiwe pfampfe Yonatani, ni akarorero kerekana uburyo bubereye bwo kwitwararika umurushwa.—2 Samweli 9:1-13.
Ibikurubikuru vyo mu gitabu ca Samweli wa Kabiri
9:1, 6, 7. Dawidi yarashikije ivyo yasezeranye. Na twebwe nyene dutegerezwa kwihatira gushitsa ivyo twasezeranye.
Barihanganiye Amahwa Mu Mibiri Yabo
Haciye imyaka nk’ingahe, Umwami Dawidi, abitumwe n’urukundo rwinshi yakunda Yonatani, yaragaragarije ubuntu mvarukundo Mefibosheti. Dawidi yaramuhaye itongo ryose ryegukira Sauli kandi ategeka umusuku wa Sauli Ziba kwitwararika iryo tongo. Dawidi kandi yabwiye Mefibosheti ati: ‘Uzohora urira ku meza yanje na ntaryo.’ (2 Samweli 9:6-10) Nta gukeka, ubwo buntu mvarukundo Dawidi yagiriye Mefibosheti bwaramuhumurije bwongera buramufasha kugabanya umubabaro uva ku bumuga yari afise. Mbega ukuntu ari icigwa ciza! Na twebwe turakwiye kugaragariza ubuntu abariko baranyinyana n’ihwa mu mubiri.
Ducukure ubutunzi bwo muri Bibiliya
it-1 270
Ubwanwa
Abantu benshi ba kera bo mu bihugu vy’Abanyabuseruko, ushizemwo n’Abisirayeli, barakunda ubwanwa kuko babona ko ari ikimenyetso c’iteka ku mugabo. Itegeko Imana yahaye Abisirayeli ryarabuza kumwa “imishatsi yo ku mpande” z’imitwe yabo, ni ukuvuga ubwanwa bwo mu misaya n’udusunwa tw’ubwanwa. (Lw 19:27; 21:5) Nta gukeka ko ivyo vyatumwa n’uko uwo wari umugenzo w’idini ry’abapagani bamwebamwe.
13-19 RUHESHI
UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA | 2 SAMWELI 11-12
“Ntureke ngo ivyipfuzo bibi bikuganze”
Urashobora kuva mu mitego ya Shetani!
Umwina waratumye Umwami Dawidi yibagira ivyo Yehova yari yaramuhaye, ushizemwo ubutunzi, kuvugangwa be n’intsinzi nyinshi. Dawidi abigiranye ugukenguruka, yariyemereye ko ivyiza Imana yari yaramuhaye ‘vyari vyinshi kuruta ivyo yodonda.’ (Zab. 40:5) Ariko igihe kimwe, Dawidi yaribagiye ivyo Yehova yari yaramuhaye. Aho kubumbwa n’ivyo yari afise, yipfuje ibirenze. Naho yari afise abagore batari bake, yaripfuje umugore w’uwundi mugabo. Uwo mugore yitwa Batisheba, umugabo wiwe akaba yari Uriya Umuheti. N’ubwikunzi n’akantu, Dawidi yarasambanye na Batisheba maze aribungenga. Mu kwongera ikibi ku kindi, yaciye atunganya ivyo kwicisha Uriya. (2 Sam. 11:2-15) None ico gihe Dawidi yiyumvira iki? Yoba yibaza ko Yehova atabibona? Naho yari amaze igihe kirekire ari umwizigirwa kuri Yehova, yaratwawe n’umwina maze bimukwegera ingorane. Ariko igishimishije yahavuye yemera ikosa ryiwe, yongera arigaya. Ese ukuntu yakengurutse kubona Yehova asubira kumuraba ryiza!—2 Sam. 12:7-13.
Igituma twoyobokera Yehova n’ingene twobigira
Yehova ntiyashinze Dawidi ibanga ryo kuyobora urugo rwiwe gusa, ahubwo yamushinze no kuyobora ihanga ryose rya Israyeli. Kubera ko Dawidi yari umwami, yari afise ububasha bwinshi. Vyarashitse arakoresha nabi ubwo bubasha mu gukora amakosa akomeye. (2 Sam. 11:14, 15) Ariko yarerekanye ko ayobokera Yehova mu kwemera gukosorwa. Yarasukiye Yehova ivyari biri ku mutima wiwe, arihatira no kugamburuka impanuro za Yehova. (Zab. 51:1-4) Ikigeretseko, yaricisha bugufi cane ku buryo yakiriza yompi impanuro yahabwa n’abagabo, tutibagiye n’izo yahabwa n’abagore. (1 Sam. 19:11, 12; 25:32, 33) Dawidi yarakuye icigwa ku makosa yakoze, maze ashira imbere gukorera Yehova mu buzima bwiwe.
Nureke amategeko n’ingingo ngenderwako vy’Imana bimenyereze ijwi ryawe ryo mu mutima
Igishimishije, si ngombwa ngo twige tubanje kwibonerako. Turashobora kwigira ku makosa y’abantu bavugwa mw’Ijambo ry’Imana. Mu Migani 1:5 hagira hati: “Umuntu w’inkerebutsi azokwumviriza aronke inyigisho yiyongereye.” Vy’ukuri, Imana iratwigisha mu buryo bwiza kuruta ubundi bwose igihe dusoma inkuru z’abantu babayeho koko bavugwa muri Bibiliya tukongera tukazizirikanako. Nk’akarorero, ibaze intuntu Umwami Dawidi yagize amaze kurenga kw’itegeko rya Yehova, akarenga ibigo na Batisheba. (2 Sam. 12:7-14) Igihe turiko turasoma iyo nkuru twongera tuyizirikanako, twoshobora kwibaza duti: ‘Umwami Dawidi yari gushobora gute kwirinda intuntu yagize kubera yarenze ibigo na Batisheba? Hamwe noshikirwa n’ikintu nk’ico, ubwo noronka inkomezi zo kucirinda? Noba nohunga nka Yozefu, canke nogwa mu mutego nka Dawidi?’ (Ita. 39:11-15) Tuzirikanye ku ngaruka mbi z’igicumuro, biratuma turushiriza ‘kwanka ikibi.’
Ducukure ubutunzi bwo muri Bibiliya
it-1 600 ing. 6
Dawidi
Ariko rero, Yehova yariko arabiraba kandi yarahishuye neza ukuntu vyose vyagenze. Iyo Yehova areka Dawidi na Batisheba bagacirwa urubanza n’abantu bisunze Itegeko rya Musa, bompi bari kwicwa kandi n’umwa Batisheba yari yibungenze yari gupfana na nyina. (Gus 5:18; 22:22) Mugabo Yehova yarifatiye mu minwe urwo rubanza aragirira imbabazi Dawidi kubera isezerano ry’Ubwami bagiraniye (2Sm 7:11-16), kubera na Dawidi yari yaragiriye imbabazi abandi (1Sm 24:4-7; gereranya na Yak 2:13) no kubera Imana yabonye ko abo bacumuzi bigaye. (Zb 51:1-4) Ariko ntivyijanye. Yehova abicishije ku muhanuzi Natani yavuze ati: “Ehe ngira nguhagurukirize ivyago bivuye mu nzu yawe.”—2Sm 12:1-12.
20-26 RUHESHI
UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA | 2 SAMWELI 13-14
“Ubwikunzi bwa Amunoni bwarakweze ingorane”
it-1 31
Abusalomu
Yica Amunoni. Tamari mushiki wa Abusalomu yari mwiza cane bica bituma musazawe Amunoni badasangiye nyina amwipfuza cane. Amunoni yarirwaje kugira bamurungikire Tamari ngo aje kumutegurira udufungurwa maze aca amufata ku nguvu. Urukundo yamukunda rwaciye ruhinduka urwanko rukomeye aca amuta hanze. Tamari yaciye atabura ikanzu y’uturongorongo yari yambaye yaranga abakobwa b’umwami bakiri isugi, aca ashira n’iminyota ku mutwe wiwe. Tamari yaciye ahura na Abusalomu. Abusalomu yaramwitegereje ubwo nyene aca arerekana ko yikeka ko ari Amunoni yakoze iryo bara, bikaba vyerekana ko yari asanzwe azi ko Amunoni afise ico cipfuzo gikomeye. Abusalomu yaciye asaba mushikiwe ngo yihoze ivyabaye, aca aramutwara iwe.—2Sm 13:1-20.
Nube umuntu yigumya
Bibiliya irimwo uburorero butari buke bw’abantu bananiwe no kwirinda ubuhumbu. Irerekana n’ingaruka ziva muri ukwo kutigumya. Hamwe woshikirwa n’ivyashikiye Kim, vyoba vyiza wibutse wa musore w’imburabwenge avugwa mu Migani ikigabane ca 7. Uribuka kandi ivyashikiye Amunoni bitewe n’inyifato yiwe mbi. (2 Sam. 13:1, 2, 10-15, 28-32) Abavyeyi barakwiye kurimburira hamwe n’abana babo ubwo burorero mu gusenga kwo mu muryango, kugira babigishe kwigumya no gukorana ubukerebutsi mu migenderanire bagirana n’abo badasangiye igitsina.
it-1 32 ing. 1
Abusalomu
Imyaka ibiri yaraheze. Igihe co gukemura intama carageze, kikaba ari igihe giteye umunezero. Abusalomu yaratunganije inzimano i Bayali-hazori nko ku bilometero 22 mu buraruko bushira ubuseruko bwa Yeruzalemu, aca aratumira abana b’umwami na Dawidi. Igihe se wiwe yamubwira ko bidakunda ko yitaba ubwo butumire, Abusalomu yaciye amwinginga ngo arungike Amunoni imfura yiwe mu kibanza ciwe. (Img 10:18) Kuri izo nzimano, umutima wa Amunoni ukimara “kuryoherwa n’umuvinyu,” Abusalomu yaciye ategeka abasuku biwe ngo bamwice. Abandi bana b’umwami baciye basubira i Yeruzalemu, Abusalomu na we aca ahungira kwa sekuru w’Umusiriya mu bwami bwa Geshuri mu buseruko bw’ikiyaga ca Galilaya. (2Sm 13:23-38) Ya “nkota” umuhanuzi Natani yavuga yari yinjiye mu “nzu” ya Dawidi kandi yogumyeho ubuzima bwiwe bwose.—2Sm 12:10.
Ducukure ubutunzi bwo muri Bibiliya
g04 22/12 8-9
Ubwiza buhambaye gusumba
Ariko rimbura ivya Abusalomu umwe mu bahungu ba Dawidi. Naho yasa neza cane, yari umuntu ameze nabi. Ku bimwerekeye, Bibiliya ivuga iti: “Kandi ugereranije na Abusalomu, nta mugabo yari mwiza nka we muri Isirayeli yose ku buryo ashemezwa cane ukuraho. Kuva mu bworo bw’ikirenge ciwe gushika mu rutwariro, nta gahonzi yari afise.” (2 Samweli 14:25) Ariko, agatima ko guhahamira ubukuru Abusalomu yari afise karatumye agarariza se wiwe aramunyaga ubwami. Yaranafashe ku nguvu incoreke za se wiwe. Gutyo, Abusalomu yarikwegeye uburake bw’Imana aca apfa urupfu rubi.—2 Samweli 15:10-14; 16:13-22; 17:14; 18:9, 15.
Wumva wokwiyegereza Abusalomu? Oya nawe nu. Emwe, yari umuntu wo guca kura. Naho yasa neza ku mubiri, yari umuntu yishima akaba n’igihemu kandi ubwiza bwiwe ntibwamurokoye. Ariko Bibiliya irimwo uburorero bwinshi bw’abantu b’inkerebutsi kandi bimereye neza, mugabo ugasanga nta na kimwe kivugwa ku bijanye n’ukuntu basa ku mubiri. Biragaragara ko icari gihambaye cane bwari ubwiza bwabo bwo ku mutima.
27 RUHESHI–3 MUKAKARO
UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA | 2 SAMWELI 15-17
“Abusalomu yaragararije kubera ubwibone”
it-2 630
Integuza
Vyari bimenyerewe mu Banyabuseruko ko abirutsi bitangira imbere umukogote w’umwami kugira bategure inzira y’umwami, bongere bamenyeshe ukuza kwiwe no kugira bamufashe muri ibi na biriya. (1Sm 8:11) Abusalomu na Adoniya bariganye uwo mugenzo, barironderera abagabo 50 biruka imbere y’imikogote yabo. Ivyo babigize kugira biheshe iteka ribereye umwami hamwe n’icubahiro no kugira berekane ko ivyo bariko barakora vyemewe.—2Sm 15:1; 1Bm 1:5.
Nukorere ya Mana y’umwidegemvyo
Bibiliya irimwo uburorero bwinshi bw’abantu bagize akosho kabi ku bandi. Akarorero kamwe muri ubwo ni akajanye na Abusalomu, umuhungu w’Umwami Dawidi. Abusalomu yari umuntu w’akaranga bimwe bidasanzwe. Ariko rero, cokimwe na Shetani, yahavuye areka icipfuzo co guhahamira ubukuru kiratsimbatara mu mutima wiwe, kuko yatanguye kwipfuza cane intebe y’ubwami ya se wiwe, iyo atari afitiye uburenganzira. Mu kugerageza kwigarurira ubwami ku ruyeri, Abusalomu yarigira nk’aho yitwararika cane Abisirayeli bagenziwe, muri ico gihe nyene agasa n’uwerekana ku rwenge yuko abo ku kirimba c’umwami batabitaho. Ego cane, nka kumwe nyene Shetani yabigira mu murima wa Edeni, Abusalomu yarigize umugiraneza, muri ico gihe nyene arambika ibara se wiwe bwite.—2 Sam. 15:1-5.
it-1 1101
Heburoni
Haciye imyaka, Abusalomu umuhungu wa Dawidi yarasubiye i Heburoni aca ashira mu ngiro umugambi wo gukura se ku ngoma, ariko akaba ataroraniwe. (2Sm 15:7-10) Abusalomu ashobora kuba yiyumviriye kuja gukorera uwo mugambi wiwe muri ico gisagara ca Heburoni kubera ko cigeze kuba umugwa mukuru wa Yuda kandi akaba ari co gisagara yari yaravukiyemwo. Mu nyuma, Umwami Rehobowamu umwuzukuru wa Dawidi yarasubiye kwubaka Heburoni. (2Ng 11:5-10) Inyuma y’aho Abanyababiloni basanganguriye Yuda maze Abayuda bari baragizwe inyagano bakagaruka, bamwe muri abo Bayuda baragiye kuba i Heburoni (Kiriyati-aruba).—Neh 11:25.
Ducukure ubutunzi bwo muri Bibiliya
Woba ufise amakuru yose?
Na twebwe, twoshobora gushikirwa n’ingaruka kubera amakuru atarimwo ukuri kwose yavuzwe ku bitwerekeye. Raba ivyashikiye Umwami Dawidi na Mefibosheti. Dawidi yaragaragarije umutima mwiza Mefibosheti aramusubiza itongo ryose rya sekuru Sauli. (2 Sam. 9:6, 7) Ariko rero mu nyuma, Dawidi yarabwiwe amakuru atari yo yerekeye Mefibosheti. Atiriwe aranayasuzuma, yaciye afata ingingo yo kwaka Mefibosheti itongo ryiwe ryose. (2 Sam. 16:1-4) Igihe amaherezo Dawidi yavugana na Mefibosheti, yaremeye ko yihenze aca aramusubiza igice c’iryo tongo. (2 Sam. 19:24-29) Ariko Dawidi yari kwirinda ako karenganyo iyo afata umwanya wo kubaza amakuru yose aho kwihutira gukorera kuri ayo makuru adakwiye.