ICIGWA CA 11
Ukuntu Bibiliya yorushiriza kukugirira akamaro
Igihe ugira utangure igikorwa kinini, vyoba bishika ukumva ugize ubwoba? Kugira kikworohere, hari igihe vyoba ngombwa ko ukigabura mu dukorwa dutoduto. Ni ko bigenda n’igihe wishingiye umugambi wo gusoma Bibiliya. Woshobora kwibaza uti: ‘Mbega mpere he?’ Muri iki cigwa, tugiye kuraba ibintu bisanzwe wokora kugira gusoma no kwiga Bibiliya birushirize kukuryohera.
1. Kubera iki dukwiye kwama dusoma Bibiliya?
Umuntu yama asoma Bibiliya, ari ryo “tegeko rya Yehova,” aragira umunezero kandi akaroranirwa. (Soma Zaburi 1:1-3.) Mu gutangura, nugerageze kuza urafata iminuta mikeyi buri musi, usome Bibiliya. Uko uzogenda uratahura Ijambo ry’Imana, ni ko kurisoma bizorushiriza kukuryohera.
2. Ni ibiki vyogufasha kwungukira ku vyo usoma muri Bibiliya?
Kugira gusoma Bibiliya birushirize kukugirira akamaro, urakeneye kuza urafata akanya ko kuzirikana. Ukwiye kuyisoma “n’ijwi ritoyi,” ni ukuvuga ukazirikana ku vyo usoma. (Yosuwa 1:8) Igihe uriko urasoma Bibiliya, niwibaze ibibazo nk’ibi: ‘Ibi nsomye binyigisha iki ku vyerekeye Yehova Imana? Nobishira mu ngiro gute mu buzima bwanje? Iyi mirongo noyikoresha gute mu gufasha abandi?’
3. Wokura he akanya ko gusoma Bibiliya?
Vyoba bikugora kuronka akanya ko gusoma Bibiliya? Nturi wenyene. Nugerageze “[k]wicungurira umwanya ubereye.” (Abanyefeso 5:16) Ivyo wobigira mu gutegekanya akanya buri musi ko gusoma Bibiliya. Hari abayisoma mu gitondo, abandi ku murango nko mu karuhuko ka sasita, abandi na bo bakayisoma mw’ijoro imbere y’uko baryama. Wewe wumva akanya kokworohera ari akahe?
TWINJIRE MU MIZI
Reka turabe ico wokora kugira gusoma Bibiliya birushirize kukuryohera. Turaza kandi kubona ukuntu wotegura neza ivyo wiga kugira birushirize kukugirira akamaro.
Kugira umuntu akunde ibifungurwa atarigera afungura bisaba ko avyimenyereza. Kugira natwe turyoherwe no gusoma Bibiliya bisaba ko tuvyimenyereza
4. Ivyo wokora kugira gusoma Bibiliya bikuryohere
Bishobora kuba bitoroshe gutangura gusoma Bibiliya. Ariko, uribuka ko kugira umuntu akunde ibifungurwa atarigera afungura bisaba ko avyimenyereza. Kugira nawe uryoherwe no gusoma Bibiliya bisaba ko uvyimenyereza. Nimusome 1 Petero 2:2, muce muganira kuri iki kibazo:
Ugiye urasoma Bibiliya buri musi, ubona vyogufasha kurushiriza kuyikunda ku buryo utokwipfuza guhagarika?
Nimurabe iyo VIDEWO kugira mubone icafashije abantu bamwebamwe gukunda gusoma Bibiliya. Nimuce muganira kuri ibi bibazo:
Muri iyo videwo, ni ingorane izihe abo bakiri bato bari bafise?
Ni igiki cabafashije kwumira ku rutonde rwabo rwo gusoma Bibiliya?
Ni ibiki bakoze kugira gusoma Bibiliya birushirize kubaryohera?
Ivyiyumviro vyogufasha:
Nukoreshe Bibiliya itarimwo amakosa kandi ikoresha imvugo yoroshe. Raba ko wokoresha Bibiliya y’isi nshasha nimba iboneka mu rurimi rwawe.
Nuhere ku gusoma inkuru zo muri Bibiliya zikuryohera kuruta. Nurabe igicapo kivuga ngo “Nusome Bibiliya buri musi.”
Nushire akamenyetso ku vyo uhejeje gusoma. Nukoreshe igicapo kivuga ngo “Nukurikirane ubusomyi bwawe bwa Bibiliya” kiri muri iki gitabu.
Nukoreshe agaprograma ka JW Library®. Ukoresheje ako gaprograma, urashobora gusoma Bibiliya no kuyumviriza aho woba uri hose wifashishije telefone canke akandi kuma ko mu buhinga bwa none.
Nukoreshe amayagwa y’inyongera ari muri Bibiliya y’isi nshasha. Muri ayo mayagwa harimwo amakarata, ibicapo n’insiguro y’amajambo, ivyo bikaba bishobora gutuma urushiriza kuryoherwa n’ivyo usoma.
5. Nutegure ivyo wiga
Nimusome Zaburi 119:34, muce muganira kuri iki kibazo:
Kubera iki ari vyiza gusenga imbere yo gusoma Bibiliya canke imbere yo gutegura ivyo wiga?
Wokora iki kugira ivyo wiga birushirize kukugirira akamaro? Igihe utegura icigwa uza kwiga, nugerageze ubu buryo:
Nusome ingingo zose ziri mu gice ca mbere c’icigwa.
Nusome ivyanditswe vyatanzwe wongere ugerageze gutahura isano bifitaniye n’ico cigwa.
Nuce akarongo ku nyishu z’ikibazo kimwekimwe cose. Ivyo bizotuma woroherwa igihe uzoba uriko uraganira ico cigwa n’uwo mwigana Bibiliya.
Wari ubizi?
Ivyabona vya Yehova barakoresha Bibiliya zitandukanye. Ariko Bibiliya y’isi nshasha ni yo dukunda cane kubera ko itagiramwo amakosa, yoroshe gutahura kandi ikoresha izina ry’Imana.—Raba ikiganiro co kuri jw.org kivuga ngo “Ivyabona vya Yehova boba bafise Bibiliya yabo?”
HARI ABAVUGA BATI: “Kwiga Bibiliya biragoye cane. Nta mwanya nobironkera.”
Wewe uvyibazako iki?
INCAMAKE
Kugira Bibiliya irushirize kukugirira akamaro, nutegekanye akanya ko kuyisoma, usenge kugira utahure ivyo usoma wongere utegure ivyo wiga.
Wize iki?
Wokora iki kugira Bibiliya irushirize kukugirira akamaro?
Wokura hehe akanya ko gusoma no kwiyigisha Bibiliya?
Kubera iki ari vyiza ko utegura ivyo wiga?
RONDERA N’IBINDI
Nurabe ivyiyumviro bimwebimwe wokwisunga kugira Bibiliya irushirize kukugirira akamaro.
“Ingene wosoma Bibiliya ikakugirira akamaro” (Umunara w’Inderetsi No. 1 2017)
Nurabe uburyo butatu bwo gusoma Bibiliya.
“Bibiliya yomfasha gute?—Igice ca 1: Soma Bibiliya yawe” (Ikiganiro co kuri jw.org)
Nurabe ivyo wokora kugira gusoma Bibiliya bikuryohere.
“Bibiliya yomfasha gute?—Igice ca 2: Nutume gusoma Bibiliya bikuryohera” (Ikiganiro co kuri jw.org)
Nurabe ivyiyumviro bitangwa n’abantu bamaze imyaka myinshi basoma Bibiliya.