ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
Sohoka
Injira
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Kaze!
Iki ni igikoresho c'ubushakashatsi kirimwo ibitabu vyo mu ndimi zitandukanye vyasohowe n'Ivyabona vya Yehova.
Ushaka kuvoma ibitabu, nuje kuri jw.org.
Itangazo
Indimi nshasha: Betsimisaraka (Northern), Betsimisaraka (Southern), Konkomba, Matses, Mi'kmaq
  • Uno musi

Ku wa kane, 16 Gitugutu

Nimutunganye inzira ya Yehova! Nimucire Imana yacu ibarabara rikuru kandi rigororotse mu bugaragwa.—Yes. 40:3.

Naho urwo rugendo rutoroshe rwo kuva i Babiloni uja muri Isirayeli rwofashe nk’amezi ane, Yehova yabasezeraniye ko ibintu vyoshoboye kubabera intambamyi vyokuwe mu nzira. Abayuda b’intahemuka bobo, babona ko naho urwo rugendo rwasaba kwitanga no kugira ivyo bahevye, gusubira muri Isirayeli vyarimwo akarusho gakomeye. Umuhezagiro nyamukuru bokwironkeye, wari uko bosubiye gusenga Yehova. Nta rusengero rwa Yehova na rumwe rwarangwa i Babiloni. Nta gicaniro cariyo Abisirayeli botangiyeko ibimazi basabwa n’Itegeko rya Musa, eka nta n’abaherezi bariyo boshikanye ivyo bimazi. Ikigeretseko, abasavyi ba Yehova bari inkehwa ubagereranije n’abapagani babamwo baterekwa Yehova canke ingingo ngenderwako ziwe. Abayuda ibihumbi n’ibihumbi rero batinya Imana, bari bashashaye gusubira mu gihugu iwabo kugira basubizeho ugusenga kw’ukuri. w23.05 14-15 ing. 3-4

Twihweze Ivyanditswe ku musi ku musi—2025

Ku wa gatanu, 17 Gitugutu

Mubandanye kwigenza nk’abana b’umuco.—Ef. 5:8.

Kugira ngo tugume twigenza «nk’abana b’umuco», turakeneye gufashwa n’impwemu nyeranda y’Imana. Kubera iki? Kubera ko bitoroshe kuguma turi abantu batanduye muri iyi si yataye ubuntu. (1 Tes. 4:​3-5, 7, 8) Impwemu nyeranda irashobora kudufasha kurwanya ivyiyumviro vy’iyi si, ushizemwo amafilozofiya be n’ivyiyumviro vy’abantu biteye kubiri n’ivyiyumviro vy’Imana. Impwemu nyeranda irashobora no kudufasha kwama «ubwoko bwose bw’ukumera neza n’ubugororotsi.» (Ef. 5:9) Kimwe mu vyodufasha kuronka impwemu nyeranda, ni ugusenga tuyisaba. Yezu yavuze ko Yehova «[azo]ha impwemu nyeranda abayimusaba.» (Luka 11:13) Vyongeye, igihe duhuriye hamwe n’abandi ku makoraniro kugira ngo dushemeze Yehova, na ho nyene turaronka impwemu nyeranda. (Ef. 5:​19, 20) Kubaho tuyoborwa n’impwemu nyeranda y’Imana biratuma tubaho mu buryo buhimbara Yehova. w24.03 23-24 ing. 13-15

Twihweze Ivyanditswe ku musi ku musi—2025

Ku wa gatandatu, 18 Gitugutu

Mugume musaba, muzohabwa. Mugume murondera, muzoronka. Mugume mudodora, muzokwugururirwa.—Luka 11:9.

Woba ukeneye kuba umuntu yihangana? Nusenge ubisaba. Ukwihangana ni kimwe mu vyo impwemu yama. (Gal. 5:​22, 23) Turashobora rero gusaba Yehova impwemu nyeranda, tukamusaba ngo adufashe gutsimbataza ivyo iyo mpwemu yama. Iyo turi mu bintu bisaba ko twihangana, “tuguma dusaba” impwemu nyeranda kugira idufashe kwihangana. (Luka 11:13) Turashobora no gusaba Yehova ngo adufashe kubona ibintu nk’uko abibona. Tumaze gusenga, dukwiye gukora uko dushoboye kwose tukihangana buri musi. Uko tuzorushiriza gusenga dusaba ukwihangana kandi tukihatira kuba abantu bihangana, ni ko iyo kamere izoshinga imizi mu mitima yacu, tugasigara turi abantu bihangana. Kuzirikana ku burorero bwo muri Bibiliya na vyo nyene birafasha. Bibiliya irimwo uburorero bwinshi bw’abantu bihanganye. Tuzirikanye ubwo burorero, twoshobora kumenya uburyo twokwerekana ko twihangana. w23.08 22 ing. 10-11

Twihweze Ivyanditswe ku musi ku musi—2025
Kaze!
Iki ni igikoresho c'ubushakashatsi kirimwo ibitabu vyo mu ndimi zitandukanye vyasohowe n'Ivyabona vya Yehova.
Ushaka kuvoma ibitabu, nuje kuri jw.org.
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika