ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
Sohoka
Injira
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Kaze!
Iki ni igikoresho c'ubushakashatsi kirimwo ibitabu vyo mu ndimi zitandukanye vyasohowe n'Ivyabona vya Yehova.
Ushaka kuvoma ibitabu, nuje kuri jw.org.
  • Uno musi

Ku wa kane, 17 Mukakaro

Umugenzi nyakuri akundana igihe cose, kandi ni uwo muvukana yavukiye kuhaseruka mu gihe c’ivyago.—Imig. 17:17.

Mariya nyina wa Yezu yari akeneye inkomezi. Ntiyari yubatse, mugabo yari agiye kwibungenga. Ntiyari bwigere arera umwana wiwe, mugabo yari agiye kurera umwana yobaye Mesiya. Vyongeye, ko atari bwigere arangura amabanga y’abubatse, ubwo vyomworoheye gusigurira umufiyanse wiwe Yozefu ko yibungenze? (Luka 1:​26-33) Mariya yaronse gute inkomezi? Yarituye abandi ngo bamufashe. Nk’akarorero, yarasavye Gaburiyeli ngo amuhe amakuru yiyongereye ku bijanye n’iryo banga. (Luka 1:34) Inyuma y’aho gato, yarafashe urugendo aja kuraba incuti yiwe Elizabeti «mu karere k’imisozi» ka Yuda. Elizabeti yarakeje Mariya kandi Yehova yaramuhumekeye kuvuga ubuhanuzi buremesha ku bijanye n’umwana Mariya yari yibungenze. (Luka 1:​39-45) Mariya yavuze ko Yehova «yakoze ibintu bikomeye n’ukuboko [kwiwe].» (Luka 1:​46-51) Yehova yarakomeje Mariya biciye kuri Gaburiyeli na Elizabeti. w23.10 14-15 ing. 10-12

Twihweze Ivyanditswe ku musi ku musi—2025

Ku wa gatanu, 18 Mukakaro

[Yatugize] ubwami n’abaherezi b’Imana yiwe ikaba na Se wiwe.—Ivyah. 1:6.

Hari igitigiri ntarengwa c’abigishwa ba Kristu barobanujwe impwemu nyeranda, bakaba bafitaniye ubucuti budasanzwe na Yehova. Abo bigishwa 144.000 bazoba abaherezi mw’ijuru bari kumwe na Yezu. (Ivyah. 14:1) Aho Heranda h’ihema ryeranda hagereranya ukuba abo bigishwa bararobanujwe impwemu bakiri kw’isi bakaba abana b’Imana. (Rom. 8:​15-17) Aheranda cane h’iryo hema hagereranya mw’ijuru, aho Yehova aba. «Irido» yatandukanya Aheranda n’Aheranda cane yagereranya umubiri wa Yezu w’inyama n’amaraso. Agifise uwo mubiri ntiyashobora kwinjira mw’ijuru ngo abe Umuherezi mukuru akomeye wo mu rusengero rwo mu buryo bw’impwemu. Uwo mubiri wiwe w’inyama n’amaraso yawutanze nk’ikimazi ku bw’abantu, aba yugururiye inzira ija mw’ijuru abakirisu bose barobanuwe. Kugira baronke impera yabo yo mw’ijuru bategerezwa na bo nyene guheba uwo mubiri wabo w’inyama n’amaraso.—Heb. 10:​19, 20; 1 Kor. 15:50. w23.10 28 ing. 13

Twihweze Ivyanditswe ku musi ku musi—2025

Ku wa gatandatu, 19 Mukakaro

Umwanya womperana ntandukiriye ivya Gideyoni.—Heb. 11:32.

Gideyoni ntiyaciye atwarwa n’ishavu igihe Abefurayimu bamunegura. (Abac. 8:​1-3) Gideyoni ntiyabishuranye ishavu. Yarerekanye ko yifata ruto mu kwumviriza imyidogo yabo, ivyo bica bituma ishavu bari bafise rihwama. Igihe abakurambere b’inkerebutsi baneguwe, barigana Gideyoni mu kwumviriza bitonze no mu kudaca batwarwa n’ishavu. (Yak. 3:13) Ivyo bica bituma mw’ishengero haguma harangwa amahoro. Igihe Gideyoni yashimagizwa kubera yatsinze Abamidiyani, yerekeje ubuninahazwa bwose kuri Yehova. (Abac. 8:​22, 23) None abakurambere bomwigana gute? Barakwiye kwemera ko ivyo barangura babishobozwa na Yehova. (1 Kor. 4:​6, 7) Nk’akarorero, igihe umukurambere akejwe ko azi kwigisha neza, arashobora guca avuga ko abikesha Ijambo ry’Imana ryo soko ry’ivyo twigisha canke ko abikesha ukumenyerezwa duhabwa n’ishirahamwe rya Yehova. Abakurambere barakwiye kuza barisuzuma nimba uburyo bigisha bushimagiza Yehova canke bo ubwabo. w23.06 4 ing. 7-8

Twihweze Ivyanditswe ku musi ku musi—2025
Kaze!
Iki ni igikoresho c'ubushakashatsi kirimwo ibitabu vyo mu ndimi zitandukanye vyasohowe n'Ivyabona vya Yehova.
Ushaka kuvoma ibitabu, nuje kuri jw.org.
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika