Amagume yo mu gihe c’intambara yaranteguye mu buzima
NK’UKO VYAVUZWE NA ERNST KRÖMER
“Ng’iki icumba canyu”. Ayo ni yo majambo jewe n’uwo twari kumwe batwakirije muri Gabon, igihugu co muri Afirika yo mu Burengero. Hariho ikibanza coshirwamwo imatela gusa. Twabaye muri ico cumba amezi atandatu.
UBUZIMA nagize ndi kw’itongo ry’uburimyi n’ubworozi mu gihe c’Intambara ya Kabiri y’isi yose bwaranteguye kubaho mu bihe bigoye. Igihe intambara yaduka mu 1939, Ubudagi bw’abanazi bwaciye ubwo nyene bwigarurira Polonye. Ico gihe nari maze imyaka ine. Umuryango wacu wari ugizwe n’abavyeyi banje, murumunanje na mushikanje mutoyi be na bashikanje bakuru babiri. Dawe yaratugabisha ngo twitegurire ibihe bitoroshe Ubudagi nibwaramuka buneshejwe.
Twaba i Löwenstein, ikigwati gitoyi co mu Budagi c’i Silesiya ho hepfo, ubu kikaba ari igice ca Polonye. Kuri iryo tongo ryacu ringana n’amahegitari 25, twararima intete tukongera tukorora amasho. Dawe kandi yari umukuru w’abarimyi n’aborozi bo muri ako karere. Igihe abanazi bacigarurira, baciye bakoresha dawe kugira yungunganye abarimyi mu bijanye no gushigikira intambara.
Dawe yari yahoze ari mu basoda barwanira hasi mu gihe c’Intambara ya Mbere y’isi yose, ubu na ho akazi yakorera intwaro y’abanazi katumye batamutwara mu gisoda. Abavyeyi banje bari bamaze igihe kirekire barahevye kuja mu misa kubera bari bavunywe umutima n’uburyo abakuru b’idini bari bakoze mu gihe c’Intambara ya Mbere y’isi yose. Ivyo vyatumye nkura ntitaho na gato ivy’idini.
Natanguye ishure mu 1941, mugabo naranka kwiga kandi nabona yuko hariho ibindi bintu bishimishije nokora kuruta kwirirwa ndaraba ku kibaho. Mu ntango z’umwaka wa 1945, hasigaye amezi makeya gusa ngo intambara irangire, Breslau (ubu hitwa Wrocław), umurwa mukuru w’igisagara ca Silesiya ho hepfo, haciye haterwa n’Abarusiya. Igihe kimwe ku wa gatandatu ku mugoroba twarashobora kubona igisagara turi kure nko ku bilometero 50, cose kiboneshwa n’umuriro w’ibisasu vya muzinga be n’ituragurika ry’ibibombe vyakororwa n’indege. Bidatevye, twaciye duhungira mu misozi. Igihe intambara yarangira, twaciye dusubira i muhira i Löwenstein.
Inyuma y’intambara
Intambara ihavuye haciye hakurikira ibihe bitoroshe. Abagore barafatwa ku nguvu, kandi nta musi wijana badasahuye. Menshi mu masho yacu yaribwe.
Dawe yafashwe muri Mukakaro 1945. Haheze amajoro indwi bamusambisha bunyamaswa, yararekuwe. Haciye amezi atatu barongeye kumufata hanyuma baramutwara. Ijisho ryabaye iryo. Abagabo babiri b’Abanyapolonye barigaruriye itongo ryacu maze bavuga ko ari beneryo. Muri Ndamukiza 1946, Abadagi bose bo muri ico kigwati bababwiye kuhava no kujana gusa ibintu bashobora gutwara.
Mawe yari yariteguriye ico kintu kandi nta bwoba yagize. Yari afise igiseke kinini kiriko udupine carimwo ibisaswa, kandi umwe wese muri twebwe yari afise agasakoshi kuzuye ivyo twari dukeneye. Abari mu mugwi w’ivya gisirikare b’Abanyapolonye baradupakiye mu modokari zigenewe gutwara ibitungwa, ni ukuvuga abantu 30 bakaja mu modoka imwe. Haciye nk’indwi zibiri, twarashitse iyo twari tugiye mu Buraruko bushira Uburengero bwo mu Budagi, hatari kure y’Ubuholande.
Umuryango wacu, ushizemwo incuti zacu, twese hamwe uko twari 19, Leta yaduhaye ivyumba bibiri kw’itongo ryari nko ku bilometero umunani uvuye i Quakenbrück. Mu nyuma, bamwebamwe mu muryango wacu munini bararonse aho bashobora kubana n’abandi barimyi, maze tubona kugabanuka.
Mawe yaratwigorera cane twebwe abana, akenshi ntafungure kugira ngo dushobore gufungura. Mu gihe c’urushana rwa mbere rwabaye ari ho turi, nta nkwi twari dufise. Impome be n’amadari y’ivyumba vyacu vyari vyuzuyeko mwene ya mabarafu amaze nk’urubura, kandi ivyumba vyacu wamenga n’ivyo mu kuzimu bisa n’amabarafu. Igishimishije ni uko twari dufise ibisaswa bisusurutsa, gutyo tubona kurokoka.
Mbonana n’Ivyabona
Nko mu 1949, mawe yararonse Umunara w’Inderetsi awuhawe n’umugore wa marume. Hari ikiganiro carimwo camwibukije yuko mu gihe c’intambara yari yarumvise Hitler kw’iradiyo yiyamiriza ‘umugwi w’abantu’ babura isenyuka ry’Ubudagi. Mawe yari yaribajije abo bantu abo ari bo. Igihe yasoma muri uwo Munara w’Inderetsi yuko ari Ivyabona vya Yehova, yaciye ashimishwa maze afata ingingo yo kwigana Bibiliya na bo.
Umusi umwe muri Ndamukiza 1954, nasanze umugabo n’umugore bubakanye b’Ivyabona bariko barigana na mawe. Iyo nyigisho irangiye, naremeye agatabu Pouvez-vous vivre à jamais dans le bonheur sur la terre? nongera ndemera kugirirwa abonema y’Umunara w’Inderetsi. Nsomye ako gatabu, naciye njijuka yuko nari nubuye ukuri. Gutyo, naciye ndagaha umugore yankoresha ngo agasome. Igihe namubaza ico akiyiyumvirako, yaciye avuga ati: “Ivyiyumviro birimwo ni vyiza cane, mugabo bisa n’ibidashoboka. Numva ntoshobora kuvyemera”.
Namubwiye nti: “Emwe, ndazi neza yuko ukwo ari ukuri, kandi nzogukurikira”. Yarazunguje umutwe, maze avuga ati: “Ubu butumwa ni ubw’abantu bitonda. Wewe uri umuguruguru cane ku buryo utoba Icabona”. Mugabo naratanguye kugira amahinduka mu buzima bwanje.
Naho ata Vyabona bari muri ako karere, nariyigishije ubwanje maze nkagenda n’ikinga nk’ibilometero cumi ku ndwi ku ndwi kugira ngo nitabe amakoraniro yabo. Mu nyuma, naragiye kw’iteraniro ry’umuzunguruko, aho amashengero atari make y’Ivyabona akoranira ku bw’ugusenga. Aho ni ho natanguriye kwamamaza ku mugaragaro ndi kumwe n’abandi. Hadaciye n’igihe, nari nsigaye ndabigira ubudahorereza. Ku wa 14 Mukakaro 1954, twe na mawe twarabatijwe. Mu nyuma, nyokuru avyara mawe afise imyaka 80 y’amavuka, na we nyene yaracitse Icabona.
Akazi kanje ko kw’iyororero-rimiro kasaba umwanya munini birenze, gutyo nca ndagahagarika maze ndonka akazi kw’ishamba rikingiwe. Umuryango wacu rero waciye wimukira i Reutlingen, kakaba ari agasagara gatoyi kari hafi y’i Stuttgart. Igihe twari aho ni ho mushikanje mutoyi yitwa Ingrid na we nyene yacika Icabona, kandi ni we wenyene yacitse Icabona mu bo tuvukana.
Kwamamaza igihe cose
Mu 1957 ni ho mawe yagiye yemererwa mu buryo buhuje n’amategeko ko Dawe yapfuye. Ivyo vyatumye atangura kuronka amahera ya pansiyo, na yo ikaba yaramushoboje kwibeshaho ntamufashije mu vy’amahera. Kubera yuko ntari ngifise iryo banga ryo gufasha umuryango, naciye nkora akazi k’igihe gitogito maze muri Ndamukiza 1957, nca ntangura kwamamaza igihe cose ndi umutsimvyi. Inyuma y’aho, nararonse ubutumire bwo gusukura ndi umutsimvyi adasanzwe. Icabona mugenzanje aho amariye kuvyumva, yaciye antumira mu biro iwe maze ambwira ati: “Ndazi ko ukeneye imfashanyo”. Yaciye ampa amahera y’amadagi 500. Muri ayo mahera, naraguze impuzu zose nari nkeneye nongera ndasigarana 200.
Mu 1960, naritanze nja gukorera muri Otirishe, aho nanezerewe kwamamaza mu kigwati gitoyi c’i Scheibbs be n’igihe gitoyi mu gisagara ca Linz. Mugabo mu mpera z’uwo mwaka, naragize isanganya rikomeye n’ikinga, mvunika ukuguru kw’iburyo. Bamaze kumbaga incuro zitari nke, narashoboye kubandanya igikorwa canje. Ariko rero, mu 1962, nategerejwe gusubira i Reutlingen kugira nitwararike ingorane zijanye n’ivyo kugerera mu kindi gihugu. Mu gihe nari ngaho, barasubiye kumbaga kugira bakureyo icuma bari banshize mu kuguru. Naciye mpagarika gukora ubutsimvyi amezi atandatu kugira ngo ndonke amahera yo kuriha kwa muganga.
Igihe umucungezi w’ingenzi yagendera ishengero nakoreramwo, yavuze yuko nosaba gukorera ku biro vy’ishami vy’Ivyabona, ico gihe bikaba vyari i Wiesbaden mu Budagi. Narabigize, maze haciye indwi zibiri nararonse ubutumwa bwihuta bwo kugendayo vuba bishoboka. Haciye indwi, muri Rusama 1963, nari kw’ishami bita Beteli ryo mu Budagi, nkaba nakora ku mashini icapura ibinyamakuru.
Nijukira kwiga
Beteli hari ho hantu heza cane ho kuba, kandi sinatevye kumenyera ico gikorwa kitoroshe. Mu 1965, naragendeye igihugu ca Esupanye, ntwaye ibisohokayandikiro bishingiye kuri Bibiliya mu kinyegero, kubera igikorwa co kwamamaza ngaho cari kibujijwe. Urwo rugendo rwatumye nipfuza kwiga urundi rurimi, nca mpitamwo icongereza. Narakoresha akaryo kose ndose kugira nige. Ico gihe umugwi wa mbere ukoresha ururimi rw’icongereza warashinzwe mu Budagi, maze nca nifatanya na wo. Igihe niga ikiganiro c’ukwiga co mu Munara w’Inderetsi mu congereza ari bwo bwa mbere, vyantwaye amasaha indwi. Igihe ubugira kabiri vyantwara amasaha atanu gusa, naciye menya ko nariko ndagira iterambere.
Mu 1966, nararonse ubutumire bwo kwitaba ivyigwa vy’umugwi ugira 43 w’Ishure ry’i Gileyadi, rikaba ari ishure ryo muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika rigenewe kumenyereza abasuku b’Ivyabona vya Yehova ku bw’igikorwa c’ubumisiyonari. Maze muri Ndamukiza 1967 duhejeje kuronka impapuro z’umutsindo, twe na Günther Reschke twarungitswe gukorera mu gihugu ca Gabon, muri Afirika yo mu Burengero. Igihe twashika i Libreville ku murwa mukuru wa Gabon, twaraye muri ca cumba gitoyi cavugwa mu ntango, tukamanika impuzu zacu mu cumba c’uburiro. Haciye amezi atandatu, twaciye twimukira mu yindi nzu y’abamisiyonari.
Muri Gabon, urugamba rukomeye kuruta izindi narwanye kwari ukwiga igifaransa. Amaherezo, inyuma y’akigoro gakomeye nagize narashoboye kukimenya nka neza. Maze mu 1970, igikorwa cacu co kwamamaza mu gihugu ca Gabon carabujijwe bukwi na bukwi, hanyuma twebwe abamisiyonari duca duhabwa indwi zibiri ngo tube twavuye muri ico gihugu.
Twimukira muri Repubulika Centrafricaine
Jewe hamwe n’abandi bamisiyonari, twarungitswe gukorera muri Repubulika Centrafricaine. Igifaransa ni rwo rurimi rwakoreshwa mu vy’intwaro muri ico gihugu, mugabo twategerezwa kwiga ururimi rw’igisango kugira dushobore kubwira inkuru nziza abantu benshi bashoboka. Twarungitswe mu nzu y’abamisiyonari yari mu gisagara c’i Bambari, nko ku bilometero 300 uvuye ku murwa mukuru i Bangui. I Bambari ntihagira umuyagankuba canke amazi y’ibombo, mugabo amashengero abiri yaho yari akeneye ko tuyafasha. Ivyo naciyemwo mu gihe c’intambara i Buraya vyatumye noroherwa no kwihanganira ubuzima bw’i Bambari, hamwe n’ahandi hakurikiye.
Haciye imyaka ibiri nkorera i Bambari, naciye nshingwa igikorwa co kugendera amashengero ndi umucungezi w’ingenzi. Hari nk’amashengero 40 mu gihugu cose, nkaba namara indwi mw’ishengero rimwerimwe ryose naba ngendeye. Nari mfise akaduga gatoyi, mugabo igihe amabarabara y’ibivu yabaye mabi cane, naca ngenda n’imodokari yunguruza abantu.
I Bangui ni ho honyene umuntu yashobora gukoreshereza umuduga muri ico gihugu cose. Kubera yuko ubusuku narangura bwasaba kugira ingendo ndende, naciye ngura ibitabu bimwebimwe vyerekana ingene bakora imodoka yapfuye, ndarondera n’ibikoresho bimwebimwe, maze vyinshi mu vyaba vyapfuye ku muduga ni jewe navyikorera. Igihe kimwe icuma kirekire gifasha amapine kuzunguruka caravunikiye mw’iyungiro, maze umuduga ntiwasubira kugenda. Nari nko ku bilometero 60 uvuye ku muhana wari hafi cane. Naciye nca ikigiga c’igiti gikomeye maze ku mutwe ndagiha imero y’akanogo ka rya yungiro igihimba gisigaye ca nya cuma cinjiramwo. Nkoresheje amagirisi menshi, naciye ndakibohera kuri nya cuma nkoresheje intsinga, maze ndagerageza kubandanya urugendo.
Gukorera mu turere two mw’ishamba, ari ho mu rutoki, vyari bigoye bimwe bidasanzwe kubera kenshi wasanga ari bakeyi bazi gusoma no kwandika. Mw’ishengero rimwe, umuntu umwe wenyene ni we yari azi gusoma, na we akaba yari afise ingorane yo kuvuga. Icigwa c’Umunara w’Inderetsi cari kigoye bimwe bidasanzwe, mugabo vyarakomeza ukwizera kubona ukuntu ishengero ryagira utwigoro tuvuye ku mutima kugira batahure ivyiyumviro vyariko birarimburwa.
Inyuma y’aho, narabajije uwo mugwi ukuntu bungukira ku vyigwa badashobora gutahura bimwe bishitse. Inyishu batanze yari nziza cane. Bavuze bati: “Turaremeshanya”.—Abaheburayo 10:23-25.
Naho benshi mu bavukanyi banje bakirisu batari barize, baranyigishije vyinshi ku vyerekeye ubuzima n’uburyo bwo kubaho. Narashitse ku gutahura agaciro k’impanuro yo mu Vyanditswe yo ‘kwiyumvira ko abandi bakuruta’ (Ab’i Filipi 2:3). Abavukanyi banje b’Abanyafirika baranyigishije vyinshi ku vyerekeye urukundo, ubuntu n’ubwakiranyi be n’ivyerekeye ukuntu umuntu ashobora kwibeshaho mw’ishamba. Amajambo yo kudusezera umuvukanyi Nathan Knorr yavuze ku musi twahabwa impapuro z’umutsindo, akaba ari we yari ahagarikiye Ishure ry’i Gileyadi, ico gihe hoho yari afise vyinshi asobanura kuri jewe. Yari yavuze ati: “Muragume mwicisha bugufi, ntimwigere mwiyumvira yuko tuzi vyose. Nta na gato. Turacafise vyinshi vyo kwiga”.
Ubuzima bwo mw’ishamba ryo muri Afirika
Nabana n’abavukanyi baho, uko nava mw’ishengero nja mu rindi. Kenshi iyinga naba nabagendeye ryaba ari umusi mukuru udasanzwe, canecane ku bana. Ivyo vyatumwa n’uko ishengero ryaba ryanyakiriye ryagenda guhiga canke kuroba, maze bakagira akigoro kadasanzwe ko gutegurira umuntu wese ibifungurwa vyinshi.
Kubera nabana n’abavukanyi mu tururi twabo, nafungura ikintu cose bazanye, uhereye kw’iswa ugashika ku nyama y’inzovu. Inkende yama iri mu rutonde rw’ibitegurwa. Ingiri be n’ikinyogoto vyari biryoshe ntiwokwumva. Mugabo ntiwumve, imisi yose ntihama hari ibifungurwa bidasanzwe. Vyabanje gufata umwanya kugira umubiri wanje umenyere izo mfungurwa, mugabo igihe wabimenyera, umushishito wanje wari usigaye usha hafi ikintu cose bangaburiye. Naramenye yuko kuryana ipapayi n’imbuto ari ngirakamaro ku mushishito.
Ibintu vyose umuntu ataba yiteze birashobora gushika mw’ishamba. Igihe kimwe, biyumviriye ko ndi mammy-water kikaba ari igihume, ico bavuga ko ari umuzimu wera uba mu mazi. Abantu bemera yuko ngo nya muzimu ushobora gukubita umuntu hasi maze ukumusomesha nturi. Igihe kimwe nari mvuye mu ruzi mpejeje kwiyoga, umwigeme umwe yari yaje kuvoma yarambonye, maze aca ayiha umunwa agenda ariruka. Igihe Icabona mugenzanje yagerageza gusigura yuko nari umwamamaji w’umushitsi, ko ntari umuzimu, abantu baranse kuvyemera. Bahaririye bavuga bati: “Nta muzungu yokwigera ashika ino”.
Kenshi, naryama hanze kubera hatari hashushe. Nama nitwaza umusegetera kubera wankingira n’inzoka, isikorupiyo, imbeba n’ibindi. Incuro n’izindi, naraterwa n’ubwoko bw’intozi z’ibinyamushinya, maze uwo musegetera ukaba ari wo unkingira. Igihe kimwe mw’ijoro, naramuritse n’isitimu ku musegetera maze nsanga biwuzuyeko. Naciye ntugwa n’ayo nameze kubera yuko izo ntozi, naho ari ntoya, zirashobora kwica n’intambwe.
Igihe nari mu gice c’amaja mu Bumanuko bwa Repubulika Centraficaine, hafi y’Uruzi Kongo, ni ho nabwiye ubutumwa abatwa, ababeshwaho n’ubutaka vy’ukuri. Ni abahigi karuhariwe kandi barazi ico umuntu ashobora kurya n’ico atorya. Bamwebamwe bavuga igisango, kandi baranezerwa no kwumviriza ubutumwa bwo muri Bibiliya. Baremera ko dusubira kubagendera, mugabo dusubiyeyo twasanga bimukiye ahandi. Nta n’umwe ico gihe yabaye Icabona, mugabo mu nyuma naramenye yuko abatwa bamwebamwe bo muri Repubulika ya Kongo babaye Ivyabona.
Namaze imyaka itanu nsukura ndi umucungezi w’umuzunguruko muri Repubulika Centrafricaine. Naragendagenze mu gihugu cose, ahanini ngendera amashengero yo mw’ishamba.
Nkorera kw’ishami ryo muri Nijeriya
Muri Rusama 1977, naratumiwe gukorera ku biro vy’ishami vy’Ivyabona vya Yehova i Lagos muri Nijeriya. Ico gihugu co muri Afirika kirimwo abantu benshi kuruta ibindi, ico gihe carimwo nk’Ivyabona 100.000, kandi abantu nka 80 ni bo bakorera kuri iryo shami. Nashinzwe gukora muri garaje, ivyo bikaba vyarimwo kubungabunga imiduga.
Mu 1979, nasubiye mu vy’uburimyi n’ubworozi, kikaba cari igikorwa nahora nkora i Buraya, igihe nari nkiri muto. Umurima twarimamwo ivyo abakorera kw’ishami bafungura, wari mu gisagara c’i Ilaro, nko ku bilometero 80 uvuye i Lagos. Ngaho naramenye yuko kurima mw’ishamba rya manyenye ryo mu turere tw’ubushuhe bitandukanye cane no kurima i Buraya. Haheze imyaka itatu n’igice nkorera ngaho, narasubiye i Lagos maze nongera gukorera muri garaje.
Mu 1986, nimuriwe i Igieduma, nko ku bilometero 360 uvuye i Lagos, ahariko harubakwa inyubakwa nshasha nini y’ishami. Iyo nyubakwa yeguwe muri Nzero 1990. Harimwo icapuriro, itongo ritoyi, be n’inzu z’uburaro zibamwo abantu barenga 500. Iyo nyubakwa iri kuri hegitari 60, ikaba izitiwe n’uruhome rureha n’imetero nka 2. Muri iki gihe, ni jewe mpagarikiye ivy’iryo tongo be n’ivyo kubungabunga imbuga, bikaba birabwa n’abantu nka 35.
Ubu haciye nk’imyaka 27 mba muri Nijeriya kandi ndanezerwa vy’ukuri ibikebere bitandukanye nashinzwe kw’ishami. Ndahimbawe kubona mawe yagumye ari umwizerwa kuri Yehova be n’uko mushikanje mutoyi Ingrid, uwumaze imyaka 14 ari umutsimvyi adasanzwe, agisukurira Yehova ari kumwe n’umunega wiwe.
Naho nahuye n’ingorane, narahimbawe vy’ukuri no gusukurira Yehova be n’abavukanyi banje bo mu buryo bw’impwemu muri Afirika yo mu Burengero. Ndakenguruka kubera amagara meza nagize gushika ubu, kandi nsenga nsaba ko noyagumana kugira mbandanye gusukurira Yehova ya Mana yacu ihambaye.
[Ikarata ku rup. 21]
(Ushaka igisomwa cose, raba ico gitabu)
Nijeriya
Repubulika Centrafricaine
Gabon
[Abo dukesha ifoto]
Mountain High Maps® Copyright © 1997 Digital Wisdom, Inc.
[Ifoto ku rup. 18]
Turi kumwe na mawe Gertrud, be na mushikanje Ingrid mu 1939
[Ifoto ku rup. 20]
Ndi umumisiyonari muri Gabon
[Ifoto ku rup. 20]
Igihe nari muri Repubulika Centrafricaine, naba mu mihana nk’iyi mubona