Ingene twotanguza ibiyago
Gutanguza inyigisho za Bibiliya ku wa gatandatu wa mbere wa Ndamukiza
“Ibatisimu ni ikintu gikunze kugirwa mu bakirisu benshi. Uvyiyumvirako iki? Ibatisimu yoba ihambaye? [Rindira yishure.] Iki kiganiro kiratanga ivyiyumviro bimwebimwe bishimishije.” Nuce umuha Umunara w’Inderetsi wo ku wa 1 Ndamukiza, maze murabire hamwe ibivugwa munsi y’agatwe ka mbere ku rupapuro rwa 16 mwongere murabe n’imiburiburi kimwe mu vyanditswe vyatanzwe. Numushikirize ibinyamakuru hanyuma muvugane umusi wogaruka kugira muganire ikibazo gikurikira.
Umunara w’Inderetsi 1 Ruhuhuma
“Muri iyi myaka iheze, haravuzwe vyinshi ku bijanye na Harumagedoni. Woba wibaza ko hari ico abantu bokora kugira Harumagedoni ntishike? [Rindira yishure.] Ehe raba aho ijambo ‘Harumagedoni’ riva. [Soma Ivyahishuwe 16:16, uce umwereka urupapuro rwa mbere rw’ikinyamakuru.] Iki kinyamakuru kirerekana inyishu Bibiliya itanga kuri ivyo bibazo.”
Be maso! Nzero–Ntwarante
“Iyo hateye ivyago vy’ivyaduka, abantu benshi bavuga ko Imana itatubabaye kuko biyumvira yuko ari yo iba yabiteye. Ico twomenya co ni uko atari yo ibitera, kuko itigera iba sindabibazwa ku bijanye n’imibabaro ishikira abantu. Ivyo turabibonera ku kuntu yamerewe igihe abasavyi bayo bari mu mibabaro. [Soma Kuvayo 3:7.] Uru rukurikirane rw’ibiganiro ruri muri iyi Be maso! rurerekana ibitera imibabaro be n’ico Imana izokora kugira ikureho imibabaro yose.” [Niwerekane ibiganiro biri ku rupapuro rwa 6-9.]