IVYO WOKWIYIGISHA
Ingene wokwumira ku rutonde rwawe rwo gusoma Bibiliya buri musi
Ibikorwa vyinshi vya misi yose, vyoba bituma kwumira ku rutonde rwawe rwo gusoma Bibiliya buri musi bikugora? (Yos. 1:8) Nimba ari ukwo biri, gerageza kimwe muri ibi vyiyumviro:
Rondera icokwama kikwibutsa buri musi. Shira muri telefone yawe akantu koza karakwibutsa gusoma Bibiliya.
Gumiza Bibiliya yawe ahantu haboneka. Nimba usomera muri Bibiliya y’impapuro, nuyigumize ahantu hokworohera kuyibona buri musi.—Gus. 11:18.
Niwumvirize Bibiliya yafashwe amajwi. Urashobora kwumviriza Bibiliya yafashwe amajwi igihe uri mu dukorwa twa misi yose. Inabibondo umwe w’umutsimvyi yitwa Tara, akaba akora akazi k’ijoro, avuga ati: «Kwumviriza Bibiliya yafashwe amajwi igihe ndi mu dukorwa twa misi yose biramfasha kudasibiriza mu gusoma Bibiliya.»
Niwumireko. Bishitse hakaba ibintu bihungabanya urutonde rwawe, nutume usoma imirongo mikeyi yo muri Bibiliya imbere y’uko uja kuryama. Naho wosoma duke vyokugirira akamaro.—1 Pet. 2:2.