ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Kuvayo 40:8
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 8 Uze ushireho ikigo+ kihakikuje uheze ushireho ca gikingirizo+ c’irembo ry’ikigo.

  • 1 Abami 6:36
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 36 Hanyuma yubaka ikigo c’indani+ kigizwe n’imisitari itatu+ y’amabuye abajwe be n’umusitari w’ibibaho vy’isederi.

  • 1 Abami 8:64
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 64 Kuri uwo musi, biba ngombwa ko umwami yeza igice co hagati c’ikigo kiri imbere y’inzu ya Yehova+, kuko ari ho yabwirizwa gutangira ikimazi giturirwa n’ishikanwa ry’intete n’ibikenye binuze vy’ibimazi vy’ugusangira; kuko igicaniro c’umujumpu+ kiri imbere ya Yehova cari gitoya cane ku buryo kitari gukwiramwo ico kimazi giturirwa, n’iryo shikanwa ry’intete, n’ivyo bikenye binuze+ vy’ibimazi vy’ugusangira.

  • Zaburi 84:10
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 10 Kuko umusi umwe mu bigo vyawe uruta imisi igihumbi ahandi+.

      Nahisemwo guhagarara ku rwinjiriro mu nzu y’Imana yanje+

      Aho kugendagenda mu mahema y’ububisha+.

  • Zaburi 92:13
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 13 Ababaditswe mu nzu ya Yehova+,

      Mu bigo vy’Imana yacu+, bazoshurika.

  • Zaburi 100:4
    Bibiliya y’isi nshasha
    •  4 Nimwinjire mu marembo yiwe muri n’ugukenguruka+,

      Mwinjire mu bigo vyiwe muri n’ishemezo+.

      Nimumukengurukire, muhezagire izina ryiwe+.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika