Kuvayo 16:23 Bibiliya y’isi nshasha 23 Na we ababwira ati: “Ni vyo Yehova yavuze. Ejo hazoba ihimbazwa ry’isabato, ikazoba ari isabato nyeranda ya Yehova+. Ivyo mushoboye kwotsa mwotse, n’ivyo mushoboye guteka muteke+, ibisagutse vyose na vyo mubibike, mubizigame gushika mu gitondo.” Kuvayo 20:8 Bibiliya y’isi nshasha 8 “Mu kwibuka umusi w’isabato ngo uwufate ko ari mweranda+, Kuvayo 31:13 Bibiliya y’isi nshasha 13 “Nayo wewe, barira bene Isirayeli uti: ‘Canecane amasabato yanje mubwirizwa kuyubahiriza+, kuko ari ikimenyetso hagati yanje namwe mu mayaruka yanyu, kugira mumenye yuko jewe Yehova ndiko ndabeza+. Yesaya 56:2 Bibiliya y’isi nshasha 2 Hahiriwe umuntu akora ivyo+, n’umwana w’abantu abigumya+, akubahiriza isabato kugira ntayihumanye+, kandi akarinda ukuboko kwiwe kugira ntigukore ikibi na kimwe+.
23 Na we ababwira ati: “Ni vyo Yehova yavuze. Ejo hazoba ihimbazwa ry’isabato, ikazoba ari isabato nyeranda ya Yehova+. Ivyo mushoboye kwotsa mwotse, n’ivyo mushoboye guteka muteke+, ibisagutse vyose na vyo mubibike, mubizigame gushika mu gitondo.”
13 “Nayo wewe, barira bene Isirayeli uti: ‘Canecane amasabato yanje mubwirizwa kuyubahiriza+, kuko ari ikimenyetso hagati yanje namwe mu mayaruka yanyu, kugira mumenye yuko jewe Yehova ndiko ndabeza+.
2 Hahiriwe umuntu akora ivyo+, n’umwana w’abantu abigumya+, akubahiriza isabato kugira ntayihumanye+, kandi akarinda ukuboko kwiwe kugira ntigukore ikibi na kimwe+.