ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Yesaya 53:12
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 12 Ku bw’iyo mvo, nzomuha umugabane muri benshi+, kandi azogabanganya isahu kumwe n’abanyabushobozi+, kubera ko yasutse ubuzima bwiwe gushika ku rupfu+, agaharurwa mu bagabitanya+; kandi ubwiwe yiremetse igicumuro c’abantu benshi+, aja hagati ku bw’abagabitanya+.

  • Yohani 1:29
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 29 Bukeye abona Yezu aza amugana, avuga ati: “Raba, Umwagazi w’intama+ w’Imana ukuraho igicumuro+ c’isi+!

  • Abaroma 15:3
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 3 Kuko na Kristu atishimishije ubwiwe+; mugabo nk’uko vyanditswe: “Ibitutsi vy’abagutuka vyaguye kuri jewe+.”

  • Abanyefeso 1:7
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 7 Muri we, turaronka ukubohorwa biciye ku ncungu* tubihawe n’amaraso+ y’uwo, egome, ukubabarirwa+ amakosa yacu, nk’uko ubutunzi bw’ubuntu ata wari abukwiriye bwayo buri+.

  • Abaheburayo 9:28
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 28 ni ko na Kristu yashikanywe rimwe+ rizima kugira ngo yiremeke ibicumuro vya benshi+; kandi aho azobonekera+ irigira kabiri+ hazoba atari ku bw’igicumuro+, abonekere abamurindiranye igishika ku bw’ubukiriro bwabo+.

  • 1 Petero 2:24
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 24 We ubwiwe yarikoreye ibicumuro vyacu+ mu mubiri wiwe bwite ku giti+, kugira ngo tuvavanure n’ibicumuro+ hanyuma tubereho gukora ivy’ubugororotsi. Kandi “mwakijijwe biciye ku bisebe vyiwe+.”

  • 1 Yohani 3:5
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 5 Murazi kandi yuko urya yerekanywe kugira ngo akureho ibicumuro vyacu+, kandi nta gicumuro+ kiri muri we.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika