ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Kuvayo 12:3
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 3 Bwira ikoraniro ryose rya Isirayeli muti: ‘Ku musi ugira cumi w’uku kwezi baze bitorere umwe wese intama+ ku bw’inzu ya ba sekuruza, intama kuri buri nzu.

  • Yesaya 53:7
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 7 Yarasugerezwa+, akemera agatezwa amarushwa+; yamara ntiyakurako umunwa. Yazanwa nk’intama igiye gukererwa+; kandi kurya kw’intama y’ingore yacitse ikiragi imbere y’abayikemura, na we nyene ntiyakurako umunwa+.

  • 1 Abakorinto 5:7
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 7 Nimukureho umwambiro ushaje+, kugira mube irobe rishasha, nk’uko mutagiramwo umwambiro. Kuko vy’ukuri, Kristu+ we pasika*+ yacu yaratanzweko ikimazi+.

  • 1 Petero 1:19
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 19 Ahubwo mwarokojwe amaraso y’agaciro+, nk’ay’umwagazi w’intama utagirako ikirabagu kandi utagirako agatosi+, emwe, aya Kristu+.

  • Ivyahishuwe 5:6
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 6 Maze mbona hagati ya ya ntebe+ no hagati ya vya binyabuzima bine no hagati ya ba bakurambere+ hahagaze umwagazi w’intama+ nk’aho wari warishwe+, ufise amahembe indwi n’amaso indwi, ayo maso akaba agereranya za mpwemu+ indwi z’Imana zatumwe mw’isi yose.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika