Kuvayo 23:3 Bibiliya y’isi nshasha 3 Nayo ku muntu mutoyi, ntuze ugire aho uhengamiye mu matati amwerekeye+. Gusubira mu vyagezwe 16:19 Bibiliya y’isi nshasha 19 Ntuze ugoreke urubanza+. Ntuze ugire nkunzi+ canke ngo wemere igiturire, kuko igiturire gihuma amaso y’inkerebutsi+ kandi kikagoramika amajambo y’abagororotsi. 2 Ngoma 19:6 Bibiliya y’isi nshasha 6 Maze abwira abo bacamanza ati: “Murabe ivyo mukora+, kuko mudaca imanza z’umuntu mugabo muca imanza za Yehova+; kandi ari kumwe namwe mu vy’uguca imanza+. Imigani 24:23 Bibiliya y’isi nshasha 23 N’aya majambo nyene ni ayagenewe abantu b’inkerebutsi+: Kugira nkunzi mu rubanza si vyiza+. Abaroma 2:11 Bibiliya y’isi nshasha 11 Kuko Imana itagira nkunzi+.
19 Ntuze ugoreke urubanza+. Ntuze ugire nkunzi+ canke ngo wemere igiturire, kuko igiturire gihuma amaso y’inkerebutsi+ kandi kikagoramika amajambo y’abagororotsi.
6 Maze abwira abo bacamanza ati: “Murabe ivyo mukora+, kuko mudaca imanza z’umuntu mugabo muca imanza za Yehova+; kandi ari kumwe namwe mu vy’uguca imanza+.