ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Kuvayo 34:15
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 15 ntuze ugirane isezerano n’ababa muri ico gihugu, kuko batazobura gushurashurana n’imana zabo+ bakongera bagashikanira ibimazi izo mana zabo+. Kandi ntihazobura uwugutumira, nawe ata gukeka ukarya ku kimazi ciwe+.

  • Gusubira mu vyagezwe 7:4
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 4 Kuko azokevya umuhungu wawe akamubuza kunkurikira, kandi ntibazobura gukorera izindi mana+. Ishavu rya Yehova na ryo rizobarurumbira koko, kandi ntazobura kukuzimanganya ningoga+.

  • Yosuwa 23:12
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 12 “Mugabo nimwaramuka musubiye inyuma+ mukumira koko ku yasigaye muri ayo mahanga+, ayo asigaranye namwe, kandi mukunga koko na yo ubucuti bw’ukwabirana+ mukongera mukinjira muri yo, na yo akinjira muri mwebwe,

  • Zaburi 106:35
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 35 Bivanga n’amahanga+,

      Batangura kwiga ibikorwa vyabo+.

  • Yesaya 2:6
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 6 Kuko wahevye abantu bawe, inzu ya Yakobo+. Kuko basigaye buzuye ibiva mu Buseruko+, bakaba ari abanyamageza+ nk’Abafilisitiya, kandi bagwije abana b’abanyamahanga+.

  • 1 Abakorinto 5:6
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 6 Ikibatera kwirata+ si ciza. Ntimuzi yuko akambiro gakeyi kambira+ irobe ryose+?

  • 1 Abakorinto 15:33
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 33 Ntimuzimire. Kwifatanya n’ababi kwonona ingeso nziza+.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika