ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Kuvayo 34:16
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 16 Ntuzobura rero gutora bamwe mu bakobwa babo ukabashingira ku bahungu bawe+, kandi abakobwa babo ntibazobura gushurashurana n’imana zabo, bagatuma abahungu bawe bashurashurana n’imana zabo+.

  • Gusubira mu vyagezwe 7:3
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 3 Ntuze wunge na bo ubucuti bw’ukwabirana. Umukobwa wawe ntuze umuhe umuhungu wiwe, n’umukobwa wiwe ntuze umusabire umuhungu wawe+.

  • Abacamanza 3:6
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 6 Batangura rero kwiyabirira abakobwa babo+, abakobwa babo bwite na bo babaha abahungu babo+, kandi batangura gukorera imana zabo+.

  • 1 Abami 11:4
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 4 Mu gihe c’ubusaza bwa Salomo+, abagore biwe bari barahengekeye+ umutima wiwe ku gukurikira izindi mana+; nuko umutima wiwe ntiwaba uwukwiye+ ku vyerekeye Yehova Imana yiwe, nk’umutima wa Dawidi se wiwe.

  • Ezira 9:2
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 2 Kuko bemeye kwabira bamwe mu bakobwa babo bakemera n’uko bamwe mu bakobwa babo babirwa n’abahungu babo+; kandi ubwabo, bo ruvyaro rweranda+, barivanze+ n’abantu bo muri ivyo bihugu, kandi ukuboko kw’abaganwa n’ivyegera vy’abatware kwabaye ukwa mbere+ muri ubwo buhemu.”

  • Nehemiya 13:23
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 23 Vyongeye, muri iyo misi mbona Abayuda bari barabiriye+ abagore b’Abanyashidodikazi+ n’ab’Abamonikazi n’ab’Abanyamowabukazi+.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika