ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Yosuwa 15:8
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 8 Rwaca ruduga rwerekeza ku mubande wa mwene Hinomu+, rwerekeza ku mumanuko w’Umuyebusi+ mu bumanuko, ari ho Yeruzalemu+; nya rubibe rwaca ruduga rwerekeza kw’isonga ry’umusozi urabana n’umubande wa Hinomu mu burengero, uwuri ku mpera y’ikiyaya co hasi ca Refayimu+ mu buraruko.

  • Abacamanza 19:10
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 10 Ariko nya mugabo ntiyemera kurara, mugabo arahaguruka afata urugendo hanyuma ashika aharabana na Yebusi+, ari yo Yeruzalemu+; kandi yari kumwe na za ndogobwa z’ingabo zibiri ziriko amatandiko, n’incoreke yiwe be n’umusuku wiwe.

  • 1 Ngoma 11:4
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 4 Mu nyuma Dawidi na Isirayeli yose baja i Yeruzalemu+, ari yo Yebusi+, ahantu Abayebusi+ baba muri ico gihugu.

  • 2 Ngoma 3:1
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 3 Amaherezo Salomo atangura kwubaka inzu ya Yehova+ i Yeruzalemu ku musozi Moriya+, aho Yehova yari yarabonekeye Dawidi se wiwe+, mu kibanza Dawidi yari yarateguye ku mbuga y’ikubitiro ya Orunani+ Umuyebusi.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika