ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • 1 Ngoma 22:18
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 18 “Mbega Yehova Imana yanyu+ ntari kumwe namwe, kandi ntiyabahaye akaruhuko impande zose+? Kuko yatanze mu kuboko kwanje ababa mu gihugu, kandi igihugu caramazwe igabo imbere ya Yehova+ n’imbere y’abantu biwe.

  • Nehemiya 9:24
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 24 Abahungu babo+ barinjiye rero bigarurira ico gihugu+, maze utangura kumara igabo+ imbere yabo ababa muri ico gihugu, Abanyakanani+, no kubatanga mu kuboko kwabo, egome, abami babo+ n’ibisata vy’abantu vy’ico gihugu+, kugira ngo babagire uko bagomba+.

  • Zaburi 18:47
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 47 Imana y’ukuri ni yo impora+;

      Imara igabo ibisata vy’abantu munsi yanje+.

  • Zaburi 47:3
    Bibiliya y’isi nshasha
    •  3 Azomara igabo ibisata vy’abantu munsi yacu+,

      N’imiryango y’amahanga munsi y’ibirenge vyacu+.

  • Zaburi 81:14
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 14 Abansi babo nobamaze igabo bitagoranye+,

      Abarwanizi babo na bo nkabahindukirizako ukuboko kwanje+.

  • Abaheburayo 11:33
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 33 kubera ukwizera bakaba baranesheje ubwami mu ntambara+, barashitsa ubugororotsi+, barakomorerwa imihango+, baraziba iminwa y’intambwe+,

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika