Kuvayo 34:16 Bibiliya y’isi nshasha 16 Ntuzobura rero gutora bamwe mu bakobwa babo ukabashingira ku bahungu bawe+, kandi abakobwa babo ntibazobura gushurashurana n’imana zabo, bagatuma abahungu bawe bashurashurana n’imana zabo+. Gusubira mu vyagezwe 7:3 Bibiliya y’isi nshasha 3 Ntuze wunge na bo ubucuti bw’ukwabirana. Umukobwa wawe ntuze umuhe umuhungu wiwe, n’umukobwa wiwe ntuze umusabire umuhungu wawe+. Nehemiya 13:27 Bibiliya y’isi nshasha 27 Mbega si akamaramaza kubona mukora ico kibi gikomeye cose mugahemukira Imana yacu mu kwabira abagore b’abanyamahangakazi+?” 1 Abakorinto 7:39 Bibiliya y’isi nshasha 39 Umugore abohwa mu gihe cose umugabo wiwe akiriho+. Ariko iyo umugabo wiwe asinziriye mu rupfu, nta kimubuza kwubakana n’uwo ashaka, ariko mu Mukama gusa+.
16 Ntuzobura rero gutora bamwe mu bakobwa babo ukabashingira ku bahungu bawe+, kandi abakobwa babo ntibazobura gushurashurana n’imana zabo, bagatuma abahungu bawe bashurashurana n’imana zabo+.
3 Ntuze wunge na bo ubucuti bw’ukwabirana. Umukobwa wawe ntuze umuhe umuhungu wiwe, n’umukobwa wiwe ntuze umusabire umuhungu wawe+.
27 Mbega si akamaramaza kubona mukora ico kibi gikomeye cose mugahemukira Imana yacu mu kwabira abagore b’abanyamahangakazi+?”
39 Umugore abohwa mu gihe cose umugabo wiwe akiriho+. Ariko iyo umugabo wiwe asinziriye mu rupfu, nta kimubuza kwubakana n’uwo ashaka, ariko mu Mukama gusa+.