5 Kuko ehe uzokwibungenga, wibaruke koko umuhungu; ntihaze hagire urumosho rugera ku mutwe wiwe+, kuko uwo mwana azoba Umunaziri*+ w’Imana akiva mu nda+; kandi ni we azoja imbere mu gukiza Isirayeli mu kuboko kw’Abafilisitiya+.”
31 Mu nyuma bene wabo be n’urugo rwa se rwose baramanuka, baramuterura baramudugana, bamuhamba hagati ya Zora+ na Eshitayoli+, mw’itongo ryo guhambamwo rya Manowa+ se wiwe. Samusoni yari amaze imyaka mirongo ibiri acira imanza Isirayeli+.
27 Ivyo vyatumye ubatanga mu kuboko kw’abarwanizi babo+, na bo baguma babateza amarushwa+; mugabo mu gihe baba bari mu marushwa barakuririra+, nawe ukumva uri mu majuru+; maze nk’uko imbabazi+ zawe nyinshi ziri warabaha abo kubakiza+, na bo bakabakiza bakabakura mu kuboko kw’abarwanizi babo+.
32 Mvuge iki kandi? Kuko ata mwanya noronka hamwe nobandanya kuvuga ivya Gideyoni+, Baraki+, Samusoni+, Yefuta+, Dawidi+ hamwe na Samweli+ be na ba bahanuzi bandi+,