ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Gusubira mu vyagezwe 19:12
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 12 abagabo b’inararibonye b’igisagara c’iwabo baze barungike abamukurayo, baheze bamushire mu kuboko kw’umuhōzi w’amaraso, apfe+.

  • Gusubira mu vyagezwe 29:10
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 10 “Muhagaze mwese uno musi imbere ya Yehova Imana yanyu: abakuru b’imiryango yanyu, abagabo b’inararibonye banyu n’abarongozi banyu, umugabo wese wo muri Isirayeli+,

  • Yosuwa 20:4
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 4 Aze ahungire+ muri kimwe muri ivyo bisagara, ahagarare ku bwinjiriro bw’irembo+ ry’igisagara maze avuge ivyiwe abagabo b’inararibonye b’ico gisagara bumva+; baze bamwakire mu gisagara aho bari, bamuhe aho kuba, abane na bo.

  • Abacamanza 8:14
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 14 Ari mu nzira, afata umusore umwe wo mu bagabo b’i Sukoti+ hanyuma amubaza ibibazo+. Uno amwandikira rero amazina y’abaganwa+ ba Sukoti n’abagabo b’inararibonye baho, abagabo mirongo irindwi n’indwi.

  • 1 Abami 21:8
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 8 Nuko yandika amakete+ mw’izina rya Ahabu araheza ayadomako ikidodo+ ca Ahabu, maze arungikira nya makete abagabo b’inararibonye+ n’abanyacubahiro bari mu gisagara ciwe babana na Naboti.

  • Imigani 31:23
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 23 Inawe+ ni umuntu azwi mu marembo+, iyo yicaranye n’abagabo b’inararibonye b’igihugu.

  • Ivyakozwe 6:12
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 12 Baca bagumura abantu be n’abagabo b’inararibonye n’abanditsi, maze baramwubira, baramucakira, bamushira Inama Nkuru+.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika