ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • 1 Samweli 13:14
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 14 Ubu rero ubwami bwawe ntibuzoramba+. Emwe, Yehova azokwironderera umuntu ahimbara umutima wiwe+; kandi Yehova azomushinga ibanga ryo kuba indongozi+ y’abantu biwe, kuko utagumije ico Yehova yagutegetse+.”

  • 1 Samweli 15:28
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 28 Samweli aca amubwira ati: “Uyu musi Yehova agushikuyeko+ ingoma ya Isirayeli, kandi azoyiha ata kabuza mugenzawe ameze neza kukurusha+.

  • 1 Samweli 18:8
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 8 Maze Sauli arashavura cane+; iryo jambo riba ribi mu maso yiwe, ku buryo avuga ati: “Dawidi bamuhaye ibihumbi mirongo, ariko jeho bampa ibihumbi; igisigaye gusa ni uko ahabwa ingoma+!”

  • 1 Samweli 20:31
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 31 Kuko imisi yose mwene Yese azoba akiri muzima ku butaka, wewe n’ingoma yawe ntimuzoshimangirwa+. None rero tuma bamundonderere, kuko abwirizwa gupfa+.”

  • 1 Samweli 23:17
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 17 Hanyuma amubwira ati: “Ntutinye+; kuko ukuboko kwa Sauli dawe kutazokuronka, kandi wewe ubwawe uzoba umwami+ wa Isirayeli, nanje ubwanje nzoba uwa kabiri kuri wewe; na Sauli dawe ivyo arabizi+.”

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika