ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • 1 Samweli 28:4
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 4 Mu nyuma Abafilisitiya bakoranira hamwe, baraza maze bashinga ikambi i Shunemu+. Nuko Sauli akoraniriza hamwe Isirayeli yose baraheza bashinga ikambi i Gilibowa+.

  • 1 Samweli 31:1
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 31 Kandi Abafilisitiya bariko bararwana na Isirayeli+; nuko abagabo ba Isirayeli barahunga bava imbere y’Abafilisitiya, maze baguma bagwa bagandaguwe+ ku musozi Gilibowa+.

  • 2 Samweli 1:6
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 6 Nya musore yariko amumenyesha iyo nkuru aca avuga ati: “Nagiye mbona ndi ku musozi Gilibowa+ ntari ndavyiteze, maze mbona Sauli yishimikije icumu ryiwe+; kandi ehe, abatwara imikogote n’abagendera ku mafarasi bari bamushikiriye+.

  • 2 Samweli 21:12
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 12 Nuko Dawidi aja gutora amagufa ya Sauli+ n’amagufa ya Yonatani umuhungu wiwe kuri bene amatongo b’i Yabeshi-gileyadi+, abari barivye ibiziga vyabo mu kibanza ca bose c’i Beti-shani+, aho Abafilisitiya bari barabamanitse+, ku musi Abafilisitiya bica Sauli i Gilibowa+.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika