ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Abacamanza 8:23
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 23 Mugabo Gideyoni ababwira ati: “Jewe sinzobaganza, eka n’umuhungu wanje ntazobaganza+. Yehova ni we azobaganza+.”

  • 1 Samweli 10:19
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 19 Mugabo mwebwe, uno musi mutaye Imana yanyu+ yaza irabakiza ikabakura mu mabi mwarimwo yose no mu marushwa yanyu yose, hanyuma muvuga muti: “Oya, ahubwo umwami ni we ukwiye kudushiriraho ngo atuganze.” Ubu rero nimuhagarare imbere ya Yehova mukurikije imiryango yanyu+ n’ibihumbi vyanyu.’”

  • 1 Samweli 12:12
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 12 Mubonye ko Nahashi+ umwami wa bene Amoni aje kubarwanya, muguma mumbwira muti: ‘Oya, ahubwo umwami ni we akwiye kutuganza+!’ Ico gihe cose Yehova Imana yanyu ni we yari Umwami wanyu+.

  • Zaburi 74:12
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 12 Yamara Imana ni yo Mwami wanje kuva kera+,

      Umwe ashitsa ubukiriro buhambaye hagati mw’isi+.

  • Yesaya 33:22
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 22 Kuko Yehova ari we Mucamanza+ wacu, Yehova ni we adushingira ivyagezwe+, Yehova ni we Mwami wacu+; ubwiwe azodukiza+.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika