ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Abacamanza 14:6
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 6 Maze impwemu ya Yehova itangura gukorera kuri we+, ku buryo ayitaburamwo kubiri, nka kurya nyene umuntu ataburamwo kubiri umwagazi w’impene w’isuguru, kandi nta kintu na kimwe cari mu kuboko kwiwe. Ntiyabwira se canke nyina ivyo yari yakoze.

  • 1 Samweli 11:6
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 6 Sauli yumvise ayo majambo impwemu+ y’Imana itangura gukorera kuri we, ishavu ryiwe rica rirarurumba cane+.

  • 1 Samweli 16:13
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 13 Samweli rero atora rya hembe ry’amavuta+, arayamurobanuza hagati ya bene wabo. Nuko impwemu ya Yehova itangura gukorera kuri Dawidi kuva uyo musi+. Mu nyuma Samweli arahaguruka aja i Rama+.

  • Zakariya 4:6
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 6 Nuko anyishura ati: “Iri ni ryo jambo Yehova abwiye Zerubabeli ati: ‘“Si ku bw’inteko za gisirikare+, canke ku bw’ububasha+, mugabo ni ku bw’impwemu yanje+,” ni ko Yehova nyen’ingabo avuze.

  • 2 Abakorinto 3:5
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 5 Si uko twebwe ku bwacu ari ho dukwije neza ibisabwa ngo hagire ico tubona ko kiva kuri twebwe+, ahubwo ugukwiza neza ibisabwa kwacu kuva ku Mana+,

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika