ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Abacamanza 3:10
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 10 Impwemu+ ya Yehova rero iza kuri we, aba umucamanza wa Isirayeli. Asohotse mu rugamba, Yehova atanga rero Kushani-rishatayimu umwami wa Siriya mu kuboko kwiwe, ku buryo ukuboko kwiwe gutsinda+ Kushani-rishatayimu.

  • Abacamanza 6:34
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 34 Impwemu ya Yehova+ itwikira Gideyoni ku buryo atangura kuvuza inzamba+, Ababiyezeri+ barakoranywa ngo bamukurikire.

  • Abacamanza 11:29
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 29 Nuko impwemu ya Yehova iza kuri Yefuta+, maze aca muri Gileyadi no muri Manase, aca no muri Mizipe ha Gileyadi, hanyuma ava i Mizipe ha Gileyadi+, ararengana aja kuri bene Amoni.

  • Abacamanza 14:6
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 6 Maze impwemu ya Yehova itangura gukorera kuri we+, ku buryo ayitaburamwo kubiri, nka kurya nyene umuntu ataburamwo kubiri umwagazi w’impene w’isuguru, kandi nta kintu na kimwe cari mu kuboko kwiwe. Ntiyabwira se canke nyina ivyo yari yakoze.

  • 1 Samweli 10:10
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 10 Nuko bava ng’aho baja kuri wa murambi, kandi ehe hari umugwi w’abahanuzi bariko baza guhura na we; ako kanya impwemu y’Imana itangura gukorera kuri we+, maze atangura kuvuga bwa muhanuzi+ hagati muri bo.

  • 1 Samweli 16:13
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 13 Samweli rero atora rya hembe ry’amavuta+, arayamurobanuza hagati ya bene wabo. Nuko impwemu ya Yehova itangura gukorera kuri Dawidi kuva uyo musi+. Mu nyuma Samweli arahaguruka aja i Rama+.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika