10 Impwemu+ ya Yehova rero iza kuri we, aba umucamanza wa Isirayeli. Asohotse mu rugamba, Yehova atanga rero Kushani-rishatayimu umwami wa Siriya mu kuboko kwiwe, ku buryo ukuboko kwiwe gutsinda+ Kushani-rishatayimu.
29 Nuko impwemu ya Yehova iza kuri Yefuta+, maze aca muri Gileyadi no muri Manase, aca no muri Mizipe ha Gileyadi, hanyuma ava i Mizipe ha Gileyadi+, ararengana aja kuri bene Amoni.
6 Maze impwemu ya Yehova itangura gukorera kuri we+, ku buryo ayitaburamwo kubiri, nka kurya nyene umuntu ataburamwo kubiri umwagazi w’impene w’isuguru, kandi nta kintu na kimwe cari mu kuboko kwiwe. Ntiyabwira se canke nyina ivyo yari yakoze.
10 Nuko bava ng’aho baja kuri wa murambi, kandi ehe hari umugwi w’abahanuzi bariko baza guhura na we; ako kanya impwemu y’Imana itangura gukorera kuri we+, maze atangura kuvuga bwa muhanuzi+ hagati muri bo.
13 Samweli rero atora rya hembe ry’amavuta+, arayamurobanuza hagati ya bene wabo. Nuko impwemu ya Yehova itangura gukorera kuri Dawidi kuva uyo musi+. Mu nyuma Samweli arahaguruka aja i Rama+.