21 Imbere ya Eleyazari umuherezi ni ho azohagarara, maze uno amusigurize+ biciye ku rubanza rwa Urimu*+, imbere ya Yehova. Kw’itegeko ryiwe bazosohoka, kw’itegeko ryiwe binjire, we na bene Isirayeli bose bari kumwe na we, n’ikoraniro ryose.”
7 Kuko iminwa y’umuherezi ari yo ikwiye kugumya ubumenyi, itegeko rikaba ari ryo abantu bakwiye kuronderera mu kanwa kiwe+; kuko ari we ntumwa ya Yehova nyen’ingabo+.