17 Amaherezo Sauli abwira Dawidi ati: “Ng’uyu umukobwa wanje mukuru Merabu+. Ni we nzoguha ngo akubere umugore+. Ukire kumbera umuntu w’intwari, urwane intambara za Yehova+.” Mugabo Sauli, we yibwira ati: “Ukuboko kwanje ntikuze kuri we, mugabo ukuboko kw’Abafilisitiya kube ari kwo kuza kuri we+.”