25 Sauli aca avuga ati: “Mubwire Dawidi muti: ‘Umwami ntahimbarwa n’amahera y’inkwano+, ahubwo ahimbarwa n’udushato ijana tw’Abafilisitiya+, kugira yihore+ abansi b’umwami.’” Ariko Sauli yari yateguye umugambi wo kugwisha Dawidi biciye ku kuboko kw’Abafilisitiya.