ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Abacamanza 14:3
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 3 Mugabo se na nyina bamubwira bati: “Mbega mu bakobwa ba bene wanyu no mu gisata canje cose nta mukobwa ariyo+, aho uja gukura umugore mu Bafilisitiya batagenyerewe+?” Ariko Samusoni abwira se ati: “Numunsabire, kuko ari we abereye koko mu maso yanje.”

  • 1 Samweli 17:26
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 26 Dawidi atangura rero kubwira abagabo bari bahagaze hafi yiwe ati: “Umugabo azokwica urya Mufilisitiya+, agakura koko iceyi kuri Isirayeli azogirirwa iki+? Nkako, uyo Mufilisitiya atagenyerewe+ ni nde aho acokora+ abatonze urugamba b’Imana nzima+?”

  • 1 Samweli 17:36
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 36 Umusuku wawe yarishe nya ntambwe na nya dubu; n’uyo Mufilisitiya+ atagenyerewe ntabura kuba nka kimwe muri vyo, kuko yacokoye+ abatonze urugamba+ b’Imana nzima+.”

  • 1 Samweli 21:11
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 11 Maze abasuku ba Akishi bamubwira bati: “Mbega uyo si Dawidi umwami+ wa ca gihugu? Mbega uyo si we baguma bitabira n’intambo+, ngo:

      ‘Sauli yishe ibihumbi,

      Dawidi na we ibihumbi mirongo+’?”

  • 2 Samweli 1:20
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 20 Ntimubivuge i Gati+;

      Ntimubitangaze mu mabarabara y’i Ashikeloni+,

      Kugira ngo abakobwa b’Abafilisitiya ntibanezerwe,

      Kugira ngo abakobwa b’abagabo batagenyerewe ntibigine+.

  • 2 Samweli 3:14
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 14 Vyongeye, Dawidi atuma intumwa kuri Ishi-bosheti+ mwene Sauli, ati: “Mpa umugore wanje Mikali, uwo nirehereje ku dushato* ijana+ tw’Abafilisitiya.”

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika