ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Itanguriro 34:14
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 14 Nuko bababwira bati: “Ntitwoshobora gukora ikintu nk’ico, ngo duhe mushiki wacu umugabo atagenyerewe+, kuko ico ari iceyi kuri twebwe.

  • 1 Samweli 14:6
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 6 Yonatani abwira rero nya musuku, uwumutwaza ibirwanisho, ati: “Ingo tujabuke tuje ku kirindiro c’abo bagabo batagenyerewe+. Kumbure Yehova aragira ico akoze ku bwacu, kuko ata kibuza Yehova gukiza biciye kuri benshi canke kuri bakeyi+.”

  • 1 Samweli 17:26
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 26 Dawidi atangura rero kubwira abagabo bari bahagaze hafi yiwe ati: “Umugabo azokwica urya Mufilisitiya+, agakura koko iceyi kuri Isirayeli azogirirwa iki+? Nkako, uyo Mufilisitiya atagenyerewe+ ni nde aho acokora+ abatonze urugamba b’Imana nzima+?”

  • 1 Samweli 31:4
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 4 Nuko Sauli abwira uwumutwaza ibirwanisho ati: “Sokora inkota yawe+ uyinsogote, kugira ngo abo bagabo batagenyerewe+ ntibaze, ngo bantobekeranye koko, bangirire ivy’agashinyaguro.” Mugabo uwumutwaza ibirwanisho aranka+, kuko yatinye cane. Nuko Sauli afata inkota, ayīsukako+.

  • 2 Samweli 1:20
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 20 Ntimubivuge i Gati+;

      Ntimubitangaze mu mabarabara y’i Ashikeloni+,

      Kugira ngo abakobwa b’Abafilisitiya ntibanezerwe,

      Kugira ngo abakobwa b’abagabo batagenyerewe ntibigine+.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika