ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • 2 Samweli 12:9
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 9 Kubera iki wasuzuguye ijambo rya Yehova mu gukora ikibi+ mu maso yiwe? Uriya Umuheti wamugarikishije inkota+, umugore wiwe na we uramutwara umugira umugore wawe+, nayo Uriya umwicisha inkota ya bene Amoni.

  • Zaburi 51:14
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 14 Nundokore unkize ukwagirwa n’amaraso+, ewe Mana, Mana y’ubukiriro bwanje+,

      Kugira ngo ururimi rwanje ruvugane umunezero ubugororotsi bwawe+.

  • Imigani 3:29
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 29 Nturementanirize mugenzawe ikibi na kimwe+, mu gihe yumva yibereyeho atekanye kumwe nawe+.

  • Imigani 17:13
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 13 Nayo uwo wese yishura iciza ikibi+, ikibi ntikizova ku nzu yiwe+.

  • Zakariya 8:17
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 17 Ntimutegure mu mitima yanyu umugambi wo kugiriranira nabi+, kandi ntimukunde indahiro y’ikinyoma+; kuko ivyo bintu vyose ari vyo nanse+,’ ni ko Yehova avuze.”

  • Mariko 7:21
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 21 kuko imbere mu mutima w’abantu+ ari ho ivyiyumviro bibi bisohoka biva: ubusambanyi+, ukwiba, ubwicanyi+,

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika