ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Gusubira mu vyagezwe 20:1
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 20 “Niwaja ku rugamba kurwana n’abansi bawe maze ukabona amafarasi n’imikogote y’intambara+, abantu benshi kukuruta, ntuze ubatinye; kuko Yehova Imana yawe, uwagukuye mu gihugu ca Misiri+, ari kumwe nawe+.

  • Yosuwa 1:9
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 9 None si jewe ndagutegetse+? Gira umutima rugabo kandi ukomere. Nturanduke umutima canke ngo ucike ivutu+, kuko Yehova Imana yawe azobana nawe aho uzoja hose+.”

  • 1 Samweli 17:24
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 24 Nayo abagabo ba Isirayeli bose, babonye nya mugabo, bacika ivutu barahunga kubera we, baratinya cane+.

  • Zaburi 27:1
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 27 Yehova ni umuco wanje+ n’ubukiriro bwanje+.

      Ni nde nzotinya+?

      Yehova ni we gihome gikomeye c’ubuzima bwanje+.

      Ni nde nzogirira ubwoba+?

  • Yesaya 51:12
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 12 “Jewe—jewe ni je ndabahoza+.

      “Uri nde ngo utinye umuntu buntu azopfa+, n’umwana w’abantu azogirwa nk’ivyatsi bitoto+?

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika