ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • 1 Samweli 20:8
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 8 Uze ugirire ubuntu bwuzuye urukundo umusuku wawe+, kuko umusuku wawe wamwinjije hamwe nawe mw’isezerano+ rya Yehova. Mugabo nimba hari ikosa muri jewe+, nunyiyicire; nakare kubera iki wonshira so wawe?”

  • 1 Samweli 20:42
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 42 Yonatani abandanya kubwira Dawidi ati: “Genda amahoro+, kuko twempi twarahiye+ mw’izina rya Yehova duti: ‘Yehova ubwiwe abe hagati yanje nawe no hagati y’uruvyaro rwanje n’uruvyaro rwawe gushika igihe kitagira urugero+.’”

      Nuko Dawidi arahaguruka aragenda, Yonatani na we asubira mu gisagara.

  • 1 Samweli 23:18
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 18 Maze abo babiri bapfundika isezerano+ imbere ya Yehova; nuko Dawidi abandanya kuba i Horeshi, Yonatani na we aja iwe.

  • 2 Samweli 9:1
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 9 Maze Dawidi avuga ati: “Hari uwoba agisigaye mu nzu ya Sauli ngo ndamugirire ubuntu bwuzuye urukundo+ ku bwa Yonatani+?”

  • 2 Samweli 21:7
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 7 Ariko umwami agirira impuhwe Mefibosheti+ mwene Yonatani, Yonatani wa Sauli, kubera indahiro+ ya Yehova yari hagati yabo, hagati ya Dawidi na Yonatani mwene Sauli.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika