-
2 Samweli 4:4Bibiliya y’isi nshasha
-
-
4 Kandi Yonatani+ mwene Sauli yari afise umuhungu amugaye ibirenge+. Yari afise imyaka itanu igihe inkuru yerekeye Sauli na Yonatani yashika ivuye i Yezireyeli+; umurezi wiwe aramutwara maze arahunga, mugabo igihe yariko ariruka yataye umutwe kugira ngo ahunge, nya muhungu arakoroka, aca aramugara. Yitwa Mefibosheti+.
-
-
2 Samweli 9:10Bibiliya y’isi nshasha
-
-
10 Uze umurimire ubutaka, wewe n’abahungu bawe n’abasuku bawe, kandi uze umwimburire umwimbu, uno uze ubere ibifungurwa abegukira umwuzukuru wa shobuja, na bo baze babirye; mugabo Mefibosheti, umwuzukuru wa shobuja, azokwama arira umukate ku meza yanje+.”
Kandi Ziba yari afise abahungu cumi na batanu n’abasuku mirongo ibiri+.
-