Imigani 11:9 Bibiliya y’isi nshasha 9 Umuhuni, biciye ku kanwa kiwe, akwegera mugenziwe guhona+, mugabo abagororotsi batabarwa n’ubumenyi+. Abaroma 16:18 Bibiliya y’isi nshasha 18 Kuko abantu mwene abo atari abashumba b’Umukama wacu Kristu, ahubwo ni ab’inda zabo bwite+; kandi bakoresha akarimi gasosa+ n’amajambo yo gushimagiza+ bakaryosharyosha imitima y’abantu b’inziraburyarya. 2 Petero 2:3 Bibiliya y’isi nshasha 3 Vyongeye, babigiranye umwina bazobarya imitsi bakoresheje amajambo y’uruhendo+. Mugabo ku biberekeye, urubanza rwo kuva kera+ ntiruriko rurikwega, n’ugutikizwa kwabo ntigusinziriye+.
9 Umuhuni, biciye ku kanwa kiwe, akwegera mugenziwe guhona+, mugabo abagororotsi batabarwa n’ubumenyi+.
18 Kuko abantu mwene abo atari abashumba b’Umukama wacu Kristu, ahubwo ni ab’inda zabo bwite+; kandi bakoresha akarimi gasosa+ n’amajambo yo gushimagiza+ bakaryosharyosha imitima y’abantu b’inziraburyarya.
3 Vyongeye, babigiranye umwina bazobarya imitsi bakoresheje amajambo y’uruhendo+. Mugabo ku biberekeye, urubanza rwo kuva kera+ ntiruriko rurikwega, n’ugutikizwa kwabo ntigusinziriye+.