Gusubira mu vyagezwe 2:30 Bibiliya y’isi nshasha 30 Kandi Sihoni umwami wa Heshiboni ntiyaturetse ngo turengane duciye iwe, kuko Yehova Imana yawe yari yaretse impwemu yiwe igacika intabarirwa+, n’umutima wiwe ukagumarara, kugira amutange mu kuboko kwawe nk’uko biri kuri uyu musi+. 2 Ngoma 10:15 Bibiliya y’isi nshasha 15 Nuko umwami ntiyumviriza abantu; kuko iryo ryari ihinduka ry’ibintu rivuye ku Mana y’ukuri+, kugira ngo Yehova ashitse ijambo ryiwe+ yari yarabwiye Yerobowamu mwene Nebati+ biciye kuri Ahiya+ Umunyashilo+. 2 Ngoma 22:7 Bibiliya y’isi nshasha 7 Mugabo ugutemba kwa Ahaziya kwavuye ku Mana+, igihe yaza kwa Yehoramu; ashitse, asohokana+ na Yehoramu baja kuri Yehu+ umwuzukuru wa Nimushi+, uwo Yehova yari yararobanuje amavuta+ kugira arandure inzu ya Ahabu+. Zaburi 5:10 Bibiliya y’isi nshasha 10 Imana ntizobura kubabona nk’abagirwa n’icaha+;Bazogwa kubera inama zabo bwite+.Mu bigabitanyo vyabo indiri nibashwiragire+,Kuko bakugararije+. Imigani 21:1 Bibiliya y’isi nshasha 21 Umutima w’umwami ni nk’imigezi y’amazi mu kuboko kwa Yehova+. Aho bimuhimbaye hose ni ho awuhindukiriza+. Amosi 3:6 Bibiliya y’isi nshasha 6 Iyo havugijwe inzamba mu gisagara, mbega abantu ntibaca bajugumira+? Iyo hashitse ivyago mu gisagara, mbega Yehova si we none aba akoze ikintu? Abaroma 9:18 Bibiliya y’isi nshasha 18 Nuko rero, uwo ishaka iramugirira imbabazi+, mugabo uwo ishaka iramureka agacika intabarirwa+.
30 Kandi Sihoni umwami wa Heshiboni ntiyaturetse ngo turengane duciye iwe, kuko Yehova Imana yawe yari yaretse impwemu yiwe igacika intabarirwa+, n’umutima wiwe ukagumarara, kugira amutange mu kuboko kwawe nk’uko biri kuri uyu musi+.
15 Nuko umwami ntiyumviriza abantu; kuko iryo ryari ihinduka ry’ibintu rivuye ku Mana y’ukuri+, kugira ngo Yehova ashitse ijambo ryiwe+ yari yarabwiye Yerobowamu mwene Nebati+ biciye kuri Ahiya+ Umunyashilo+.
7 Mugabo ugutemba kwa Ahaziya kwavuye ku Mana+, igihe yaza kwa Yehoramu; ashitse, asohokana+ na Yehoramu baja kuri Yehu+ umwuzukuru wa Nimushi+, uwo Yehova yari yararobanuje amavuta+ kugira arandure inzu ya Ahabu+.
10 Imana ntizobura kubabona nk’abagirwa n’icaha+;Bazogwa kubera inama zabo bwite+.Mu bigabitanyo vyabo indiri nibashwiragire+,Kuko bakugararije+.
21 Umutima w’umwami ni nk’imigezi y’amazi mu kuboko kwa Yehova+. Aho bimuhimbaye hose ni ho awuhindukiriza+.
6 Iyo havugijwe inzamba mu gisagara, mbega abantu ntibaca bajugumira+? Iyo hashitse ivyago mu gisagara, mbega Yehova si we none aba akoze ikintu?