ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • 1 Abami 12:30
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 30 Ico kintu kiba imvo y’igicumuro+, maze abantu batangura kuja imbere y’imwe muri zo, gushika i Dani.

  • 1 Abami 16:31
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 31 Nuko, nk’aho kuri we coba cari ikintu gisanzwe cane+ kugendera mu bicumuro vya Yerobowamu+ mwene Nebati, aca yabira+ Yezebeli+ umukobwa wa Etibayali umwami w’Abanyasidoni+, maze aja gukorera Bayali+ no kuyunamira.

  • 2 Abami 3:3
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 3 Mugabo amatana n’ibicumuro vya Yerobowamu+ mwene Nebati, ivyo yacumurishije Isirayeli+. Ntiyabivamwo.

  • 2 Abami 10:31
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 31 Mugabo Yehu ntiyitwararika kugendera mw’itegeko rya Yehova Imana ya Isirayeli n’umutima wiwe wose+. Ntiyakevya ngo ave mu bicumuro vya Yerobowamu, ivyo yacumurishije Isirayeli+.

  • 2 Abami 13:2
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 2 Abandanya gukora ivyari bibi mu maso ya Yehova+, akurikira igicumuro ca Yerobowamu+ mwene Nebati, ico yacumurishije Isirayeli+. Ntiyakevya ngo akivemwo.

  • 2 Abami 17:21
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 21 Kuko yashikuye Isirayeli ku nzu ya Dawidi, maze bimika Yerobowamu+ mwene Nebati aba umwami; nuko Yerobowamu akevya Isirayeli ireka gukurikira Yehova, abacumurisha igicumuro gikomeye+.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika