14 Kandi ata gukeka, Yehova azokwihagurukiriza umwami+ wo kuganza Isirayeli azorandura inzu ya Yerobowamu ku musi wavuzwe; hamwe hoba ubu nyene na ho+?
27 Nuko Bayasha+ mwene Ahiya wo mu nzu ya Isakari atangura kumugīra umugambi mubi; Bayasha amugarikira i Gibetoni+ h’Abafilisitiya, mu gihe Nadabu na Isirayeli yose bari bugarije Gibetoni.