Gusubira mu vyagezwe 17:16 Bibiliya y’isi nshasha 16 Ariko ntaze yiyongerereze amafarasi+, canke ngo atume abantu basubira mu Misiri ku bwo kwongereza amafarasi+ kandi Yehova yababwiye ati: ‘Ntimuze mwongere gusubira inyuma mujanye iyi nzira.’ 2 Samweli 8:4 Bibiliya y’isi nshasha 4 Dawidi amutwara abagendera ku mafarasi igihumbi n’amajana indwi, n’abagabo ibihumbi mirongo ibiri bari ku maguru+; maze Dawidi atangura guca ibitsi+ amafarasi yose y’imikogote+, mugabo asigaza muri yo amafarasi ijana y’imikogote. 1 Abami 10:25 Bibiliya y’isi nshasha 25 Barazana umwe wese ingabirano yiwe+: ibintu vy’ifeza+ n’ibintu vy’inzahabu n’impuzu n’ibirwanisho+ n’amavuta y’umusomozo, amafarasi n’inyumpu+, ivyo bakabwirizwa kubigira buri mwaka+. 2 Ngoma 1:17 Bibiliya y’isi nshasha 17 Kandi bari basanzwe baduga, bagakura mu Misiri umukogote ku bice amajana atandatu vy’ifeza, ifarasi na yo kw’ijana na mirongo itanu; ukwo ni ko vyagenda ku bami bose b’Abaheti n’abami ba Siriya+. Ivyo bintu babikurayo biciye kuri bo.
16 Ariko ntaze yiyongerereze amafarasi+, canke ngo atume abantu basubira mu Misiri ku bwo kwongereza amafarasi+ kandi Yehova yababwiye ati: ‘Ntimuze mwongere gusubira inyuma mujanye iyi nzira.’
4 Dawidi amutwara abagendera ku mafarasi igihumbi n’amajana indwi, n’abagabo ibihumbi mirongo ibiri bari ku maguru+; maze Dawidi atangura guca ibitsi+ amafarasi yose y’imikogote+, mugabo asigaza muri yo amafarasi ijana y’imikogote.
25 Barazana umwe wese ingabirano yiwe+: ibintu vy’ifeza+ n’ibintu vy’inzahabu n’impuzu n’ibirwanisho+ n’amavuta y’umusomozo, amafarasi n’inyumpu+, ivyo bakabwirizwa kubigira buri mwaka+.
17 Kandi bari basanzwe baduga, bagakura mu Misiri umukogote ku bice amajana atandatu vy’ifeza, ifarasi na yo kw’ijana na mirongo itanu; ukwo ni ko vyagenda ku bami bose b’Abaheti n’abami ba Siriya+. Ivyo bintu babikurayo biciye kuri bo.