Gusubira mu vyagezwe 20:1 Bibiliya y’isi nshasha 20 “Niwaja ku rugamba kurwana n’abansi bawe maze ukabona amafarasi n’imikogote y’intambara+, abantu benshi kukuruta, ntuze ubatinye; kuko Yehova Imana yawe, uwagukuye mu gihugu ca Misiri+, ari kumwe nawe+. 2 Samweli 8:4 Bibiliya y’isi nshasha 4 Dawidi amutwara abagendera ku mafarasi igihumbi n’amajana indwi, n’abagabo ibihumbi mirongo ibiri bari ku maguru+; maze Dawidi atangura guca ibitsi+ amafarasi yose y’imikogote+, mugabo asigaza muri yo amafarasi ijana y’imikogote. Zaburi 20:7 Bibiliya y’isi nshasha 7 Bamwe bavuga ivyerekeye imikogote abandi ivyerekeye amafarasi+,Ariko tweho ivyerekeye izina rya Yehova Imana yacu ni vyo tuzovuga+. Imigani 21:31 Bibiliya y’isi nshasha 31 Ifarasi ni ikintu categuriwe umusi w’urugamba+, mugabo ubukiriro ni ubwa Yehova+.
20 “Niwaja ku rugamba kurwana n’abansi bawe maze ukabona amafarasi n’imikogote y’intambara+, abantu benshi kukuruta, ntuze ubatinye; kuko Yehova Imana yawe, uwagukuye mu gihugu ca Misiri+, ari kumwe nawe+.
4 Dawidi amutwara abagendera ku mafarasi igihumbi n’amajana indwi, n’abagabo ibihumbi mirongo ibiri bari ku maguru+; maze Dawidi atangura guca ibitsi+ amafarasi yose y’imikogote+, mugabo asigaza muri yo amafarasi ijana y’imikogote.
7 Bamwe bavuga ivyerekeye imikogote abandi ivyerekeye amafarasi+,Ariko tweho ivyerekeye izina rya Yehova Imana yacu ni vyo tuzovuga+.