24 Nuko yirukana nya muntu maze ashira mu buseruko bw’uwo murima wa Edeni+ abakerubi*+ be n’icuma c’inkota caka urubeya caguma cizunguriza, ku bwo kurinda inzira ija kuri ca giti c’ubuzima.
15 Nuko Hezekiya atangura gusengera+ imbere ya Yehova ati: “Ewe Yehova Mana ya Isirayeli+, wewe wicaye ku bakerubi*+, ni wewe wenyene uri Imana y’ukuri y’ubwami+ bwose bw’isi+. Ni wewe wakoze amajuru+ n’isi+.